• Home
  • ACTUALITÉS
  • Amanyanga akorwa n'aba CNDD- FDD mw’itangwa ry’isukari mu bice bitandukanye vy’igihugu arengeye ukwemera

Amanyanga akorwa n'aba CNDD- FDD mw’itangwa ry’isukari mu bice bitandukanye vy’igihugu arengeye ukwemera

Buramatari w'intara  ya Rumonge, Consolateur Nitunga yaramenyesheje kw'isukari ishobora gutangwa hagati yo Ku musi wa gatatu n'uwa kane w'iyi ndwi turangije Kandi yaratanzwe. Nkuko ntwabibabwiye mu makuru yacu yo Ku musi wa Kane, itangwa ry'iyo sukari ryaranzwe n'amanyanga menshi.

Abajejwe intwaro ari nabo bari bahagarariye iryo tangwa ry'isukari bakongera bakanayitanga, ico bashira imbere mukuyitanga n'umugambwe hamwe na kamwa wa mama. Mu gihe buramatari yari yijeje abantu kw'isukari itangwa mu muco, abakozi ba Reta bakorera mu Rumonge batashoboye kuyironka bamenyesha kw'abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD hamwe n'abagenzi ba buramatari aribo bonyene baronkejwe isukari.

Abanyagihugu bo ngaho mu Rumonge nabo nyene bamenyesheje ko ivyo guha isukari aba CNDD-FDD gusa vyari vyarateguwe imbere y'uko iyo sukari itangwa.

Itangàzo rya Buramatari w'intara ya Rumonge, Consolateur Nitunga rimenyesha ko isoko nkuru ya Rumonge yaronkejwe imipfuko 30 y'isukari, komine Rumonge imifuko 13, ibindi bisata bikaba vyaronkejwe hagati y'umupfuko umwe n'itanu. Imipfuko yose yatanzwe igaca iba 83 n'ukuvuga amatone ane gusa niyo yatanzwe n'ibiro vya Buramatari w'intara ya Rumonge.

Ivyo biruko mu gihe abegereye abajejwe intwaro aho mu Rumonge bamenyesha kw'amatone arenga 15 y'isukari ariyo ashobora kuba yaranyurujwe, ubwo busuma buhagarariwe naburamatari w'intara ya Rumonge hamwe na Musitanteri wa Komine Rumonge.

Abanyagihugu bo ngaho mu Rumonge bakamenyesha Radiyo-Haguruka ko igikorwa co gusaka isukari mw'isoko nkuru ya Rumonge cabaye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Rusama 2022,  kw'ata kindi cari kigamije atari uguhisha ayo matoni y'isukari yanyurujwe bihagarariwe na Buramatari Consolateur Nitunga.

 Abanyagihugu bo mu Rumonge basaba umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ubudandaji kugira ico ico akoze kijanye n'amatohoza kuri iyo sukari nyinshi yaraye inyurujwe yari igenewe abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge. Bakamenyesha ko amanyanga akorwa n'aba CNDD- FDD arengeye ukwemera.

Ngo ku ntwaro ya CNDD-FDD ngo nta kintu n'a kimwe kizopfa gifashe umurongo ngo kuko n'abagira amakosa ntiyigera akosorwa muguhana abayakora, ngo yama aba akamizwe n'ingoma.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !