Commissaire Communal Nimunona Isaac wa Commune Butaganzwa, hamwe na Ndimurwanko Elias arongoye Imbonerakure zo ku mutumba Gasasa zone Muriza mu ntara ya Ruyigi baragirizwa kuzimanganya abanyagihugu babiri Niyonsaba Daniel na Bizimana Méthode.
Abo bashingantahe bose uko ari babiri, bafashwe kumusi wa kabiri igenekerezo rya 29 Ntwarante umwaka wa 2022, bakaba bafatiwe ku mutumba Gasasa, zone Muriza, commune Butaganzwa muntara ya Ruyigi. Nk'uko tubikesha isoko ryacu kuri uyo mutumba, igiporisi kiri kumwe n’Imbonerakure bazindutse bugarije imihana ya Niyonsaba Daniel na Bizimana Méthode, bakaba bari barongowe na Commissaire Communal Nimubona Isaac.
Bikavurwa ko bamaze gushika kuriyo mihana, Commissaire Communal Nimubona Isaac ari nawe yari ararongoye ico gitero, ngo yaciye ategeka aba porisi biwe gushorera abo bagabo uko ari babiri, imiryango yabo nayo ica ibwirwako abo batwawe ngo bari ibisuma vyibisha inkoho, ko rero bagiye gufungwa. Mubari murico gitero kandi, harabonetsemwo n’umukuru w’Imbonerakure zo kuri uwo mutumba azwi ku mazina ya Ndimurwanko Elias. Uyo nawe akaba yarakoranye cane na Commissaire Communal Nimubona Isaac mu gukora ico kigorwa.
Nkuko ayo makuru dufise abandanya abivuga, murako kanya nyene abo bashingantahe uko ari babiri (2) ngo baciye batangura gukubagurwa bidasanzwe, bakubitwa buyoka ngo n’ibavuge iyo bashize inkoho bahora bakoresha mukwiba, nabo bakaguma bavugako bariko bazira ubusa, kw’ivyo bagirizwa bitarivyo.
Bukeye bwaho kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante 2022, imiryango ya Niyonsaba Daniel na Bizimana Méthode, yarahavuye irakorana, hanyuma ifata ingingo yo kuja kubaza ababo mugi porisi. Niko gushika ku giporisi baraheza barabaza ababo aho bari, igipolisi kikaba cabishuyeko batwawe ku murwa mukuru w'intara ya Ruyigi. Iyo miryango ya Daniel na Méthode ntiyatevye, baciye banyaragasa barishikira aho ku murwa mukuru w'intara ya Ruyigi, baraheza bararondeza mu busho bwose bahereye mw’ibohero rikuru ryaho mu Ruyigi, ariko barabura niko gutaha bihebuye.
Gushika ubu rero, izo ncunti n’abaryango ba Daniel na Méthode bahagaritswe ku musi wa Kabiri igenekerezo rya 29 Ntwarante umwaka wa 2022, bakaba bari mu mw’iheburo wababo kuko gushika ubu bataziko boba bakiri kwisi yabazima canke ko boba baramaze kugandagurwa. Bagasaba kubwirwa ababo aho bari, nimba barishwe nahonyene babimenye.
Abanyagihugu nabo bumvise ako kabi kabishe kifatwa rya Niyonsaba Daniel na Bizimana Méthode, ngo ntibatahura igituma Commissaire Communal Nimunona Isaac wa Commune Butaganzwa, atarahagarikwa kugira ngo abazwe iyo abo banyagihugu bashizwe. Kubwabo bakabonako kuba atarahagarikwa, aricemezo simusiga ko intwaro ya CNDD-FDD yamaze guhitamwo gusesa amaraso ya banyagihugu b’inzirakarengane.
Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.