• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abanyagihugu bamenyesha y'uko igiciro c' ikawa mu burundi gisigaye kiri munsi y'icibiharage. Bakavuga ko bagiye guheba kuzirima kuko ngo harimwo imvune mukurima ico giterwa kandi ikagurwa make.

Abanyagihugu bamenyesha y'uko igiciro c' ikawa mu burundi gisigaye kiri munsi y'icibiharage. Bakavuga ko bagiye guheba kuzirima kuko ngo harimwo imvune mukurima ico giterwa kandi ikagurwa make.

 

Abanyagihugu cane cane abarimyi bigiterwa c' ikawa ntibanezerejwe no kwama babwirwa gusa n'abategetsi ibijanye n'umwimbu w'ikawa uboneka uko umwaka utashe. Bo ngo boshimishwa no kwumva ico bita inkuru nziza yotuma batuburura umukanda ndetse ngo bakitaho no kurima ico giterwa.

Babivuze inyuma yaho umushikiranganji Déo Guide Rurema mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi amenyesheje mw'isizeni turimwo y'2022 ushira 2023 ko hamaze kwegeranywa amatoni y'ikawa ihishiye 85.676 n'ibiro 469 ngo hakaba hitezwe umwimbu ungana n'amatoni 94.866 n' ibiro 513 n'ukuvuga kw'iyimaze kuboneka ari ibice 90 kw'ijana.  Muri ayo matoni yose, ikigo ODECA ngo kimaze kwegeranya amatoni arenga gato 30.000.

Muri iyo sizeni nyene, ihemba rya mbere ryararangiye ku matonorero ya ODECA, aho ikawa nziza yaguzwe amahera 800 ku kiro na 400 ku bisorwa. Ngw'ariko rero hariho amatonorero ataragira ihemba rya mbere. Nkuko uwo mushikiranganji abandanya abimenyesha, ayo matonorero ataragira ihemba rya mbere ngo yarafatiwe ingingo yo kuzoca atangira rimwe ihemba rya mbere nirya kabiri imbere y' italiki 10 z' ukwezi kwa Myandagaro uyu mwaka nyene turimwo. Ngo barengeje ico kiringo, ikawa yabo izoca ifatwa na Reta biciye mu kigo ODECA, ico kigo gice gihemba abarimyi hanyuma ayo matonorero ace afutwa burundu mu gisata c'ikawa. Umushikiranganji Déo Guide Rurema akaba yasavye ikigo ODECA ko ku neza y'igihugu n'abanyagihugu, cokurikirana cane abo bose bashaka kuguma barya imitsi abandi.

Nayo ng'umuntu wese azi ko afise ikawa yatonoreye muhira, ategerezwa kumenya ko ikawa ari iy' igihugu kandi ko izogurwa n'abasanzwe bakorera mu gisata c'ikawa babifitiye uruhusha, canke uwariwe wese abishoboye ariko ata makosa yagirizwa muri kahise mu gisata c'ikawa, kandi yiyemeje gukurikiza amategeko ajanye no guhingura ikawa kandi akazobanza kuronka uruhusha rwa ODECA hariko umukono wa komine ashaka gukoreramwo. Iyo kawa nayo ikazogurwa amafranga y'amarundi atarenga 1.500.

Bamwe mu barimyi b'ikawa bavuga ko bagiye kurandura ikawa ngo kuko nta kuntu ngw'ikiro kw'isoko mpuzamakungu kigurwa amadolari menshi hama umurimyi akayitanga ku 1.500, ngw' agaciro kari musi y' idolari rimwe. Ku bwabo ngw'ako n'akagaye bakorerwa na Reta ya CNDD-FDD.

Abarimyi b'ikawa begereye igihugu kibanyi c'urwanda bobo bamenyesha ko iyo bayisohokanye bakayishikana mu Rwanda ngw'ikiro kimwe bakibagurira ku mafranga 9.000 vy' urwanda, n' ukuvuga hafi  amafranga ibihumbi mirongo itatu y'amarundi. Abo barimyi bagasaba Reta ya CNDD-FDD kwikebuka kugira ngo umurimyi w'ikawa nawe aze arivuga amazina ngw'areke kuruhira ubusa.

Ngo bitagenze uko, ngw'izorandagurwa, baheze birimire ibigori hamwe n'ibiharage ngo kuko bisigaye birusha agaciro ikawa ngo kandi vyovyo bikaba vyimburwa incuro irenga imwe mu mwaka.  Hariho n'abandi barimyi bavuga kw'ata gutera imbere kw'abo ku ntwaro ya CNDD-FDD ngo kuko guteza imbere umurimyi w'ikawa iyo Reta atavyo inezwe.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !