Mu matohoza Radio Haguruka iriko iragira ku bapfungwa bahiriye mw’ibohero rikuru ry’igitega, umwidondoro w'abagera kw'153 uramaze kuboneka.
Kuva ibohero rikuru rya Gitega risha rigatotokombera, hari kw’igenekerezo rya 07 Kigarama 2021, gushika n’ubu ntiharashirwa ahabona abadometse umuriro waturiye iryo bohero. Igipfungu kikaba ari cinshi ku bitigiri vy'abapfungwa baguye muri iryo bohero bahitanywe n'uwo muriro.
Abategetsi batandukanye, kuva ku mukuru w’igihugu, bagumye basya batazambaye mu gutangaza ibitigiri binyuranye cane n'ivy'abapfungwa bahiriye mw'ibohero. Eka n'imvugo zabo zagaragayemwo ibihushanye n'ukuri.
Ibohero rigisha, icegera c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abapfungwa baguye muri iryo bohero ari 38, mu nyuma umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko abaguye muri ryo bagera kuri 46. Ivyo vyose akaba ataho bihuriye n'ibitigiri vy'abapfungwa nyezina bahatikiriye.
Inyuma yaho, bamwe mu bafise ababo bari bapfungiwe muri iryo bohero ntako batagize ngo baronswe ibiziga vy'ababo kugira ngo babihambane iteka ariko abatari bake bafashwe nk'abasazi abandi barajuragizwa. Aho ni nk'umusi iryo bohero risha aho bamwe babwirwa ko bogenda kw’itongo ry'abapfuye ry’i Songa ko ariho bagiye kubashingura yamara baraharindirira barahebura.
N'aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye wewe yemeza ko abapfiriye muri iryo bohero ngo bashinguranywe iteka, ko mbere n'igisabisho cavuzwe co kubahereza Imana, gushika n’ubu bene abantu bobo baracafise igisebe, intuntu, akabonge ko kuba batarashobora kuronswa ababo baguye muri iryo bohero. Eka mbere n’iyo bagiye kubaza hari ababwirwa ko ababo bungururijwe mu yandi mabohero yamara ntibabwirwe ayo mabohero bungururirjwemwo ayo ariyo. Bakibaza ababo iyo baroye gushika n’uyu musi bagahebura.
Iradiyo yanyu Haguruka ifatiye ku mubabaro, agahinda n' ibisebe bifiswe n'ababuze ababo, imaze igihe iriko iragira amatohoza kugira ngo igerageze kumenya amazina n’ibitigiri nyavyo vy'abaguye muri iryo bohero. Tukaba dufise intumbero yo gushira ahabona amazina y’abo twashoboye kuronka bapfuye kugira ngo bene abantu bumvise ayo mazina bashobore kuzeruka bamenye ko ababo batakiriho. Muri ayo matohoza turiko turagira, tukaba tumaze kuronka umwidondoro w'abagera kw'153 batakiriho baguye mw' ibohero rikuru rya Gitega.
Ikindi twashoboye kumenya muri ayo matohoza twagize ni uko hari abanyagihugu bari bapfungiwe muri imwe mu nzu ihora ipfungirwamwo abafashwe n’ipepereza ryo mu ntara ya Gitega, nabo nyene baciye bagandagurwa mw’ijoro ry’uwo musi hazindutse hasha ibohero rya Gitega. Nabo nyene bakaba baciye baja guhambanwa n'abahitanywe n'uwo muriro.
Muri kino gice cambere c'amatohoza tumaze kugira, aya ni amazina tumaze kuronka y’abo banyororo bapfuye hamwe n’ivyumba bari basanzwe babamwo imbere y’uko bitaba Imana.
Abapfungwa bahiriye mu cumba inomero imwe (1).
