• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abarongoye umugambwe CNDD-FDD ku nzego z’itandukanye, nibo basigaye bafata ingingo mu kibanza c’abajejwe intwaro

Abarongoye umugambwe CNDD-FDD ku nzego z’itandukanye, nibo basigaye bafata ingingo mu kibanza c’abajejwe intwaro

Ngo biragoye kumenya hagati y'abajejwe intwaro n’abarongoye umugambwe mu bisata bitandukanye uwurekuriwe gufata ingingo n’uwutabirekuriwe. Aho ni mugihe bimaze kwibonekeza ko ahatari hake abarongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD aribo bafata ingingo bagaheza bakamenyesha abajewe intwaro kuzishira mu ngiro.

Akarorero ka hafi , akaba ari uwuserukira umugambwe CNDD-FDD kumutumba wa Kazigo mu ntara ya Rumonge, Komine Bugarama, Zone Magara, aherutse kumenyesha ko abanyagihugu, barimwo abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, ko abanyagihugu babiri umwe yitwa Nduwimana Francois, uwundi akitwa Eric batemerewe kudandariza ku mutumba wa Kazigo mu kiringo c'amezi abiri guhera kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2022.

Elie Nsengiyumva, arongoye  umugambwe CNDD-FDD kuri uyo mutumba, akaba amenyeshako kubera gutyoza umugambwe CNDD-FDD, gutyoza ibiro vy’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba wa Kazigo, hamwe no guhungabanya umutekano ku mutumba mu kwifatira abantu mu kubatuka, arivyo vyatumye bafatirwa iyo ngingo.  Uyo arongoye umugambwe CNDD-FDD akaba yongeye  kwandika agira ati : nduguruye twamugina (Ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD burasavye intwaro guhana abo bantu batagira indero hisunzwe amategeko, kandi hisunzwe ivyaha bagirizwa) ndugaye twamugina.

Uyo mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba wa Kazigo, ntiyibagiye kumenyeshako ingingo yafashe ko igiye mu ngiro umusi ayitereyeko umukono, n’ukuvuga ku wa 16 Ndamukiza 2022. Hamwe rero no kumenyesha mu guhereza ikopi  abajejwe intwaro ku mutumba wa Kazigo hamwe n’ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD muri Komine ya Bugarama.

Abanyagihugu bo ngaho muri Komine ya Bugarama rero bakaba babonako ivyo uyo mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yakoze, ngo bije gushimangira ivyirirwa biribonekeza no ku nzego nkuru nkuru z’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’igihugu.

Bagasaba umugambwe CNDD-FDD gutandukanya ububasha bwumugambwe wabo aho bugarukira hamwe n’ububasha bw’izindi nzego z’igihugu. Ngo nayo mugihe bitogenda gutyo, ngo bizogorana ko umugambwe CNDD-FDD ushobora gutwarira bose ngo hazoca hama hibonekeza ingorane zitandukanye ngo noneho igihugu gihave kirwa mu manga, bitumwe nuko kwitiranya abarekuriwe gufata ingingo nabatabirekuriwe. 

Inkuru yanditswe na Mberamihigo Jean Marie.

Partager cet article !