Naho uburundi bumaze imyaka 60 buronse intahe yo kwikukira, umwigisha muri Kaminuza Charles Nditije wewe abona k'uburundi butarashikira intahe yo kwikukira nyakuri.
Kuruyu wa gatanu igenekerezo ry’ambere Mukakaro 2022, niho uburundi n’abarundi bahimbaza imyaka 60 igihugu c'Uburundi kimaze kironse intahe yo kwikukira, bamwe n’abandi harimwo umugambwe UPRONA, ishami rirongowe n’umwigisha muri Kaminuza Charles Nditije ubona k'uburundi butarashikira intahe yo kwikukira nyakuri.
Mur'uwo mugambwe bavuga ko nkuko yavyipfuza umuganwa Ludoviko Rwagasore yaharaniye intahe yo kwikukira, ukwikurira hamwe n'ubwigenge bw'igihugu vyategerezwa gukurikirwa n'ibohoka ry'ubutunzi. Iryo naryo rikerekanwa nuko abanyagihugu bashobora kwiga, kwivuza, kubaho neza, n'ibindi.
Umugambwe UPRONA, ishami rirongowe na Charles Nditije uvuga yuko, ivyo vyose bishoboka mu gihe hari intwaro ibereye mu vya politike n'ubutunzi. Intwaro ibereye nayo iboneka iyo inzego zavuye mu matora y'ukuri yubahiriza uburenganzira n'ubwigenge nyamukuru vy'abanyagihugu, iyo ubutungane bwigenga, iyo ata giturire kivurwa, iyo ubutunzi kama bw'igihugu butunganywa n'igihugu hatagiyemwo ibindi bihugu canke amashirahamwe mpuzamakungu, iyo kandi umuco w'igihugu ugumyeho.
Ku bw'umugambwe UPRONA, Evariste Ndayishimiye arongoye uburundi muri kino gihe ngo ntiyatowe mu matora yubahirije ibisabwa, ngo yatowe mu matora y'inkinamico yabaye kuwa 20 Rusama 2020, amatora yo mu kanywababo ata barorezi bahari, amatora atandukanye n'ugushaka kw'abanyagihugu.
Mu mugambwe UPRONA bakabandanya bavugako , icavyunyuye ngo aruko iyo ntwaro nshasha ya gisirikare yaciye yongera ikibi mu kindi mugutoteza, gupfunga hadakurikijwe amategeko be no mukwica abatavuga rumwe nayo.
Kubera ko hakibuze ibintu vyinshi kugira ngo haboneke mu Burundi intahe yo kwikukira nyakuri, umugambwe UPRONA usaba abarundi bose, guhaguruka nkuko bahagarutse muri kahise kuko ngo nibarindira ejo bazoba bacerewe kugira bahabuze iyo ntahe yo kwikukira.
Inkuru yanditswe na King Blaise Iranzi.