Umuhari Red-Tabara wasohoye itangazo aho unegura ingendo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yo kwifatira mu gahanga no gusuzugura abarundi bagize mu bubiligi imyiyerekano biyamiriza ubwicanyi n'ibindi bibi bikorwa n'intwaro yiwe.
Nkuko tubisoma muriryo tangazo ry’umuhari Red-Tabara, batangura bavugako Mu gihe yari atashe avuye i Bruxelles mu gihugu c'ubu biligi Aho yari yagiye mu nama ihuza ibihugu bigize ubumwe bwa buraya hamwe nibigize ubumwe bwa Afrika yabaye ku ma genekerezo ya 17 na 18 Ruhuhuma uno mwaka, ngo Evariste Ndayishimiye yarifatiye mu Gahanga n'iterabwoba ryinshi hamwe n'agasusuguro abarundi bagize imyiyerekano biyamiriza ubwicanyi n'ibindi bibi vyinshi bikorwa n'intwaro yiwe itemewe ngo kandi idaciye mu mategeko ngo kubera umugambwe CNDD-FDD wahonyanze mu mwaka wa 2015 amasezerano ya Arusha kandi wivye amatora muri 2010 na 2020. Ikindi ngo n'uko kuva Ndayishimiye ashitse ku butegetsi ata kintu na kimwe cigeze gihinduka ku mabi abarundi badasiba gukorerwa ku ntwaro y'umugambwe CNDD-FDD.
Muriryo tangazo rya Red-Tabara bakagira bati, Ibihumbi n'ibihumbi vy'abarundi Barishwe, abandi baranyurujwe baburigwa irengero, amajana n'amajana y'abakenyezi n'abigeme barafashwe Ku nguvu. Bati ubwo bwicanyi burenze urugero, butohojwe neza, bukorwa n'urwego rw'igendereza n'umurwi w'inkorabara w'urwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD Imbonerakure, ngo amategeko yabo akaba ava hejuru ku rwego rw'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye.
Umuhari Red-Tabra, ubandanya uvugako Evariste Ndayishimiye ngo yagirije kandi abagize imyiyerekano kuba bifadikanije n'umuhari Red-Tabara asanzwe afata ko ukorana n'imirwi y'iterabwoba mu karere. Ngaha Red-Tabara ikavugako ikibazo umubeshi agira ngo ar'uko iherezo ryiwe we nyene yibeshera. Ngo nta murundi n'umwe, ngo nta shirahamwe na rimwe mpuzamakungu rikura inyungu mu guhendwa, ryokwiyobagiza canke rikirengagiza ko intwaro ya CNDD-FDD uyu musi ariyo iriko irahungabanya akarere uburundi buherereyemwo. Icerekana ko intwaro ya CNDD-FDD ariyo ihungabanya umutekano mu karere umuhari Red-Tabra ugisigura uvuga ko babiri mu ndongozi z' Umuhari w'iterabwoba ADF, baherutse guhagarikwa , umwe yaravuye mu Burundi uwundi nawe yariko arajayo, interahamwe n'abandi ngo birirwa barakoresha ubutaka bw'uburundi n'ivya ngombwa vy'uburundi mu bikorwa vy'iterabwoba. Ikindi kivyerekana ngo n' iyinjira mu kinyegero rya misi yose ry'abari mu nzego ziperereza mu gihugu ca tanzaniya kugira birukanishe impunzi barenze amategeko n'amasezerano mpuzamakungu hamwe no kwinjira ikivunga kw'ingabo z'uburundi mu karere ka Kivu yubumanuko.
Muriryo tangazo ryateweko umukono na Patrick Nahimana umuvugizi wabasirikare bari kurugamba, bavuga ko Red-Tabara ihamagarira abarundi Bose kutajugumira no kudaterwa ubwoba n'iterabwoba rya misi yose rya Evariste Ndayishimiye. Bakavugako basaba ko haba ibiganiro bidakumira vyobera mu gihugu cigenga hamwe n'umuhuza afise ijunja n'ijambo Kandi yumvikanyweko, ngo bigaheza bigakorwa mu ntumbero yo kugaruka ku masezerano ya Arusha no gusubizaho icizere cotuma haba amatora yizewe kandi arimwo umuco n'ituze. Bakaba barangiza iryo tangazo ryabo bamenyesha ko ngo bafashe umuheto kugira barwanye iterabwoba rya CNDD-FDD yica abanyagihugu babo, ngo igahungabanya n’akarere kabo. Ngo nta murundi n'umwe yoba sindabibazwa muri urwo rugamba rw'iteka n'intsinzi kugira igihugu kibohoke.
Inkuru yanditswe na Mberamihigo Jean Marie.