- IRAMPAYE Jérémie
- NIBITANGA Donatien
3.NUBUSA Pie
- NDIMUBANDI Oscar Alias NTIBAKIMPAMVYA
- HAKIZIMANA Célestin
- MUJOKA RWEMERA Éric
- HARERIMANA Vincent
- NDIHOKUBWAYO Aimable
- NKUNDABAHIZI Raphaël
- NKURUNZIZA Landry
- NGENDAKUMANA Pierre Claver
- NDIHOKUBWAYO Alexis
- BIRIHANYUMA Alphonse
- NSHIMIRIMANA Etienne
- MBAZUMUTIMA Janvier
- NZAMBIMANA Ernest
- NDARUHEKEYE Jo Rachée
- NKURUNZIZA Éric
- MANIRAKIZA Éric
- NTAKARUTIMANA Asolcalin
- MANIRAKIZA Clovis
- MANIRAKIZA Leonard
- NZIGO Sébastien
- NDAYISENGA Dieudonné
- NIBIZI Florien
- NTAKARUTIMANA Emile
- BIGIRIMANA Richard
- Nduwimana Egide
- NTAHOBARI Vincent
- NDACAYISABA Saidon
- NZIGAMIYIMANA Claude
- MANISHIMWE Mathias Pascal
- NIYONKURU Tharacisse
- MANIRAKIZA Egide
- NIMBONA Célestin
- NYAWENDA
Abapfungwa bahiriye mu cumba inomero z’ibiri (2)
- NYANDWI Elvis
- MUNYANKINDI Cornelle
- NDAYIZEYE Martin (Nshimirimana)
- DOGOMBA Jonas
- BANKUNGUKA Onesphore
- MVUYEKURE Benoit
- KANTEZE ANDRÉ
- NDAYISENGA Philibert
- HATUNGIMANA Nicolas
- NTAWUMURONDERA Clovis
- NSHIMIRIMANA Déo
- NDABARESHIMANA Ezéchiel
- NIZEYIMANA J. Marie
- MANIRAMBONA Evariste
- BIZIMANA Juvénal
- NDUWARUGIRA Isaac
- NDAYIKEJE Claver
- RUGAMBA Arnaud
- NIYONZIMA Alexis
- NDAYISHIMIYE Jean Jacque
- NIMBONA Serge
- NSENGIYUMVA Éric
- Nzikwirinda Gabriel
- NSHIMIRIMANA Protais
- NSHIMIRIMANA Célestin
- NSHIMIRIMANA Gode
- NDUWIMANA Désiré
- NDUWIMANA Ernest
Abapfungwa bahiriye mu cumba inomero z’ine (4).
- AKIMANA Célestin
- IRANKEJE Vianney
- NKUNDABAGENZI Philbert
- NSANZAMAHORO David
- NDIHOKUBWAYO Joseph
- NKURUNZIZA Lucien
- MUHUTU Prudent
- HAKIZIMANA Philippe
- NKUNZIMANA Salvator
- NKURIKIYE Leonard
- NKESHIMANA Adelin
- NSHIMIRIMANA Willy
- NDAYISENGA Audace
- NSHIMIRIMANA Éric
- NKURUNZIZA KIKI
- BONNE Année Berchmas
- NDIHOKUBWAYO Thierry
- MANIRAKIZA Abdoul
- HAJIMBERE Jean Claude
- CUBWA Joël
- IRANKUNDA Emery
- NDAGIJIMANA Olivier
- JANGWA Prosper
- NDUWAYO Issa
- NZEYIMANA Pascal
- NTIDENDEREZA Firmin
- NDIHOKUBWAYO Arcade
- NDEREYIMANA Pacifique
- NSHIMIRIMANA Fulgence
- NDIKUMANA Tharcisse
- HATUNGIMANA Jean Claude
- NIYORAGIRA Vianney
- NIZIGIYIMANA Floribert
- RIVUZIMANA Aron
- NSABIMANA Guylain
- BIGIRIMANA Jérôme
- NZOBIRINDA Édouard
- NIYONZIMA Ezéchiel
- NDARUBAGIYE Gabriel
- YAMUREMYE Aboubakar
- NIJIMBERE Willy
- NTAKARUTIMANA Silas
- NDAYIZEYE Etienne
- KATIHABWA Mathias
- MANIRAKIZA Dieudonné
- NDORIMANA Joe
- IRAKOZE Désiré
- MBAZUMUTIMA Jules
46.SINDAKIRA Salvator
- NDUWABIKE Joël
- NTIRABANGIRA Liboire
- NSABIMANA Fidel
Abapfungwa bahiriye mu cumba inomero z’itanu (5).
- NDUWAYEZU J Bosco
- KAJEBURUNDI Joseph
3.NDAYISHIMIYE Gerard
- MANIRAKIZA Beda
- NSENGIYUMVA Thierry
- NDABANENZE Jean Claude
- BARASINGIZA Vianney
- NDAGIJIMANA Augustin
- BIGIRIMANA Jean Claude
- NDAYISHIMIYE Mathieu
11.NYAKATSI Désiré
- MINANI Joseph
- NTAHONDEREYE Bosco
- NIYONIZIGIYE Dismas
- MANIRAKIZA Venant
- NDUWIMANA Pascal
- NKORERIMANA Edmond
- IRAKOZE Philémon
19.BIGIRIMANA Charles
- NYANZIRA Leonard
- MUNEZERO Richard
- NDAYISHIMIYE Désiré
- NGENDAKUMANA Benjamin
- NGABIRANO Fabrice
- NIYIRAGIRA Godefroid
- NIJIMBERE Arthémon
- YAPOPO Jean Marie
- NTIRENGANYA Désiré
- NTAKARUTIMANA Vianney
- NDUWIMANA Fulgence
- NDAYIZEYE Martin
- Anicet
- NIRANZI Élie
- NYAWENDA Salvator
- BAVUGUBUSA Evariste
- NDIKUMANA Gervais
Inyuma yaho mu gice kizokwirikira tukazoca tubabwira umwe wese muri abo bapfuye ico yari apfungiwe n’aho urubanza rwiwe rwari rugeze hamwe n'ibindi vyerekeye iyo baturuka.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.