Naho abatari bake bari babiteye ivyatsi, ko hamwe Olivier Suguru yotorerwa kurongora ihuriro ry'abarwizatunga CFCIB vyoba binyuranye n’amategeko n’ibwirizwa nshingiro, ntivyabujije ko ariwe atorwa kurongora iryo huriro CFCIB
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 rusama 2022, niho inama nkuru ya bose (assemblée générale) y’abarwizatunga yakorana kugira itore uwugiye kurongora ihuriro ry’abarwizatunga CFCIB (chambre fédérale de commerce et d’industrie du Burundi), aho batoye umushingamateka Olivier Suguru ku majwi 66 Kuri 69 batoye. Olivier Suguru asanzwe ari umunywanyi akomeye w’umugambwe CNDD-FDD akaba n’umushingamateka.
Olivier Suguru yatorewe kurongora iryo huriro ry'abarwizatunga CFCIB, inyuma ya Zuguruzuguru yari yabereye murico cumba c'ubudandaji n'amahinguriro mu Burundi, biturutse kuri mugenzi we Umukenyezi Gynette Karirekinyana akaba yarasanzwe ari n‘icegera c'uwurongoye iryo huriro CFCIB, yari yatanze candidature yo guhiganirwa ico kibanza nyene, yashirahabona ivyatuma uwo mushingamateka Olivier Suguru atarekuriwe kwitoreza ico kibanza. Akaba yavugako aramutse yitoreje ico kibanza ngo bizoba binyuranye namategeko hamwe n’ibwirizwa nshingiro rya republika y’uburundi. Ivyo navyo bikaba vyamuviriyemwo gukurwa mu bahiganirwa ico kibanza.
Nkuko vyari vyabonetse mu rwandiko, umukenyezi Gynette Karirekinyana yari yandikiye umukuru w’igihugu, urwandiko rwahawe kopi umukuru w’inama nshingamateka, Uwuramutswa CFCIB hamwe n‘uwujejwe igenzura mu rwego CFCIB, uyo mukenyezi yari yabamenyesheje ko umushingamateka Olivier Suguru ataburenganzira yogira bwo guhiganirwa ico kibanza, kubera ubuzi bwinshi asanzwe afise.
Akaba yarabibukije ko asanzwe ari umunshingamateka, akongera akaba ari nawe arongoye urwego nshingwantwaro rw’ikigo kijejwe kwegeranya amakori ya leta OBR, hamwe no kuba ariwe munyamabanga mukuru w'ishirahamwe Savonor. Ko rero afatiye kurivyo vyose bitokumvikana ingene yoheza ngo arenge kurayo mabanga yose asanganywe, ace yongera arongore n’ihuriro ry'abarwizatunga CFCIB Chambre Fédérale de commerce et d'industrie au Burundi.
Ivyo kandi vyatumye muri ayo matora, Olivier Suguru yari umukandida umwe gusa mugutora abatora bakaba batora ego canke oya. Olivier Suguru akaba agiye kurongora iryo huriro mu kiringo c’imyaka 3 kandi akaba asubiriye Audace Ndayizeye. Abanyagihugu bakaba bavuga ko iryavuzwe ngo ryatashe, ngo kuko bari bagumye bavugako inzego zose n’umukuru w’igihugu arimwo, ngo ataco zishobora gukora ngo zumvirize amakenga yabanyagihugu hamwe namakenga y’umukenyezi Gynette Karirekinyana, ngo ziheze zibuze ko Olivier Suguru areka kwitoza murico kibanza ngo kuko bose basanzwe bakorana amanyanga nawe akongera akaba n’umunywanyi akomeye w’umugambwe CNDD-FDD.
Bamwe murabo banyagihugu aho baboneye ivyo, bakaba bariko baravuga ko CNDD FDD ngo yibagiye ico yagiye kurwanira ngo kuko iriko irakora nkivyo umugambwe Uprona wakoze muri kahise aho ngo wasanga hari abategetsi bamwe bamwe baguma mu mabanga gushika bapfuye, bati nuno musi niko n’umugambwe CNDD-FDD uriko urabikora.
Abo banyagihugu kandi bagirako bavugako Urwaruka rwari rukwiye guhaguruka rukabaza abategetsi ko amabanga y’igihugu azokwama ashingwa bamwe na cane cane abayahozemwo bariko baranagira imyaka myinshi nayo urwaruka rurorera. Nayimbonerakure zirirwa zirakoreshwa ijoro n’umurango mukwiruka kubarundi batari mu mugambwe wabo, ngo ntizari zikwiye gusigara inyuma mukubaza bakuru babo bo muri CNDD-FDD ko bobo akazi kabo kwoba arugukoreshwa gusa ariko ntibigere bashingwa amabanga.
Uburorero batanga bukaba ari ubwa Gerase Ndabirabe ngo atakimenya no gutandukanya ikibi niciza muvyo avuga kubera imyaka, Pascal Barandagiye, Eduard Nduwimana, n’abandi batari bake bo muri CNDD-FDD bafashe igihugu nkicibare cabo. Bakavuga bati nimba vyukuri CNDD-FDD yagiye kurwana iharanira igihugu kigengwa n’amategeko ngo yarikwiye gutandukana niyo ngendo yo kubandanya konona igihugu gutyo.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.