Elie Nsengiyumva, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD, ku mutumba Kazigo, yategerezwa kuba arimbere y’ubutungane, kandi umutekano wabanyagihugu yatoteje ugakwirikiranwa
Inyuma yaho uwuserukira umugambwe CNDD-FDD ku mutumba wa Kazigo, Elie Nsengiyumva, mu ntara ya Rumonge, Komine Bugarama, Zone Magara, aherutse kumenyesha ko abanyagihugu, Nduwimana Francois, uwundi akitwa Eric batemerewe kudandariza ku mutumba wa Kazigo mu kiringo c'amezi abiri guhera kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2022. Kuri uyu wa 25 Ndamukiza naho, haciye hasoka ikete rya Musitanteri wa Komine Bugarama rihagarika iyo ngingo yari yafashwe n’uwurongoye CNDD-FDD ku mutumba Kaziko.
Muriryo kete ryateweko umukono, n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa Komine Bugarama, atangura agira ati : Nyakubahwa munyamabanga, ndi n'initeka ryo kubandikira rino kete ndabamenyesha ko ingingo mwafashe ihagaritswe. Ati nyakubahwa, kw’igenekerezo rya 16 mwafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyabadandaza babiri bo ku mutumba wa Kazigo aribo, Nduwimana Francois na Eric. Ati twihweje iyo ngingo, ati twasanze mwayifashe mutabirekuriwe n’amategeko. Ati kubw'ivyo iyo ngingo irahagaritswe kuva kuri rino genekerezo.
Muriryo kete kandi, Musitanteri wa Komine Bugarama abicishije ku munyamabanga nshingwabikorwa wiwe yariteyeko umukono, arangiza asaba uyo munyamabanga wa CNDD-FDD, kubahiriza iyo ngingo. Musitanteri akaba yagiriyeko asa n'uwiyambaza Buramatari w’intara ya Rumonge mu kumumenyesha iyo ngingo, yongera amenyesha n'uwurongoye Zone Magara hamwe n'umukuru w’umutumba Kazigo.
Kubw'abanyagihugu twashoboye kuganira, bobo bamenyeshako biteye isoni ngo kumva ko Elie Nsengiyumva, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD, ku mutumba Kazigo, yoba atarahanirwa amakosa yakoze yokwiha ububasha bwo guhagarika ibikorwa vy'abanyagihugu babiri bagirizwa amakosa atagira ishingiro. Bati haruhande yuko yategerezwa kuba amaze gushikanwa imbere y’ubutungane, ngo uburongozi bwa Komine bwategerezwa kuba bwashizeho ingingo yo gukingira abo badandaza babiri ngo kuko bashobora guhungabanirizwa umutekano.
Bakavuga ko ibiriko biraba ngo ari akambaro kibara ku gihugu vyitwa ko gifise abakiramutswa. Nayo ngo kuba Musitanteri ashobora kwandikira ikete umuntu nkuyo agashiramwo n'amajambo yo gupfukamira umuntu ariko ararenganya abanyagihugu, vyovyo ngo biza vyerekana neza ko abategetsi b'uno musi batinya Imbonerakure zumugambwe CNDD-FDD, eka mbere ngo biranashoboka ko arivyo vyoba vyatumye iryo kete ryiwe ahereza ikopi Buramatari, aho kumufata akamushikiriza ubutungane.
Inkuru yanditswe na Mberamihigo Jrean Marie