Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarabesheko afise ubworozi budasanzwe bw’imisaba
Ari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kw’igenekerezo rya 10 Rusama umwaka wa 2022, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuzeko afise imigambi myinshi arangura ku giti ciwe, kandi ko imuzanira amafaranga atari make amusumbira no kuba ari umukuru w’igihugu.
Muriyo migambi myinshi yadondaguye, harimwo umugambi w’ubworozi bw’imisiba, ubwo nabwo umukuru w’igihugu akaba yavuzeko ari ubworozi budasanzwe aho mbere yanamenyesheje ko ku kiro kimwe c’iyo misiba ko n'uwomuha amafaranga agera ku 300.000 y’amarundi ko atogenda ayimuhaye.
Ivyo rero vyaratumye abanyagihugu batandukanye bagira amakenga, bamwe bakiyumvira ingene imisiba yororwa, abandi bakiyumvira ico iheza igakoreshwa naho bayishorera kumbure nimba ari mu burundi canke mu mahanga.
Ivyo bibazo vyose bikaba vyaratumye abatari bake mu banywanyi ba Radio-Haguruka, basaba ko twobakorera amatoheza tukababwira ukuri kw'ivyo bintu, kuko hariho n'abagize ubwoba kuva bakivyumva. Uno musi rero, Radio-Haguruka ikaba yashimye gushira ahabona ivyo uruganda rwa Radio-Haguruka rwashoboye kuronka.
Jeannette Kamikazi ni umwe mu bamenyeshamakuru bakoze amatohoza kuri ubwo bworozi budasanzwe bw’imisiba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko yorora muri kino gihe, yaratwigniye uko basanze uwo mugambi wiwe wifashe igihe bakora ayo matohoza.
Kamikazi akaba yatubwiyeko, kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akimenyesha ko afise ubworozi budasanzwe bw’imisiba kandi ko burimwo isegenya ry’amafaranga, uruganda rwa Radio-Haguruka rubisabwe n’’abanywi bayo, ko rwararondeye kugira amatohoza kugira ngo rumenye neza ko vyukuri ubwo bworozi bwoba buhari, aho yoba abukorera eka mbere nahoba hari isoko ashoreramwo iyo misiba.
Nkuko mugenzi wacu abitwiganira, avugako murayo matohoza bakoze, ko basanze Evarisste Ndayishimiye amaze kugira iciyumviro co korora imisiba kandi mbere ko yatanguye no kuyitunga ariko mugabo ko muvyukuri atakintu kinini arakora. Nkuko abivuga ati uwovugako iryo yororero atarihari ngo ntiyoba abeshe.
Ubwo bworozi bwa Evariste Ndayishimiye, ngo buri kumusozi wa Kibimba, muri Commune Giheta ari nayo Komine asanzwe avukamwo hafi yo ku mutumba Musama avukako akaba ari mu ntara ya Gitega kubatahazi.
Jeannette Kamikazi, abajijwe kuvyavuzwe n’umukuru w‘igihugu ko kukiro kimwe gusa n’uwomuha amafaranga ibihumbi 300.000 atokimuha, ko rero vyumvikana ko ashobora kuba afise isoko ridasanzwe ayishoreramwo, mugihe murayo matohoza bavuga ko atakintu kinini arashobora gushikako, mbere ko n'uwovugako atayihari ko atoba abeshe, nimba rero ayo matohoza yoba yemeza ko umukuru w’igihugu yoba yaribesheye, Jeannette Kamikazi yishuyeko, Evariste Ndayishimiye ngo yabeshe cane bikabije.
Akemeza ko ko bagerageje kurondera kumenya ko umukuru w’igihugu yoba amaze gushora iyo misiba nkuko yaheruka kubitangaza ko ikiro kimwe adashobora kwemera amafaranga agera ku bihumbi amajana atatu 300.000 ariko ko basanze ari ikinyoma cambaye ubusa ngo kuko iyo misiba yose hamwe iyatunze ata n'ikiro kirimwo.
Ivyo rero ngo bikaba bigaragaza ko umukuru w’igihugu yabeshe kurugero rudashikirwa ngo kuko ivyo yavuze atabihari. Jeannette Kamikazi akaba yagize ati, nduguruye twamugina « Aha nshaka kukubwira ko ivyo twebwe twiboneye iyo misiba yiwe bisa nuko ariciyumviro yoba ariko aragerageza, ngaha harivyo tudashatse gushira ahabona mu ntumbero yo gukingira bamwe n’abandi twakoranye ariko vyukuri ntabihari ».
Nayo mugihe abanyagihugu batari bake, bamaze igihe bipfuza kuronka umuco, hanyuma abakoze ayo matohoza bakavugako yatanguye gutunga iyo misiba ahandi bakavugako atayihari, Jeannette Kamikazi yaratanze umuco kuriyo yatanguye gutunga ico izokoreshwa.
Atangura abwira abakwirikira Radio-Haguruka ko botahura neza ukuntu ibintu vyifashe, ati vyukuri iciyumviro co gutunga imisiba Evariste Ndayishimiye yaragitanguye ngo arafise imisiba mikeya cane, ariko aragerageza gutunga, ariko ko yose hamwe iyo iriko irageragezwa atakiro kirimwo.
Nayo kuco iyo misiba iriko irageragezwa izokoreshwa, Kamikazi avuga ko bagerageje guca ku bantu bakunda kuganira n’umukuru w’igihugu mu ntumbero yokumenya ico iyo misiba azoyikoresha, naho yoba yarubuye isoko, ngo bakaba basanze afise intumbero yo kurwiza iyo misiba ngo kugira ashobore kugira amélioration y'ifumbire y'amase yinka.
Evariste Ndayishimiye ngo akaba yiganiye abo bagenzi biwe ko yavuganye n'abanonosoye ibijanye n’uburumyi ngo bakamubwira ko iyo misiba ayishize murayo mase yinka ko bishobora gufasha ko ayo mase aba meza akagira akanovera gusumba hanyuma ayatabije isi, ngo ko vyofasha ko yimbura umwimbu ushimishije.
Jeannette Kamikazi yavuzeko, iyindi ntumbero bashoboye kumenya baciye kurabo bamwegereye, ngo nuko icatumye atunga iyo misiba, ngo arondera kuyirwiza cane, hanyuma ngw'azoze arayigaburira amafi asanzwe atunze mu ntara zitandukanye zigihugu, gutyo ayo mafi yiwe ngwazoshobora kuvyibuha hanyuma ashobore kuyakuramwo amafaranga menshi cane. Mu majambo makeya Kamikazi amenyesha ko ivyerekeye ivyimisiba umukuru wigihugu yavuze ko atunze ngo ari uko vyifashe.
Kubibazako woba ari mugambi mushasha umukuru w’igihugu yubuye wo korora imisiba hanyuma azoyidandaze, canke ko yoba afise umugambi wo guhimiriza abarundi kuyitunga ngo kugira biteze imbere, ivyo ngo n'ukwanguha kandi ngo n'ikinyoma cambaye ubusa.
Ngayo rero amatohoza yakoze n’abamenyeshamakuru ba Radio-Haguruka, kuboba boshobora gushikira umukuru w’igihugu, bakaba bafise amakenga ko harico boba babeshemwo, boheza bakamubwira akabibeshuza.
Inkuru yanditswe na Mahoro Patient