• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kubera iki Petero Nkurikiye akunda gushikiriza ibinyoma imbere y’ibimenyeshamakuru?

Kubera iki Petero Nkurikiye akunda gushikiriza ibinyoma imbere y’ibimenyeshamakuru?

Muvyo yashikirije  kumusi wa kabiri igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2022, Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano, yavuzeko umwigeme w’imyaka 19 aturuka mu ntara ya Ngozi yakinye ikinyoma co kw’inyuruza mumisi itatu ni ukuvuga kuva itarike 19 gushika 21 Ndamukiza 2022.

Munyuma nyamukobwa, ngo akaguma aterefona abiwabo ngo bamurungikire amafaranga, kugira abamunyuruje bamurekure. Nkuko vyashikirijwe n’uyo avugira ubwo bushikiranganji, ngo igipolisi kigerageje kurungika ayo mahera kuri telephone uyo mukobwa yatanze, ngo caciye gisanga numero agira ajeko, ari iyanyina yuwo mwana, ko rero baciye babona yuko cari ikinyoma categuwe n'uwo mukobwa na nyina wiwe. Petero Nkurikiye rero akaba yaciye agirako asaba abanyagihugu ngo kutaja kumbuga ngurukanabumenyi bavugako hari abantu banyuruzwa mugihugu c'uburundi, ahubwo ngo ko bakwiye kwitura inzego zijejwe umutekano zibegereye.

Mumatohoza Radio-Haguruka yakoze, yasanze ivyo Petero Nkurikiye yashikirije vyose ari ikinyoma cambaye ubusa nkuko yama abikora, ahubwo asa n'uwariye igiturire mukugomba guhakana ko mu burundi hari abantu banyuruzwa no kugomba kwirengangiza ingorane zihanze umuryango uwo mwana w'umukobwa asanzwe avukamwo. Tubamenyeshe ko uwo muryango uba muri Quartier Gisagara kumurwa mukuru w'intara ya Ngozi.

Nkuko rero Radio-Haguruka yabitohoje, intandaro y'iryo nyuruzwa ryuwo mwana rifatiye ku ngorane zihanze umuryango asanzwe avukamwo, abavyeyi biwe, se na nyina haciye igihe batumvikana, se wiwe akaba afise n'umugore agira kabiri.

Uko  vyagenze uwo mwigeme yitwa Akimana Nelly Grace agira gatatu mubana batandatu basanzwe bavukana. Igihe yanyuruzwa  yaravuye kw'ishure igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2022 mu masaha y'umuhingamo mur'uwo mwanya akaba yarasanzwe afise na telefone ya nyina wiwe, niho yahura n'abantu bari mu modoka ifise ibiyo bitabona baca baramuhagarika, batangura kumwereka  isanamu (foto) ya nyina wiwe Hatungimana Aline banamubwira ko ahejeje kwinjizwa ibitaro, ko yonyaragasa kurira nyamodoka kugira bamutware aho arwariye, nyamwana w'umukobwa ntiyatevye kuvyemera kuko bisanzwe bizwi ko umuvyeyi wiwe Hatungimana Aline  agendana ingwara zitandukanye zikunda  ku mubangamira. Izo nazo akaba ari ingwara ya hasima (Asthme) n'ingwara y'umutima (Hypertension Artérielle).

Wamwana baciye bamwuriza imodoka ubwonyene, baca bamupfunga igitambara mumaso, baca batangura  kumutegeka guterefona abo bavukana (akoresheje ya telefone ya nyina wiwe) ngo ababwire ko yanyurujwe ngo barungike amafranga hama bamurekure.

Umwana w’umukobwa yarabikoze ahera guterefona musaza we na mwenewabo nabo baca barakanguka niko guterefona mumuryango, umuryango nawo uca ubaza nyina w'umwana Hatungimana Aline, nawe arakanguka ariko aca yibuka ko umwana wiwe ariwe afise telefone asanzwe akoresha.

Nyina w'umwana akivyumva yaciye yihutira  kurondera umugabo wiwe ariwe se w'umwana (Protais benshi batazira Mwarabu Porotazi) nawe aca amwishura amajambo ateye isoni ati: Nduguruye twamugina (narinzi ko ari ibindi ugira umbwire, nimba yanyurujwe uzovyara abandi).

Ivyo rero akaba yabimubwira bivanye n'uko basanzwe badacana uwaka, kuko kuva uwo mugabo Protais se wuyo mwana  azanye umugore wa kabiri, ngo yagumye ahohotera uwo mugore wambere (Aline), bakaguma mu mburano zidahera muri sentare gushika n'aho hafatwa ingingo ko  ibanki BGF (Banque de Gestion et de Financement) Protais asanzwe akorera  yubakira inzu yo kubamwo uwo mugore wambere, kuva ubwo rero Protais akaba yagumye atoteza uwo muryango aca kubiti no kumabuye ngo  bikunde bave muriyonzu nawe ayishikire n'uwo mugore wa kabiri.

Bikaba bivurwa rero ko, ivyo vyose vy'inyuruzwa ry'uwo mwana wabo vyateguwe vyongera bikorwa n'umuvyeyi wiwe Protais abifashijwemwo nabamwe mubakora mu gipolisi c'uburundi ngo (yoba yarahaye igiturire). Ngo kuko bari baziko wa mwana Nelly Grace, ariwe afise telefone ya Nyina wiwe kugira bamunyuruze hama bace bigira abariko bashaka kurungika amahera kuriyo numero, biheze  vyitweko iriko iterefona umuryango hama haheze hace haboneka izina rya Hatungimana Aline kugira rero igipolisi gice kimufata giheze kimwegekeko ico caha co gutegura ikinyoma co kunyuruza umwana wiwe. Gutyo ico gipolisi gice kimufata apfungwe ahere mugasho, hanyuma Protais abone gushikira yanzu ayinjiremwo na wa mugore wiwe wa kabiri.

Bene kunyuruza wamwana bahejeje gukora ivyo bateguye, ngo baciye bafata nyamwana bamusiga kungengera  yibarabara apfunze cagitambara mumaso, niho haciye akanya yumvako atabantu boba barikumwe aragerageza kwifungura cagitambara mumaso aca agerageza uburyo bwose ashikira umuryango, hama nyagipolisi kiba kirashitse kuvyo cipfuza ariko guca gifata uwo mwana na nyina kirabapfunga.

Bikabonekako rero ko Petero Nkurikiye yagize uruhara rudasnzwe muri ayo manyanga  kugira ngo bikunde ace anavyitwaza mugukora ibinyoma vyiwe yamamwo vyo kuvuga ko atabantu banyuruzwa n'intwaro ya CNDD-FDD mugihugu c'uburundi.

Abanyagihugu baganiriye na Radio-Haguruka, bo bamenyesha ko batacumviriza canke ngo bemere ivyo umuvugizi w’ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano, ngo kuko ivyo yama avugira kubinyamakuru vyinshi ari ububeshi. Bakavugako akenshi aheba agasubirira ubucamanza. Nayo ababanyi buwo muvyeyi Aline n’umukobwa wiwe Nelly Grace bapfunzwe, bobo basaba irekurwa ryabo ngo kuko ataco bariko barazira atari iryo rementanya.

 

Inkuru yanditswe na King  Blaise IRANZI.

Partager cet article !