• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umuhari RED-Tabara, ngo ntiwiteguriye gushira hasi ibirwanisho mugihe umunyagihugu adahawe uburenganzira bwo kwitorera uwo yipfuza mu matora yemewe kandi adakumira mu Burundi.

Umuhari RED-Tabara, ngo ntiwiteguriye gushira hasi ibirwanisho mugihe umunyagihugu adahawe uburenganzira bwo kwitorera uwo yipfuza mu matora yemewe kandi adakumira mu Burundi.

Nkuko tubisoma muriryo tangazo ryasohowe n’umuhari Red-Tabara, batangura bagira bati : Agarutse ava Nairobi  mu nama ijanye n'ikibazo c'umutekano  muke urangwa mu buseruko bwa repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, yavugiye imbere y'abamenyashamakuru ko intumbero y’inama yamuhuje n'abagenziwe barongoye ibihugu vyo muri Afrika yubuseruko, ko kwari kuvugana ingene botuza imirwi y'abicanyi bitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa Congo.

Iryo tangazo rya Red-Tabara, rivuga ko yaciye ahamagarira abo yita imirwi y'abicanyi ngo bari ku butaka bwa Congo gutahuka mu gihugu, nayo ko mugihe bitogenda gutyo, ko bazofatirwa ingingo za gisirikare zafundikiwe muri iyo nama. Red-Tabara ikavuga ko umuntu atitaye kuriyo mvugo ityoza ku bihumbi n'ibihumbi vyabarundi bahunze ubwicanyi n'agatotezo ka CNDD FDD, ko umuhari Red-Tabara washaka kumenyesha ko  gutaha mu gihugu cabo ariyo ndoto yabo ko kandi ari nayo ntumbero yabo. Ngo ntibibereye gukoresha imvugo zagasuzuguro ku banyagihugu bahunze igihugu mu buryo abantu bose bazi.

Nkuko bibandanya bivurwa muriryo tangazo rya Red-Tabara, ngo ku mukuru w'igihugu Ndayishimiye ntakindi atari ugushiraho ituze muri politike ngo kugira umuhari Red-Tabara ushobore kugaruka. Iryo tangazo kandi rikaba rivugako Red-Tabara imaze amezi arenga atandatu, itana mu mitwe n'igisirikare c'uburundi. Ngo ikaba yafashe ibirwanisho kubera ubutegetsi bwa CDDD-FDD bwatse abanyagihugu uburenganzira bwo kwitorera ababarongora biciye mu matora arimwo umuco kandi ngo yigenga akurikije ibisabwa mpuzamakungu.

Red-Tabara rero igirako imenyesha ko itarota ishira ibirwanisho hasi, ngo mu gihe ubwo burenganzira nshimikiro buzoba butaragaruka mu gihugu. Ngo mu gihe umukuru w'igihugu Ndayishimiye azoba ashaka kwiyunga no guhuza abarundi, we nyene ategerezwa gutanguza Ibiganiro birimwo bose atawe bikumira kandi birimwo umuco mu ntumbero yo gutegura amatora arimwo bose kandi atekanye.

Nkuko iryo tangazo ryuwo muhari uvuga ko wiyemeje kurwanya Reta y’uburundi ikoresheje umuheto ribivuga, ngo mu kurindira, Evariste Ndayishimiye ngo ategerezwa gutangura mu maguru masha gushiraho umwuka mwiza wa politike n'umutekano,  kugira yoroshe itahuka ry'abana bose Burundi, na cane cane irekurwa ry'impfungwa za politike, guhagarika ubwicanyi bwa misi yose, ihagarikwa ridakwitikije amategeko, imanza za ngondagonde canke ka mpinga Yanje, ihagarikwa ryabantu bakabugwa irengero n'ubundi bukozi bw'ikibi butandukanye buhonyanga agateka ka zina muntu bikorwa n'inzego zikukira umukuru w'igihugu. Ivyo bitabaye ku bwiwe, abanyagihugu b'uburundi bazovyifatira mu ntoke ngo kugira bategure igaruka ry'abana b'igihugu bose.

Inkuru yanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

Partager cet article !