Inyuma yaho umukuru w’igihugu c’uburundi ahamagariye umuhari Red-Tabara gutahuka kw’itegurira amatora, abanyagihugu bavugako Evariste Ndayishimiye yarakwiye kuva mu majambo akihutira gukora ibikorwa.
Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’uburundi yaraye ahamagariye umuhari Red-Tabara gutahuka bagategurira hamwe amatora y’abashingamateka yo mu mwaka wa 2025 hamwe nay’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuzoba mu mwaka wa 2027. Evariste Ndayishimiye akaba yabivuze asa n’uwibutsa ko n’umugambwe Cndd-FDD ngo ariko vyawugendeye. Yamara akaba yaribagiye kubwira abariko baramwumviriza ko babanje guca mu biganiro.
Ari mu masengesho yabaye ku musi wa kane igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2022 ku ngoro y’umugambwe CNDD-FDD iri mugisagara ca Bujumbura, ku murwa mukuru w’ubutunzi, ahariko harabera  amasengesho atunganywa n’umugambwe CNDD-FDD buri wakane wanyuma usozera ukwezi, Umukuru w’igihugu c’uburundi, akaba yagize ati :
«Basigaye bivugira ngo ubwo butegetsi nibuhave ndahaje! Yemwe mwarabonye itangazo RED-TABARA yasohoye? Bashaka igihugu ngo abe aribo bahaja ku butegetsi. None ubutegetsi ntibwuguruye? 2025 n’amatora y’abashingamateka nibanyaruke bitoze, mu b’2027, amatora y’umukuru w’igihugu azoza nibanyaruke bitoze. None ntibashaka ubutegetsi? Ninde yabubabujije? Hari umuntu yababujije? ».
Umukuru w’igihugu ntiyagarukije ngaho gusa, yanamenyeshejeko n’igihe umugambwe CNDD-FDD ngo wariko uraganira kugira ngo utahuke, ngo atabibanza bigeze bisaba, ko ahubwo bobo bamenyesheje abariko barabafasha mu biganiro ko abarundi aribo bazobaha ivyo bibanza mu matora. Akaba yakoresheje aya majambo ati: «jewe ndibuka turi mu biganiro, baratubajije ngo mbega ko mudasavye ibiti? nti twebwe? None ntimwemeye demokarasi? Ntimwemeye ko tuzana inzego z’umutekano kugira umwumwe wese yumve ko atekaniwe mu mutima wiwe mu gihugu c’amavukiro? Jewe ndazi ico kibazo barakimbajije jewe nije nari umukuru wa équipe narababwiye ibiti bitangwa n’Imana n’abenegihugu»
Kubwabanyagihugu bakwirikiye ako kamo umukuru w’igihugu c’uburundi yateye umuhari Red-Tabara, bamenyeshako ngo yarakwiye kuva mu majambo atajanye n'ibikorwa, ngo ahubwo akihutira gukora ibikorwa. Ngo nayo kuguma abiririmba gusa ngo ntakintu na kimwe bimaze, ko rero yarakwiye gushira mu ngiro ivyo yavuze ngo kuko bisanzwe ari navyo bimaze gusabwa akatari gake n'uwo muhari Red-Tabara. Ariko bakibutsa umukuru w’igihugu ko yokwibuka ko nabonyene ngo batabahamagaye kwiradiyo ngo baheze bace bataha. Ngo nabicishe mu nzira zizwi kugira ngo uburundi n’abarundi baronke amahoro.
Nayo kuba umukuru w’igihugu yavuze ko huguruye ngo kugira ngo umurundi wese ashaka ubutegetsi ngo abicishe mu matora. Abo banyagihugu bavuga ko biteye isoni kandi ko bibaje cane kumva yubahuka kuvuga ko urubuga rwuguruye, ngo kandi bitandukanye nivy'abarundi birirwa barabona, ko ata murundi n'umwe akirekuriwe kuvuga ico yiyumvira, ndetse n’imigambwe itandukanye ngo ikaba yarayangajwe.
Kuribo rero ngo umukuru w’igihugu kuvuga ko atipfuza gusubira kubona umurundi yitwa impunzi, ngo ntaho bitandukaniye no kubashinyagurira. Bakaba bagirako bagiriza umukuru w’igihugu gukoresha amajambo y’ububeshi mu kuvugako ngo batigeze basaba ibiti, kandi bisanzwe bizwiko baronkejwe ibiti muri reta yariho murico gihe.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.