Umukuru w’igihugu ngo niyaba atahura kumwe na Red-Tabara ko ubutegetsi bukwiye gutangwa n’abanyagihugu, ngo hoba hasigaye kwumvikana ivya nkenerwa vyotuma abarundi bose bitaba amatora atawukumiriwe.
Nk'uko tubisoma mw'itangazo ry'umuhari Red-Tabara ryo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Rusama 2022, itangazo ryateweko umukono n'umuvugizi w’igisirikare ca Red-Tabara, Patrick Nduwimana, batangira bagira bati : Mu masengesho arangiza ukwezi yama ategurwa n'umugambwe CNDD-FDD yabaye igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2022, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaragize ico avuga kw'itangazo ryaheruka gusohorwa n'umuhari Red-Tabara ryo ku wa 24 Ndamukiza 2022 mu kuvuga ko « umuhari wacu ushaka gushikira ubutegetsi biciye mu bigwanisho ».
Iryo tangazo ribandanya rivuga ko umukuru w'igihugu, mu kwerekana ko ubutegetsi bwa Gitega bwuguruye imiryango, atumiriye umuhari Red- Tabara kuja mu matora y'abashingamateka yo mu mwaka wa 2025 hamwe nayo umukuru w'igihugu yo mu mwaka wa 2027. Ku bwiwe akaba yagize ati : « Nta mvo n'imwe yotuma umuhari Red-Tabara ufata ibirwanisho kugira ushike ku butegetsi mu gihe imiryango ibugururiwe muri ayo matora yose ».
Red-Tabara rero ikaba ivuga muriryo tangazo ryabo iti: « Kubera ko umukuru w’igihugu tubona yasomye itangazo n'umwitwarariko mwinshi, ntidukekeranya ko kuri ico, yashikirije ivyo natwe twavuze, twafashe ibirwanisho kubera intwaro ya CNDD-FDD yahamvye uburenganzira bw'abanyagihugu bwo kwitorera ata gitsure abarongozi babo mu matora yizewe kandi akurikije ibiyaranga mpuzamakungu ».
Kubwa Red-Tabara nk'uko Evariste Ndayishimiye na Red-Tabara bahuriza ko ari abanyagihugu bo nyene berekana uwushoboye kubarongora canke uwutabishoboye, bati nta gisigaye atari ukwicara ku meza yibiganiro kugira bumvikane ingene botegura ayo matora yo mu mwaka wa 2025 nayo mu mwaka yo 2027 akurikije ibisabwa mpuzamakungu no mu mwumvikano uhumuriza bose.
Umuhari Red-Tabara ubandanya uvuga ko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yashinze intahe imbere yabariko baramukurikira ko igihe yaja mu biganiro aserukiye umuhari FDD, ngo yabanje kuganira kwishimikiro ry'intwaro rusangi hamwe n'ubutegetsi bwari buhari ico gihe. Ngo mu gihe iki cari cemewe ku mpande zose, ngo ntacari gisigaye atari kuganira ku bijanye n'umutekano kugira umwe wese yiyumvemwo amahoro mu mutima wiwe no mu gihugu ciwe, ngo ibisigaye umusifuzi ni umunyagihugu, ivyo ngo yabibwira abamubajije ico gihe impamvu ataganiriye ibijanye n'ivyicaro muri leta yari ihari.
Mu gusozera iryo tangazo, umuhari Red-Tabara uvuga uti: « Kiretse gutahura ukutari ko ivyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye canke akaba yavuze igihushane nkuko yama abikora, Red-Tabara iremeranya nawe ko Ari umunyagihugu we nyene ari umusifuzi ». Ngo ntagisigaye rero atari kuganira ivyokoreshwa n’uko vyokorwa kugira uwo musifuzi yoroherwe maze basezerere burundu inkinamico y'amatora.
Inkuru yanditswe Karikurubu Ladislas.