Bavuga ko kwikorera igiti c’umusaraba mw’ishengero ry’abantu, atarico kizotuma ahinduka umuntu w’imana, aho n’inyuma yaho baboneye Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu y’ikoreye Umusaraba.
Umukuru w’igihugu c’uburundi, Evariste Ndayishimiye, yarabonetse yikoreye umusaraba ari kumwe n’umuryango wiwe bifadikanije n’abakristu bo mw’ishengero rya Gatolika ryo mu Magarama kuri uyu wa Gatanu Mweranda, umusi abemera Yezu Kristu bi Buka umusi yapfa abambwe ku musaraba.
Nimboneka rimwe kandi vyatangaje abanyagihugu babibonye, eka mbere bamwe bariko barabibonamwo gupfunga ikiwani kugira ngo abarundi bahave bihenda ko boba bafise umukuru w’igihugu yubaha Imana. Ivyo n’ibiriko biravurwa n’abanyagihugu inyuma yaho baboneye Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu arwana n’ibiti bibiri vy’imikaratusi binini binini vyateranijwemwo umusabara, ari kumwe n'abakristu ba Paruwasi Magarama.
Ivyo vyatangaje abo banyagihugu, vyabonekeye mu masengesho yabereye ku murwa mukuru wa Politike hariya mu ntara ya Gitega mu gisagara ca Gitega muri karitiye ya Magarama, ahasanzwe hari ishengero rya Ekereziya Katolika muri Paruwasi ya Magarama nyene. Hakaba hari mu rugendo rw'inzira y'umusaraba yabaye kuri uwu wa gatanu mweranda, umusi abemera Yezu Kristu bibuka umusi yapfa abambwe ku musaraba. Urwo rugendo rukaba rwatanguriye muri karitiye ya Musave rubandaniriza kw'isengero ryitiriwe Umweranda François d'Assise riri muri karitiye ya Magarama.
Naho aribwo bwa mbere mu Burundi abo banyagihugu babona umukuru w’igihugu c’uburundi yikorera igiti c’umusaraba nk’ico babonye Evariste Ndayishimiye yari yikoreye ku rutugu. Abo banyagihugu bavuga ko uwo mutegetsi ngo yitiranije umusaraba ategerezwa kwikorera n’uwo babonye yikoreye. Bati umusaraba Imana yari yarahaye Evariste Ndayishimiye ngo vyari ibibazo bimaze imyaka vyugarije abarundi kandi vyatewe n’umugambwe wiwe CNDD-FDD, ngo ariko bariko barahebura ko atavyo ashoboye gutorera inyishu.
Nkuko twabibwiwe na bamwe mu banyagihugu, ngo bimwe murivyo bibazo, n’ ukunywanisha abarundi bamaze imyaka baracanishijwemwo n’intwaro zihitiye harimwo niya CNDD-FDD , ugutunganya ibiganiro vyari gutuma ata murundi n’umwe asubira kubandanya agorewe mu buhungiro, kwari ukureka abarundi bakishira bakizana mu babo no vyabo hadasigaye inyuma kureka abarundi bakaja mu migambwe bashaka, gufungura abanyororo bapfungiwe ivya politike bose ata numwe asigaye apfunzwe, hamwe rero no gutsimbataza ubumwe n’iterambere ridakumira ngo hatarabwe umugambwe canke ikindi kintu. Ivyo vyose ngo mu gihe yobikora ngo azoba ahejeje kwikorera umusalaba wiwe nkuko babitubwiye. Nayo ibisigaye ngo n’ikiwani co kurondera guhuma amaso abarundi n’amakungu.
Yanditswe na Jeannette KAMIKAZI.