Abarundi basabwa gutsinda ubwoba, guhaguruka hamwe no kuvuga ukuri. Ivyo vyashikirijwe na Thierry Habonimana arongoye umugambwe MSD mugihugu c’ububirigi.
Mu myiyerekano yabaye kuri uyu wa gatandatu i Buruseri mu gihugu c’ububirigi ku cicaro gikuru c’umuryango w’ubumwe bwa buraya, mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi n’ayandi mabi akorwa n’intwaro ya Evariste Ndayishimiye, haravugiwe amajambo y’imirwi itandukanye. Thierry Habonimana arongoye umugambwe MSD murico gihugu, igihe yafata ijambo yabanje gusigura ibitari bike basaba leta y’uburundi ari navyo ngo vyari vyatumye batunganya iyo myiyerekano bifatanije n’abandi barundi.
Mu gusozera ijambo ryiwe ryari mu rurimi rw’ifarasa, yaraboneyeho n’akaryo ko kuvuga mu rurimi rw’ikirundi ayandi majambo akomeye cane aho yagize ati : Abarundi dutsinde ubwoba, Abarundi tuvuge ukuri. Imiriyoni z’abantu mu Burundi ziri mu bukene butagira izina, abantu barapfa ku murango ntihagire umuntu avuga, n’idutsinde ubwoba niduhaguruke kandi tuvuge ukuri. Uno musi bariba urukomba amazi umurundi abantu ntibavuge, abantu baricwa abantu bakaguma mu gacerere katagira izina, ibi bintu tubirwanye. Mfashe aka karyo kugira ngo nshimire mwebwe mwatsinze ubwoba kugira ngo muvugire Abarundi imiriyoni badafise aho bavugira. Mukomere kuri runo rugamba kandi igihugu cacu kizokwogorora.
N'umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, yararose akanya ko gushikiriza ijambo. Igihe yafata ijambo akaba yabwiye abaraho ati : Twaje rero kugira ngo dushikirize ubutumwa isi yose, tubushikirize ubwo butumwa tuvuga yuko igihugu c’uburundi kitarongowe nk’ibindi bihugu vyo kwisi. Tubwire uburundi n’amakungu yuko Evariste Ndayishimiye atari umukuru w’igihugu nk’abandi.
Ati igituma atari umukuru w’igihugu nk’abandi, ati nuko Evariste Ndayishimiye aho gukora ico abarundi benshi bari bamwitezeko, nkuko mwabikwirikiye igihe y’imikwa muri 2020 aho benshi bagira bati ngira ngo tugiye kwirutsa, kumbe azohagarika ubwicanyi, kumbe azohagarika abasuma n'abanyonyezi, ahubwo yaje gusasira indava ikibi.
Ati ndibuka agiye mu nama nkiyo bahura n’abandi bakuru bibihugu, bamubajije ibiba mu burundi, bati mbega ibiba mu burundi ubivuga ko iki ? yararahiye ararengwa yuko atazina canke umunyagihugu umwe, yanyurujwe canke yaborejwe igufa. Uno musi rero twaje twitwaje amasanamu yabacu, barumuna bacu, bashiki bacu, abakenyezi canke abacance bacu batwawe bakagenda amazimayongo bikozwe n’inzego z’igihugu.
Ati twaje kwibutsa Evariste Ndayishimiye, yuko tuzoguma tumwishuza we co kimwe nabo bari kumwe tubabaza iyo bashize abacu, kugeza bazotebe babitubwire.
Nayo Frederic Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’uburundi, muri kino gihe arongoye urunani rw’imigambwe iharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, nawe nyene yari mu bitabiriye iyo myiyerekano, afashe ijambo yamenyesheje abaraho mu majambo yiwe agira ati : Jewe nashaka mvuge icese ko nta murundi yigeze yanka ko CNDD-FDD itwara, nta murundi yigeze yiyumvira ko abo bantu data wanje ngo ari babi, ico twanka tukankiriza n’ntwaro mbi yabo.
Yabandanije avuga ati ; Ico twari tubitezeko, sico twaronse, twari tubitezeko barwanira agateka ka zina muntu nkuko Perezida Ndadaye biyitirira yakarwanira yakavuga. Twari tubitezeko bashira abarundi hamwe, twari tubitezeko barwanira agateka ka barya bahutu birirwa barabesha ko bariko barwanira naho ni ukubahenda. Ati twari twitezeko bashira uburundi kumwe n’ayandi makungu ati tugaheza tukitwa abantu maze tukava mu bukene tugaheza tukaja mu kunezerwa, atariko uyu musi aho tugeze ati twitwa igihugu canyuma muri vyose. Ati murumva ko biteye agahinda.
Yabandanije amenyesha ko base intwaro intwaro atakindi irwanira atari ukuzuza imifuko, atari ukuzuza inyaga maze abandi ukamenga ntibabaho. Ati turase intwaro ishimikira kumugambwe umwe maze iyindi migambwe ukamenga ntagaciro ifise. Ati turase intwaro yica abarundi benewabo, intwaro yica abasirikare, intwaro yica abanyagihugu ataco bazira ngo nuko batavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi.
Ati twagira dusabe rero ati namba umukuru w’igihugu avyumva ategereko atakindi tumusaba, navuge ati ko ndahari reka ivyo banyibazako ndabirengere nshire abarundi hamwe.
Mwomenyako icagaragaye ku bantu bari bitavye iyo myiyerekano ko bari baje bitwaje amafoto y’abarundi banyurujwe n’inzego z’igihugu bongera bitwaza n’ivyandiko bivuga ko ubuzima bw’umurundi bufise agaciro bakoresheje ivyivugo vy’indimi zitandukanye, nk’icongereza n’igifarasa. Muvyari kurivyo vyandiko bari bitwaje, basavye kandi ifutwa ry’imanza zitagira ifatiro zaciriwe abarongoye imigambwe, ibimenyeshamakuru hamwe n’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya politike.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.