Ubwicanyi buriko burakorwa muri Komine Shombo, bwoba buriko burakorwa n’abande?
Ubwicanyi bwabaye ndase muri Komine Shombo intara ya Karusi, mw’ijoro ryo kumusi wagatatu itariki 27 Ndamukiza rishira iryo kuwa 28 ndamukiza muri zone Nyabibuye agacimbiri ka Bukirasazi, hari umukenyezi azwi Ku mazina ya Daphrose Hakizimana, n'umwana wiwe bacumitaguwe inkota n'imbonerakure umwe arapfa uwundi atwarwa kwa muganga. Iryo bara ryabereye neza na neza aho bita Makera impande y'uruzi ruvubu k'urubibe intara ya Gitega ihana na komine Shombo.
Nkuko amakuru dukura muriyo ntara ya Karusi avuga, ngo nuko abantu babikoze batashoboye kumenyekana. Ariko ico bikoze, ngo nuko abakoze iryo bara, ngo baje bitwaje ibihiri, imipanga, ngo baraheza bashika babomora umuryango wiyo nzu yabo banyagihugu. Ngo baca bahitana vyabibugita, acabarivyo bakoresha mu kugandagura abo banyagihugu inyuma ngo babanje kubasanga aho baryamye ari naho babagandaguriye.
Tubibutseko, ivyo bibaye bije bikwirikira ibindi vyaheruka kuba kumusi w’Imana igenekerezo rya 17 Ndamukiza umwaka w’2022, mugihe camasaha y’ijoro igihe igihe nahonyene umunyagihugu azwi ku mazina ya Ndayizeye Thierry, wo kumutumba Bukirasazi Commune Shombo, intara ya Karusi, yaterwa n’abantu bitwaje ibibugita bamusanze ku muhana iwe, baca baramucumita ivyo bibugita. ako kanya nyene aca y’itaba Imana, nayo umuryango wiwe usigara w’ifumbereje, uri mu maganya n’agahinda.
Munyuma inyamiramabi zahavuye zihagarika abanyagihugu bakekwa kuba aribo bakoze ico gitero co kugandagura uwo munyagihugu, abo nabo akaba ari Ndayishimiye Emmanuel, Nzigirisha Thierry hamwe na Mbonimpa Yves, baraheza baca babafungira mu gasho ka Commune, kumvo zamatohoza yubwo bwicanyi. Ariko abanyagihugu bobo bakaba babandanya kuvugako ubwo bwicanyi ngo bwakozwe n'abo bagabo uko ari batatu.
Muri kino gihe rero, nkuko amakuru dukura ngaho i karusi abivuga, ngo hari umu Général azwi kumazina ya Momfor ariko araca kubiti no kumabuye mu kugerageza gutanga igiturire kugira ngo Ndayishimiye Emmanuel, Nzigirisha Thierry hamwe na Mbonimpa Yves, ngo ntibashikanwe mw’ibohero, ahubwo ngo barekurwe na cane cane ko bari basanzwe bari mu mugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi.
Naho abajejwe intwaro n’igipolisi babandanya kuvuga ko abakora ubwo bwicanyi ngo bataramenyekana, abanyagihugu bobo bafatiye kukuntu abo babikora ngo bama baza bavuza induru kandi inzego z'umutekano zibumva, yamara ngo ntiziheze ngo zigire ico zikoze, bamenyeshako atagukeka ko bikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure ngo kuko arizo zisanzwe zirara zirakizura mu mihana mu masaha yijoro.
Ikindi gituma bemezako zishobora kuba ari Imbonerakure, ngo nuko muruko gukizura bitwaza amahiri n'inkota ngo hamwe n’ibibugita birebire, nbgo hanyuma bagahura n’abajejwe intwaro yamara ngo bagaheza ntibabakomakome.
Inkuru yanditswe na Karikurubu Ladislas.