• Home
  • ACTUALITÉS
  • Indyane zidasiba kwibonekeza mu mashengero atandukanye yo mu Burundi, zituruka k’uwundi mukenyuro w’Umugambwe CNDD-FDD wo kurondera kuvanga politique ni vy'Imana hamwe no kurondera kwigumiza ku butegetsi bakoresheje amayeri yo guca mur'ayo mashengero.

Indyane zidasiba kwibonekeza mu mashengero atandukanye yo mu Burundi, zituruka k’uwundi mukenyuro w’Umugambwe CNDD-FDD wo kurondera kuvanga politique ni vy'Imana hamwe no kurondera kwigumiza ku butegetsi bakoresheje amayeri yo guca mur'ayo mashengero.

S’ubwambere, s’ubwakabiri, eka mbere si n’ubwagatatu haduka indyane mu mashengero atandukanye, ku ntwaro ya CNDD-FDD. Abapfa, abakomereka n’abapfungwa, mu barongoye ayo mashengero ntibasiba kwirirwa baribonekeza umwaka kuyundi biturutse kukuba muribo bapfa ubugabo bwo kuba harabavuga bakumvirwa mu mugambwe CNDD-FDD abandi nabo kuko bafise abategetsi bo hejuru bo muri uwo mugambwe CNDD-FDD bavugana, bagaheza bose bakikora kunzego z’igihugu cane cane ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’umutekano.

Uburorero bw’ivyo tuvuze ntiburi kure, n’uyu musi birabonekera kubibera mw’ishengero ry’abadiventiste b’umusi w’indwi, aho harabapfungwa abandi bagakomereka abandi bagatonda gusenga batekeye amabuye amahiri n’ibindi. Muri Ezebu, Pentecote n’ayandi tutiriwe turadondagura. Ivyo kubatabizi baribaza icoba gituma izo ndyane zirirwa ziraba mu mashengero mugihe abarongoye ayo mashengero bavuga ko bakorera Imana yamara bikabasiga.

Ariko mu makuru uruganda rwa Radio-Haguruka rwitohereje ni uko izo ndyane zituruka k’umukenyuro w’Umugambwe CNDD-FDD wo kurondera kuvanga politique n’ivyimana hamwe no kurondera kw’igumiza kubutegetsi bakoresheje amayeri yo guca murayo mashengero canke ivy’Imana.

Ikibabaje uno musi, n’ukubona hari abungere bayo mashengero bari barahisemwo gukorera Imana nk’abakozi bayo, ariko uyu musi ntibahabere maso bakaba bariko bararwa mu mutego wuwo mugambwe. Bamwe bakawurwamwo kubwo kurondera kwitonesha mugushinga amabanga bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD, bagamije kurondera amaronko, abandi bakawurwamwo kugira ngo baronke imfashanyo zo guteza imbere amashengero barongoye zitanzwe nabo bategetsi bo muri CNDD-FDD.

Aho ntitwibagiye n’abariko bararwa muri uwo mutego mukuba bashaka kuba abanywanyi b’imigambwe cane cane umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD bakongera bakarondera no kuba abakozi b’Imana ivyabatari bake babona nko kurondera kugenda mu nzira zibiri kandi bidashoboka.

Naho birI uko bamwe mu bakiritsu bayo mashengero ari nabo badasiba kurwa mu mporero zivyabo barongoye amashengero baba bariko bararondera, hari abatanguye kuzazanirwa nivyo bariko barajanwamwo n’abungere babo nkuko badasiba kubishirahabona. Bakavugako kwigishwa ivya politique canke kuvuga imvugo zifotse ariko zihengamira ku mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ngwari bimwe bigaragaza kwabungere babo bamaze gufata izindi nzira zitandukanye nizo bari barabonyemwo igihe binjira mu mashengero babo. Iyo nkuru tukazoyibandanya mu makuru yaco azokwirikira.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !