• Home
  • ACTUALITÉS
  • Anicet Niyonkuru yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kumenyeshamakuru, yoba ariwe yizewe n’umugambwe CNDD-FDD gusumba Léocadie Ndacayisaba umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru ?

Anicet Niyonkuru yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kumenyeshamakuru, yoba ariwe yizewe n’umugambwe CNDD-FDD gusumba Léocadie Ndacayisaba umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru ?

Ico n’ikibazo bamwe n’abandi bariko baribaza, inyuma ya zuguruzuguru imaze iminsi irangwa muri kino gihe mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo kumenyeshamakuru, hagati y'umushikiranganji Léocadie Ndacayisaba  hamwe n'umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Anicet Niyonkuru.

Iyo zuguruzuguru mur'ubwo bushikiranganji yatanguye inyuma y'aho Anicet Niyonkuru yari umunyamabanga ntayegayezwa afatiye akaruhuko k'imisi 15 munyuma y'aho umushikiranganji amurongoye Léocadie Ndacayisaba agaca amusubiriza.

Nk'uko bigaragarira mwikete ry'ipapuro z’itatu (3)  ryanditswe rigashirwako umukono na Anicet Niyonkuru kuwa 28 uku kwezi kwa mukakaro 2022 yandikira umushikiranganji amutwara, Anicet Niyonkuru avuga ko yafashe akaruhuko k'imisi 15 kugira ashike mugihugu c'ubudagi gukurikirana ubuzima bw'umukenyezi wiwe yategerezwa kubarwa umutima, niko gusiga agenye umugenduzi mukuru mur'ubwo bushikiranganji kugira amusigaranire amabanga ico bita interim mukinyamazuru.

Ariko Anicet Niyonkuru ngo yapfuye gukura ikirenge, umushikiranganji wiwe Léocadie Ndacayisaba nawe aca agena umugenduzi mukuru kugira amusubirire vyimfatakibanza kugeza mu kiringo kitazwi ico bita durée indeterminée mugifaransa. Ibica vyumvikana neza ko Anicet Niyonkuru yakombowe mumabanga yiwe.

Munsiguro ziwe nk'uko biri mur'iryo kete nyene, uwo mushikiranganji Léoacadie akaba yabwiye Niyonkuru ko asanzwe afise amabanga abiri (2) yose agenwa n'itegeko ry’umukuru w'igihugu. Iryambere rimugena nk'umuyobozi ntayegayezwa mubushikiranganji bwo kumenyashamakuru, irya kabiri naryo rikamugena kuba munama y'igihugu ijejwe ubumwe no gusubiza hamwe ko rero ayo mabanga yakabiri aca afuta amabanga yiwe yambere.

Ariko naho umushikiranganji yabwiye Anicet Niyonkuru ivyo, wewe munsiguro ziwe ziboneka mw’ikete yanditse, yabwiye uwo mushikiranganji bibonekako batavuga rumwe ko amabanga arimwo yose yayagiyemwo kuko yishimiwe akongera akaba yizigiwe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye. Bibonekako rero ko Anicet yishimiye cane ko uwo mushikiranganji azoca akurwa mumabanga kubw' ubucuti yoba yizeye buri hagati yiwe n’umukuru w'igihugu c’uburundi.

Nk'uko bibandanya kuragaragarira muriryo kete nyene, Anicet Niyonkuru asa n’uwuriko arasamba bidasanzwe yitakambira ko adakwiye gukurwa mumabanga yiwe ngo kuko murayo mabanga yakabiri atan’umushahara aronkayo. Muri uko gusambagirika Anicet aributsa umushikiranganji Léocadie ko naho ari mu gihugu c’Ubudagi hari imigambi ikomeye yubwo bushikiranganji  yariko arakurikirana kandi ko n’ubu aguma ayikurikirana naho atari mu gihugu ko rero kumusubiriza mur'ayo mabanga bishobora gutuma iyo migambi iteba kuja mu ngiro ngo kuko ariwe yariko ayikurikirana, mu kuvugana  n’ibisata mvamakungu bizofasha mw’ishigwa mungiro ry'iyo migambi. Agasozera avugako hamwe yosubirizwa iyo migambi ishobora guhagarara kandi yari ineza kurubwo bushikiranganji no kugihugu c'uburundi muri rusangi.

Tubibutseko Anicet Niyonkuru yahoze ari umunyamabanga nshingwabikorwa murunani rwahoze rutavugarumwe na Reta y’uburundi CNARED-Gititeka, araheza ahunguka igenekerezo rya 05 Gitugutu 2019 aho ashitse  kukibuga c'indege citiriwe Melchior Ndadaye i Bujumbura yakirwa na Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL, asanzwe azwi nkumuntu akoreshwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuva kera.

Kuva ico gihe rero Anicet Niyonkuru akaba yaciye atangura kwifatira mugahanga yongera atyoza abo bahoranye mu buhungiro mu kuvuga ko uburundi ari bwiza ko abanye politike aribo babuza abandi guhunguka, ivyo vyose rero akaba yabivuga kugira yiyeze kuntwaro ya CNDD-FDD kuko nk'uko amakuru Radio Haguruka ifise abivuga, Anicet Niyonkuru  yahenzwe n'intwaro ya CNDD-FDD ibicishije kuri Willy Nyamitwe, mu kumubwira ko yohunguka kugira azoce agenwa kuba umushikiranganji inyuma yamatora ya 2020. Ariko bakaba bumvikanye ko azokora ibishoboka vyose  kugira abandi banye politike bahunguke ariko bikaba vyaramutaye kuwamazi.

Inyuma rero yiyo zuguruzuguru abanyagihugu twayaze babonako Anicet Niyonkuru rutanguye kumwuzurirako, nayo amakete ngo ariko arandika ntaco azomufasha ngo kuko bibonekako ivyo umushikiranganji amutwara yakoze ari mucezo wa ndani wateguwe na system ya CNDD-FDD kugira bamwomore mur'ayo mabanga. Barongera bakavugako abatazi CNDD-FDD bayibarirwa kuko ngo yama irangwa n'ububegito bwo kwiyorobeka mu kuresha abantu nakarimi gasosa ngo bahunguke, ariko bamaze gushika mugihugu bakabona ayimbwa yaboneye kumugezi. Abo banyagihugu bakarangiza bavugako ibiriko bishikira Anicet Niyonkuru vyobera akarorero abandi banye politique boshobora guhendwa na reta ya CNDD-FDD.

Inkuru yanditswe na King Blaise Iranzi.

Partager cet article !