• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umugambwe MSD uvugako ivyo leta ya Evariste Ndayishimiye yirirwa iravuga vy’ibiganiro ko ari imvugo ya politique irimwo uruyeri rwo kubesha amakungu

Umugambwe MSD uvugako ivyo leta ya Evariste Ndayishimiye yirirwa iravuga vy’ibiganiro ko ari imvugo ya politique irimwo uruyeri rwo kubesha amakungu

Nkuko tubisoma mw’itangazo ry’umugambwe MSD ryashizwe ahabona kuri uyu wa 16 Rusama 2022, uyo mugambwe uvuga ko mu rukurikirane rw'itangazo ryiwe ku bamenyeshamakuru i nyuma yo kuva mu nama y'umutekano w'igihugu kibanyi ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yabereye i Nairobi mu gihugu ca Kenya  igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2022, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yaragirishije ikiganiro ku bamenyeshamakuru igenekerezo rya 10 Rusama 2022, aho ngo muri co kiganiro yavuzemwo ibijanye n'imirwi irwanya leta yitwaje ibirwanisho ya FNL hamwe na Red-Tabara ariko ngo akaba yabivuze mu gipfungu cinshi ngo nkuko yama yabikoze.

Nkuko muriryo tangazo ry’umugambwe MSD babivuga, ngo gishasha mu mvugo yiwe ngo n’uko atakibita abicanyi canke abakora iterabwoba ariko ngo abita abana b'igihugu ngo ko yiteguriye ku bakira no kubumviriza hamwe bashize ibirwanisho hasi. MSD ikavugako iyo ishobora kuba ari intambwe mu mvugo yiwe hamwe itoba irimwo ubwiyorobetsi bwo kubaryosharyosha kugira ngo baze aheze abazimanganirize ubuzima bashitse mu gihugu.

Iryo tangazo ryateweko umukono na Alexis Sinduhije umukuru wuwo mugambwe, bavugako ar'ibisanzwe kandi ko bitahuritse ko ijambo nk'iyo ridashobora gusigura ishaka ryo kwugurura urubuga rwa politique. Umugambwe MSD ukaba uhamagarira ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'ubumwe bwa Afrika kwibutsa umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ivyo yiyemeje gukora mu nama igira cumi y'akarere ku bijanye n'amahoro, umutekano hamwe no gufashanya n'imigenderanire ku gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo n'akarere yabaye igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2022. Umugambwe MSD uvugako muri yo nama, abarongoye ibihugu na ma reta harimwo n'a Ndayishimiye Nyene, ngo biyemeje kunagura bimwe biboneka intwaro idakumira, yizewe kandi ihumuriza bose.

Uwo mugambwe kandi wibutsa ko mu cegeranyo c'igenekerezo rya 30 Ntwarante 2022, ngo cerekana ishirwa mu ngiro ry'ayo masezerano, Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yivugiye ko atewe intege nizo ngingo zo mwiyo nama, ngo ni mugihe inama ijejwe umutekano mwiryo shirahamwe mpuzamakungu ONU yari yahamagariye kw'igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2022 ishirwa mu ngiro ry'izo ngingo kugira baje ku mvo nyamukuru zuko kutumvikana canke kudahuza  ryongera rishimangira ko ata nyishu za gisirikare zikenewe ku mirwi yabarwanyi ikorera mu buseruko bwa congo.

Umugambwe MSD ngo ukipfuza ko ayo mashirahamwe yokora ibishoboka vyose mu kwotsa igitutu Ndayishimiye kugira ngo yiyemeze vyukuri kwinjira mu ntwaro idakumira, yizewe kandi ihumuriza bose na cane cane biciye mu biganiro vy'ingene amatora ameze neza yotegurwa. Amajambo yiwe ni nk'umuyaga mu gihe adaherekejwe no guhagarika guhonyanga bikabije agateka ka zina muntu, kugarukana ubwigenge mu vya politique, mu bimenyeshamakuru no mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique.

Umugambwe MSD ushaka kugira ico uvuze ku cipfuzo c'Ubumwe bwa Buraya co kubandanya Ibiganiro vyimirije hamwe na reta ya Gitega ko bwokwama bwibuka ko aribwo bwahagarariye kandi bubandanya buhagarariye amasezerano ya Arusha yahonyanzwe na CNDD FDD, ko ku bwivyo abanyagihugu b'abarundi barindiriye ijambo ryabo Aho bahagaze.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi

 

Partager cet article !