• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umuhari RED-Tabara uvugako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakwiye kwihutira kurondera umuhuza ahagarikira ibiganiro nyavyo, agahagarika amajambo yok u maradiyo

Umuhari RED-Tabara uvugako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakwiye kwihutira kurondera umuhuza ahagarikira ibiganiro nyavyo, agahagarika amajambo yok u maradiyo

 

 

 

Nkuko biri mw’itangazo ryo ku wa 13 Rusama 2022, umuhari Red-Tabara wasohoye inyuma y’ikiganiro n'abamenyeshamakuru umukuru w’igihugu yakoze  ku wa 10 Rusama 2022, Red-Tabara ivugako umumenyeshamakuru yamubajijeihe yabaza umukuru w’igihugu ko  ashobora gutanga ibiganiro kuri  Red- Tabara na FNL baramutse bagarutse bakabisaba, ngo Perezida Evariste Ndayishimiye yamwishuye  «ko Reta  arico ijejwe, n' uwutari Red- Tabara n'uwutari nde Reta ijejwe kuguma yumviriza abana b'igihugu igatora umuti w'ibibazo vyose bayishikirije».  Kubwa Red-Tabara, ngo iyo nyishu yafashwe na bamwe nk'iyihagije ngo Perezida  yavuze ko yiteguye «kuganira na Red-Tabara».

Rd-Tabara ivuga ko ayo majambo yiwe  yabashikiriye mu muhari iwabo, ngo baca bumva ko atahantu na hamwe yoba yararikiye mu buryo busiguritse mu biganiro Red-Tabara. Nkuko babandanije babuivuga muriryo tangazo, ngo igihushanye n'ico, nkuko bisanzwe, yakoresheje imvugo idatomoye ituma umuntu wese  ayitahura uko ashatse. Ku ruhande rwa Red-Tabara bakavuga ko basanze muri iyo nyishu umukuru w'igihugu atiyemeje  kuganira n’umuntu n'umwe ku kintu na kimwe. Ngo bisigura ko, mukwishura uwo mumenyeshamakuru yamubajije ko n' uwutari Red-Tabara n'uwutari nde,   ngo Reta ijejwe kwumviriza ingorane ayishikirije, bati ico ntikimufatira mu kintu na kimwe naho wofatira ku ntumbero rusangi y'amajambo yiwe.

Muriryo tangazo rya Red-Tabara, babibutsa,  ko umuhari wabo ngo umaze kumenyesha akatari gake  ko wafashe ibirwanisho kubera ko intwaro ya CNDD-FDD yambuye uburenganzira abanyagihugu bwo kwitorera ababarongora   mu mwidegemvyo biciye mu matora yizewe hakurikijwe ibigenderwako n'amakungu mu matora. Ngo akaba ari muriyo ntumbero mw’itangazo  ryo ku wa 03 Rusama 2022, Red-Tabara yatumiriye Perezida Ndayishimiye kuganira ku bintu vyose vyotuma haba amatora nk'ayo kugira hasezererwe inkinamico z' amatora. Kubwa Red-tabara, ngo ntabwo rero ari ikibazo c'ibiganiro canke gushikiriza umuntu aciye bugufi ikimubabaje,  ngw’impamvu y'urugamba rwa Red-Tabra iratomoye neza ngo kandi n'inyishu yo kurwishura itegerezwa   kuba itomoye nyene ngo kandi itangiwe ku mugaragaro atari iyihishije mu majambo agoye gutahura akoreshwa mukuresha amakungu.

Mukurangiza iryo tangazo rya Red-Tabara ryateweko umukono na Patrick Nahimana avugira igisiorikare c’uwo muhari, bamenyeshako mumvugo ya Evariste Ndayishimiye ngo harimwo mugabo muri ayo majambo yiwe, ngo icigwa cotuma vy' ukuri abantu baja mu nzira y'ibiganiro. Bakavugako mu gihe umukuru w’igihugu ngo yibukije ubunararibonye bwiwe mu kuganira na Palipehutu- FNL arongoye umugwi userukira reta, ngo akaba ashinga intahe kw' ibiganiro bitatevye bitewe n'uburyo yavyitwayemwo. Umuhari Red-Tabara ngo usangamwo muri iyo ngendo y'umukuru w'igihugu uburyo bwiza yoshobora kwongera kwerekana muri uyu mwaka w’2022 afashijwe n'umuhuza yoba yumvikanyweko.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !