Imbonerakure zibandanya gukora ibara mu kugandagura Abarundi, akarorero akaba ari Jean Marie Mpawenimana wo muri karitiye ya Kamesa, zone Musaga, komine Muha y'igisagara ca Bujumbura zagandaguwe mw'ijoro ryo Ku w'Imana uheze
Umukenyererarugamba Ndayisenga Maline wo muri karitiye Kamesa ya zone Musaga niwe wa mbere yagirizwa urupfu rwa Nyakwigendera Jean Marie Mpawenimana, umugabo w' umwana umwe gusa n'umukenyezi umwe nawe nyene yaba mu Kamesa.
Nkuko amakuru dukura mu Kamesa abivuga, ku musi w'Imana uheze igenekerezo rya 24 Mukakaro uno mwaka nyakwigendera hamwe n'umutambukanyi wiwe baciye ku kabare bakunze kwita kumapayote ahacururiza Ndayisenga Maline, umukenyererarugamba. Bahafata agacupa, umukenyezi wa nyakwigendera araheza ataha kare kuraba ivy'urugo, umucance wiwe ari we Jean Marie Mpawenimana asigaraho yihereza agacupa.
Niho mu nyuma Jean Marie yabona hafi yaho yicaye agasakoshi gasa nako umukenyezi wiwe. Aragafata araheza atangara avuga ko koba arako umugore wiwe yibagiye. Hadaciye n' akanya Ndayisenga Maline acuruza murako kabare araza n' ishavu ryinshi amwaka ako gasakoshi avuga ko arakiwe. Ubwo nyene aca asemerera avuga ko karimwo amafranga ibihumbi ijana na mirongo itanu none asanze atayarimwo.
Imbonerakure zari aho ziraheza zahuka Jean Marie Mpawenimana ziramukubita aharyoshe ahabishe. Jean Marie Mpawenimana ariyaka izo mbonerakure ariruka. Ndayisenga Maline, umukenyererarugamba aca atanga itegeko kuri izo mbonerakure ryo kumukurikira ngo zimufate zimukosore.
Aho zamuhambirije, nta muntu yari ahari kuko hari mw'ijoro hagati, zongera ziramukubita aho zanamukomerekeje cane mu mutwe nkuko biboneka kw'ifoto y'ikiziga ciwe. Izo mbonerakure zibonye acikanye zica zimuhenurira mu kimanga kirekire zirigira. Bukeye bwaho, niho ikiziga ca Jean Marie Mpawenimana cabonetse.
Bene umuntu barituye abajejwe intwaro, inyamiramabi ikorera kuri zone Musaga ikaba ariyo yaciye itangura gukurikirana iyo dosiye. Maline Ndayisenga, umukenyererarugamba, arafatwa arapfungwa hamwe n'imbonerakure zimwe muzagirizwa gutumwa n'uwo mukenyererarugamba gukosora nyakwigendera. Mu mbonerakure zafashwe harimwo izo batazira Mabere, Vani na Buhonga aba hafi yahatowe n' ikiziga.
Ikiziga ca nyakwigendera n' ubu ntikirahambwa ku mvo z'uko inyamiramabi ifise dosiye yatanguye kurondera uko irekura abagirizwa urwo rupfu. Iyo nyamiramabi ikaba ishaka kwandika kuri dosiye ko Jean Marie Mpawenimana yapfuye ahitanywe n'urwo akarago. Amakuru ava aho kuri zone Musaga ahapfungiwe abo bantu akaba avuga kw'ibiturire ari vyo biriko bicanacanako kugira ngo dosiye ihindukizwe.
Umupolisi yitwa Michel yigeze kuba arongoye igipolisi aho kuri zone ya Musaga ubu akorera mu gipolisi kijejwe kurwanya imigumuko gikorera ahitwa kwa Ndadaye mu gisagara ca Bujumbura hagati, akaba anasanzwe avuka hamwe n'uwo mukenyererarugamba Maline Ndayisenga ku mutumba Ruyaga, agacimbiri Gikangaga, zone Ruyaga ya komine Kanyosha, intara ya Bujumbura, niwe ngw'ariko yirukanga ngo bikunde Maline Ndayisenga arekurwe.
Gushika ubu ikiziga ca Jean Marie Mpawenimana kikaba kikiri mu buruhukiro bw' ibitaro Clinique Prince Louis Rwagasore mu gisagara ca Bujumbura.
Abanyakamesa ishavu riraniga aho bariko babaza aharoye ubutungane mu Burundi. Bagasaba ubutungane kudahirahira ngo bukingire ikibaba izo mbonerakure zagirizwa gukora iryo shano. Ubwo butungane butabonetse, abanyakamesa bavuga ko bazohaguruka babwironderere.
Gushika nubu, tukaba tumaze kugerageza kurondera Musitanteri wa Komine Muha, umupfasoni Dévote Ndayisenga kugira tumubaze kw'ariko arakurikirana ivy'iyo dosiye y'uwo muryango usaba gutunganirizwa ariko terefone yiwe ngendanwa ikaba iguma ihamagara yamara hakabura uwitaba.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.