Iradio Haguruka la voix de la Révolution yaraye ihimbaje isabukuru y’imyaka ibiri imaze itanguye gukora umusi kuwundi.
Kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 18 Ntwarante 2022, niho Radio Haguruka la voix de la Révolution yuzuza imyaka ibiri isamirana. Uruganda rwayo tukaba twarabatunganirije twongera turabashikiriza amakuru adasanzwe muguhimbaza iyo sabukuru yayo ya kabiri.
Nkuko Abarundi mubizi, kuva mu mwaka wa 2015, umugambwe CNDD-FDD warafashe ingingo yo gusenyura amasezerano ya Arusha, muguha ikindi kiringo kigira gatatu Petero Nkurunziza kandi ibwirizwa shingiro ryari rihari ritabimurekurira, abarundi isinzi barahagurutse bariyamiriza iryo honyangwa ry'amategeko.
Yamara abategetsi ba CNDD-FDD baciye bakoresha inguvu birengagiza amategeko, birara mu banyagihugu bakoresheje igipolisi, imbonerakure n'igendereza eka na bamwe mu ntwaramiheto z'igihugu. Abanyagihugu batari bake barapfuye, abandi barapfungwa, abandi nabo barata barahunga igihugu kuko bariko barahigwa n'ubutegetsi bw' igitugu bwa CNDD-FDD.
Abasirikare bamwe baragerageje gusubiza mu buryo ibintu vyasa n'ivyananiranye ariko nta mahigwe bagize yo kubishikako. Amaradiyo yigenga atari make yaciye aturigwa n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwitwaje ko ariko akorana n'abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Petero Nkurunziza.
Ayo maradiyo kuko atakorera ku gitsure c' ubutegetsi, abamenyeshamakuru bayo baciye bomoka kuko bariko barahigwa. Gutyo uburenganzira bw' abanyagihugu bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo biba binigiwe mu menshi.
Muri ico gihe kitoroshe rero, niho Radio Haguruka la voix de la Révolution yavutse kuwa 18 Ntwarante 2020 mu ntumbero yo kuguma yibutsa abarundi ko badakwiye kugira ubwoba imbere y'ubutegetsi bw'igikenye buba bushaka kubambura uburenganzira bwabo kugira bagume babuharanira.
Mu makuru adasanzwe yashikirijwe mu guhimbaza iyo sabukuru y’imyaka ibiri, imigwi itandukanye y'abarundi yaragize ico ishikiriza kuco Radio Haguruka la voix de la Révolution imariye igihugu n'abanyagihugu. Bakaba baragize nico basaba abumviriza ibiganiro bose bica kuri Radio Haguruka la voix de la Révolution nkuko muvyiyumvira.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.