Bamwe mu bakirisu b'ishengero rya pentecote ry’i gitega baridongera umwungere wa mbere w’iryo shengero, Pasteur Ngendakumana Claver, kuba aheruka gushinga amabanga Mvuyekure Lazare avurwa mu bw’icanyi n’ubunyonyezi vyirirwa birakorwa mu gihugu
Iryo shengero rya Pentecote ry‘igitega, rimaze igihe gito rironkejwe uburenganzira bwo kwigenga, ivyo bita misiyoni muriryo shengero, kuko ryari rimaze imyaka myinshi rifatwa nkububwiriza canke igisata ca misiyoni ya Kiremba.
Kuva rikironka uburenganzira bwo kwigenga, ryahawe Pasteur Ngendakumana Claver avuka muri Commune ya Bugendana nk’umwungere wambere w’iryo shengero, hamwe na Hermes Niyonzima nk’umwungere wa Kabiri. Claver Ngendakumana akaba azwi nkumunywanyi akomeye w’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD naho nyene yahora agerageza kubikora mu kinyegero. Ariko vyari bisanzwe bizwi kuva mbere no ku muhisi Petero Nkurunziza yahoze ari umukuru w’igihugu kuko yabonanye nawe akatari gake.
Muri kino gihe rero, abakirisu biryo shengero bakaba bidogera uwo mwungere w’iryo shengero Pasteur Ngendakumana Claver ko batariko baratahura ivyariko arabajanamwo, bati kuva iryo shengero ry’itwa ishengero ngo ntibari bwabone aho ibintu vya politique biza kwigishirizwa mw’ishengero canke ngo babone uburongozi bw’ishengero bucangana n’uburongozi bw’umugambwe nkuko biriko biragenda.
Ngaha bagatanga akarorero bavuga ko kadasanzwe ko kubona uwo mwungene ngw'aheruka gushinga amabanga amwe mu mabanga yo muriryo shengero umwe mu ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD kurwego rw’igihugu, Lazare Mvuyekure basanzwe bavuka hamwe muri Komine ya Bugendana.
Uwo Lazare Mvuyekure avurwa, muri kino gihe akaba asanzwe ajejwe amabanga mu mugambwe CNDD-FDD yo kwigisha no gukundisha uwo mugambwe, hamwe no kuba avurwa mu bw’icanyi n’ubunyonyezi vyirirwa birakorwa mu gihugu c‘uburundi.
Nkuko abo bakirisu bavyiganiye uruganda rwa Radio-Haguruka, bavugako ivyo bariko barabona ngo bisa naho uwo mwungere w‘iryo shengero ngo yoba ariko arafata inzira yo kurondera gucanganya uburongozi bw’ishengero n’uburongozi bw’umugambwe CNDD-FDD ngo kandi ataho vyari bwakaboneke, bati ntakuntu Lazare Mvuyekure yoba yirirwa arigisha umugambwe CNDD-FDD ngo hanyuma yongere agaruke kubigisha ubutumwa bwiza. bati ibiriko biraba n’akamaramaza niko abo bakirisu batubwiye.
Mugihe abo bakirisu bamwe muribo bishwe n’agahinda, kivyo biriko birakorwa vyo kwinjiza politique mw’ishengero ryabo nkuko bavyivugira, uruganda rwa Radio-Haguruka tumaze iminsi tugerageza kurondera, Pasteur Ngendakumana Claver umwungere wiryo shengero ry’igitega kugira ngo tumubaze ico ashikiriza kurivyo bishikirizwa n’abo bakirisu bo mw’ishengero arongoye ariko tukaba tutarashobora ku muronka.
Eka mbere n’ubutumwa tumaze kumwandikira agashika kabiri kose kurubuga rwiwe rwa Whatsapp, yarabusomye ariko akaba yashimye kutagira ico atwishura. Nubu akaba arinkuru tuzobandanya tubakwirikiranira.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.