Hatungimana Albert Buramatari w’intara ya Kirundo co kimwe n’abandi bategetsi bo muriyo ntara baragirizwa ubunyonyezi bukabije bw’ibitoro badandaza kuri magendo
Mu ntara ya Kirundo, Buramatari HATUNGIMANA Albert aragirizwa kuba yiba ica gatatu c'igitoro cagenewe iyo ntara mu kukigurisha kuri magendo ariko akaguma abesha ko ico gitoro gikoreshwa n'imashini ivomera ibitunguru vyiwe biri muri commune Busoni.
Abajejwe intwaro muriyo ntara bakaba bavuga ko Buramatari ariko yambika iceyi abatware bose bo muriyo ntara, ngo kubera ko ibitoro bigenewe iyo ntara vyose acabidandaza kuri magendo. Bikavugwa ko amakamyo y'ibitoro aha Buramatari amalitiro ibihumbi bitanu, iruhande y'amalitiro igihumbi ahabwa biciye mu mategeko, igihe cose habonetse igitoro mu ntara ya Kirundo.
Buramatari w'intara ya Kirundo, Albert Hatungimana we asigura ko ayo maritiro ibihumbi bitanu y'ibitoro akoreshwa n'imashine ivomera ibitunguru muri komine Busoni y'iyo ntara nyene. Yamara nkuko tumaze kubibabwira hano kuri Radiyo haguruka kandi bikaba vyemezwa n'abajejwe intwaro mu Kirundo, ivyo bitoro ntibikoreshwa n'iyo mashine ahubwo Buramatari arabigurisha abicishije Ku mukomisiyoneri yitwa Hadji.
Umwe mubagize inama ya komine Busoni, amenyesha kw'ibido imwe gusa y'amaritiro 20 ihagije kugira ishobore gukoreshwa mukuvomera ivyo bitunguru vya Albert Hatungimana biri ku nkengera z'ikiyaga Rweru. Aho ni mu gihe umwe mu bategetsi basanzwe barongoye intara ya Kirundo nawe yemeza ko amakamyo yose atwara ibikoresho vyo kwubaka aho mu Kirundo akura ibitoro kwa Buramatari hamwe no k'uwitwa Eric Nduwayezu.
Abanyakirundo bakaba bavuga ko mu misi iheze, hari umugwi ugizwe n'abapolisi warungitswe mu Kirundo uvuye i Bujumbura mu ntumbero yo gusuzuma ko iyo mirima y'ibitunguru ibaho, ariko uwo mugwi ngo ukaba wasanze iyo mirima atayihari.
Abo banyagihugu bo muriyo ntara ya Kirundo bakaba batewe umutima uhagaze n'ako kabi kariko gakorwa n'abitwa ko ari indongozi zabo. Bamwe bakaba babandanya basaba umukuru w'igihugu Evariste guhagarika mu mabanga yabo abategetsi bose bo muri iyo ntara bacuruza mu buryo bwa magendo ibitoro bigenewe intara yabo.
Abo n'abo ngo akaba ari Buramatari, uwujejwe ibiro vya Buramatari, uwurongoye igipolisi mu ntara, uwurongoye iperereza mu ntara hamwe na Musitanteri wa Komine Kirundo. Yamara abandi nabo bakaba bavuga ko intwaro ya CNDD-FDD ikwiye kuvaho mu buryo bwose bushoboka ngo kuko yuzuyemwo ba nsumirinda gusa ngo bariko barabarya babicayeko.
Inkuru yanditswe na Abel Nzambimana.