Imvo nyamukuru zatumye Abarundi baba ku mugabane wa Bulaya batunganya imyiyerekano, ziri mw’ijambo ryashikirijwe n’uwurongoye umugambwe MSD mu gihugu c’ububirigi Thierry Habonimana.
Yatanguye ati: Barundi, barundikazi, ncuti z'uburundi, ndabashimiye ko mwashoboye kuza muri benshi gushigikira iyi myiyerekano. Ati igihuhusi nticabujije ko tuza hano, kugira ngo tuvuge ibitubabaje vyerekeye amabi abarundi babayemwo, amabi akorwa n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
Ati n'ikimenyetso c'ishaka co kwereka amakungu ko abarundi bakanura. Abarundi ntibazokwigera banuma na rimwe kwihungabanywa ry'ikivunga ry'uburenganzira bwabo. Nta gihuhusi, nta ruzuba, nta na kimwe kizobabuza guhaguruka nk'umugabo umwe kugira basabe uburenganzira bwabo cane cane kubaho mu gateka kabo.
Thierry Habonimana ati nimba Evariste Ndayishimiye ariko aratwumva uyu musi, kandi nimba yitwararitse vy'ukuri ubuzima bw'imiriyoni n'imiriyoni z'abarundi hamwe na kazoza k'igihugu ciwe, natwereke ko afise ishaka ryo gutorera burundu umuti ingorane zihanze igihugu.
Yabandanije avugako ku bibaza ko ibintu vyahindutse canke ko biriko birahinduka kuva Varisito Ndayishimiye afashe ubutegetsi, ntimwihende. Ibiharuro vyo nyene biravyivugira kandi nta kimenyetso na kimwe kiratwereka ibihushane. Amabi akorerwa abantu benshi n'ukuvuga ubwicanyi, inyuruzwa ry'abantu, ihohoterwa, ifatwa ku nguvu ry'abakenyezi n'abigeme, abanyororo baturirwa, impunzi zigorewe mu makambi yo mu bihugu vyegeranye n'uburundi.
Uwo arongoye Umugambwe MSD mu Bubirigi, at’ayo mabi yose akorwa n'abapolisi, abasirikare, umugwi w'inkorabara w'imbonerakure hamwe n'abakozi b'urwego rw'iperereza ruhabwa amategeko n'ibiro vy'umukuru w'igihugu, ivyo vyose bikaba bikorwa bose barorera.
Akaba yaribukije ivyegeranyo mukuvuga ati murashobora kwisomera raporo yanyuma y'umuhari Iteka, ibihumbi n'ibihumbi vy'abarundi baramaze kwicwa kuva Varisito Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi, Hari n'ayandi mabi aguma akorerwa abanyagihugu.
Kubwa Thierry ati nta butungane buhari mu gihugu, bukoreshwa n'umugambwe CNDD-FDD, bwahindutse ikirwanisho co gucinyiza uwutavuga rumwe wese na CNDD-FDD canke uwiketswe kwari we. Uwiketswe wese aba apfuye, ukudahana ivyaha vyabaye umugenzo mu Burundi, ibimenyeshamakuru vyigenga vyaraturiwe, birabuzwa gukora, amaradiyo mpuzamakungu yarahagaritswe, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yarafuswe, imigambwe irahagarikwa, imanza za ngondagonde zaraciriwe abanyepolitike hamwe n'abaharanira agateka ka zina muntu.
Akaba yaheraheje iryo jambo ryiwe amenyesha ko basaba Varisito Ndayishimiye guhindura ivyo vyose vya kahisek'igihugu, abanyagihugu barababajwe cane, n'ubu bakibabazwa, ivyo vyose bitegerezwa guhagarara. Umuperezida ntashobora kuguma mu gacerere imbere y'imibabaro y'abanyagihugu. Natwarire bose atanguze ibiganiro bihurikiyemwo bose.
Inkuru yanditswe na Nancy Ninette Mutoni.