• Home
  • ACTUALITÉS
  • Mbega abasuma birirwa barambura abadandaza bambaye impuzu z’igipolisi c’uburundi bari mu miduga mishasha, boba ari inkozi z’ibibi zisanzwe ? canke n’umurwi washizweho n’iperereza ry’uburundi ?

Mbega abasuma birirwa barambura abadandaza bambaye impuzu z’igipolisi c’uburundi bari mu miduga mishasha, boba ari inkozi z’ibibi zisanzwe ? canke n’umurwi washizweho n’iperereza ry’uburundi ?

Vyari bimaze igihe bikorwa mw’ibanga kandi vyongera bivugirwa mu ntamatama, ko uwurongoye iperereza ryo hagati mu gihugu, Alfred Museremu, yashizeho umugwi w'abasuma birirwa baranyagaza abadandaza, babasaba amafaranga mu kubabwira ko umukuru w’igihugu yamutumye, ko hari ibikorwa vyihutirwa.

Nkuko amakuru dukura mu badandaza bakuru bakuru, abamaze gutanga ayo mahera ngo ntawubahuka kubwira mugenziwe, kuko vyitwa ibikorerwa mw’ibanga. Bamwe murabo bakaba baganiye uruganda rwa Radio-Haguruka, ko bamaze kubwirwa ko uwuzonana kuyatanga, bazoyamwaka kunguvu abandi nabo murabo ngo bagaheza bakagandagurwa.

Naho uruganda rwa Radio-Haguruka, tutararonka amakuru yoba yemeza ko uyo mugambi wo kunyaga amafaranga abadandaza bamwe bamwe, woba ariwo wakozwe mu mutego wabaye ku musi wagatatu igenekerezo rya 27 ndamukiza umwaka w' 2022, ariko ivyabaye kuruwo musi, ngo ntaho bitandukaniye navyo.

Murako gatondo  ko kuruyo wagatatu, hazindutse haranyuragirana ku mbuga ngurukanabumenyi no ku mbuga hwaniro, amakuru avuga umutego wakozwe kw'ibarabara ryitiriwe Melchior Ndadaye imbere yah'akorera inzu y'ubwishingizi ( assurance) yitwa Egic – NV.  Ayo makuru nyene, akaba yavuga ko iyo modoka yagizweko umutego, ngo yariyo mu bwoko bwa probox bivurwa ko ariyo umurwizatunga yitwa Lionel batazira Radja.

Amakuru  yabandanije gutangwa nabavyiboneye, ngo n’uko iyo modokari yoba yari ivuye mw'ihinguriro ry'amazi bita AQUAVIE, irimwo abantu babiri (2) n'umudereva wayo agira gatatu (3).  Iyo modokari  ngw' ikaba yarimwo amahera yababa imiriyoni amajana abiri (200.000.000) z'amafaranga y'amarundi, ngo yoba yaratwawe muri banki.

Kubwayo makuru nyene yabandanije ashikira uruganda rwa Radio-Haguruka, ngw'abayirimwo vyabaye ivyo  batamenye,  ngo kuko imodoka yabo yagumye ikwirikiranwa n'imodokari z’ibiri (2) zo mu bwoko bwa camionnette Hillux  double cabine zera kandi zitagira imparati. Izo modoka nazo ngo zikaba zarimwo abantu bambaye umwambaro w'igipolisi kijejwe gucungera inzego API ( Appui à la protection des institutions mu rurimi rwigifaransa) kandi bitwaje nibirwanisho vya rutura.

Kubwayo makuru yabo babibonye, akabandanya atumenyesha ko iyo modokari yo mu bwoko bwa probox ishitse neza na neza imbere yahakorera inzu y'ubwishingizi (Assurance) Egic – NV, ngo imodoka imwe murizo double cabine zibiri, ngo yaciye iyica imbere  ivyo bita (couper la priorité mu rurimi rwigifaransa), nayo icirahagarara. Murico gihe nyene, iyindi camionette nayo ngo yaciye iyizibira inyuma.

Umudereva w' iyo probox amaze kubona ko atako ari bugire ngo yaciye yugara imodoka araduza n'ibiyo, ariko  ngo vyabaye impfagusa, kuko izo nkozi zikibi zaciye zimena imodokari maze zifatira inkoko ku bantu bari muriyo babatwara ayo mahera yose twavuze. Izo camionettes zarimwo abo bagizi ba nabi ngo zikaba zaciye zifata ibarabara rija hagati mu gisagara ca Bujumbura mu mutekano ntangere, nayo abahejeje kunyarwa basigara bajumarariwe.

Abanyagihugu hamwe n’abadandaza bamwe bamwe twashoboye kuganira, bavuzeko ari ibara ryo ku mutemere, aho abantu bamburwa mu gisagara utwabo izuba ryaka, ngo kandi igisagara cuzuye abajejwe umutekano, ngo nayo leta y’uburundi idasiba kuririmba ko umutekano ari wose mu Burundi. Abo banyagihugu co kimwe n’abadandaza bakibaza iyo umukuru w’igihugu ari muri kino gihe bikabasiga. Bagasaba umukuru w’igihugu nimba koko abona ibiriko biraba mu burundi gufatira ingingo bamwe mu bamwegereye birirwa barakora mwenayo mabi, na cane cane uyo Alfred Museremu amaze kuvurwa mu mabi atagira uko angana.

Inkuru yanditswe na Mberamihigo Jean Marie.a

Partager cet article !