Imyimenyerezo ya gisirikare k'urwaruka rw'imbonerakure irabandanya muntara zitandukanye
Kumusi wa gatanu igenekerezo rya 29 Mukakaro 2022 ku mutumba wa Borera commune kayogoro mu ntara ya Makamba haratangujwe imyimenyerezo ya gisirikare k'urwaruka rw'imbonerakure rw'aho kuri uwo mutumba.
Iyo myimenyerezo ya gisirikare ikaba yatanguye mugatururu aho abanyagihugu bikanguye basanga imbonerakure zo kur'uwo mutumba ziyegeranije ziriko zikora iyo myimenyerezo zongera ziririmba indimbo nyinshi nyinshi.
Izo nyigisho za gisirikare rero zikaba zihagarariwe n'uwitwa Bunani asanzwe arongoye izo mbonerakure. Mumakuru dukura aho kur'uwo mutumba rero bikaba bivurwako izo mbonerakure zikora iyo myimenyerezo kugira ngo zizohigure n'abo bose batavuga rumwe na Reta ya CNDD-FDD eka bikaba bigenda biravurwa nizo mbonerakure nyene aho zigenda zirigamba kubanyagihugu zibatera ubwoba.
Abanyagihugu b'aho mu kayogoro bayaze na Radio-Haguruka bavugako batewe umutima uhagaze n'iyo myimenyerezo ya gisirikare kuko babonako izohava ikwega akarambaraye ku gihugu c'Uburundi, bagasaba ko yohagarikwa vuba bwango, abandi n'abo bakabona ko Reta ya CNDD-FDD ikoresha iyo myimenyerezo izo imbonerakure kuberako ifise ubwoba bw'amatora yimirije, umunyagihugu umwe akaba yagize ati « ivyo tubona kur'iyo myimenyerezo ya gisirikare ku mbonerakure bigaragaza ko umugambwe CNDD-FDD ufise ubwoba bw'amatora yo mu mwaka wa 2025 na 2027, rero ubu uwo mugambwe uriko ukora ibishoboka vyose kugira utere ubwoba abanyagihugu, ariko ingaruka yavyo izoba mbi cane mugihe abanyagihugu turiko dusemerera ngo bihagarare bakabibona ibisanzwe » arongera ati « abanyagihugu turasubiye gusemerera Reta ya CNDD-FDD n'igire ico ikoze ivyo bikorwa bigayitse bihagarare ejo ibara ni ryarwa nya reta ntizovuge ngo ntitwari twasemereye ».
Abandi banyagihugu bavugako baravye ivyo Reta ya CNDD-FDD iriko irakora isa niyamaze kuruha ahubwo ngo hamwe abanyagihugu bokwiyunga ntacobuza ko bayikurako ikabavira mu gihugu kuko bimaze kugaragara ko ataneza n'imwe Reta ya CNDD-FDD yipfuriza igihugu c'uburundi.
Inkuru yanditswe na King Blaise Iranzi.