Ikintu conyene cotuma Congo ironka amahoro n'umutekano n’ibiganiro kuko intambara azorendura n’akariho
Umuhari MAP-Burundi buhire waraye usohoye urwandiko ruvuga ku bijanye n' irungikwa ry' abasirikare ba Reta y' uburundi hamwe n' imbonerakure mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira demokrasi ya Congo.
Muri urwo rwandiko uwo muhari uvuga kw' iryo hitamwo rya reta ya CNDD-FDD ridashobora kugira ico rishitseko mu vyo gufasha kugarukana amahoro n' umutekano mu buseruko bw' ico gihugu. Aha bakabivuga bishimikije kw' ico gihugu kirimwo imigwi irwana igera kw'130, ikaba irimwo iyirwanira gucukura ubutare bwuzuye muri ico gihugu.
Babivuga kandi bishimikije ko kuva mu mwaka w' 1999, muri ico gihugu haguma hakurakuranwa inteko mpuzamakungu ariko kugera uyu musi atakirahinduka. Inteko za ONU zihurikiye muco bita MONUC nizo zatanguye kuhagera ico gihe, mu 2010 ziraheza zisubirirwa n' izihurikiye muri MONUSCO.
Amafranga izo nteko zikoresha buri mwaka akaba angana n'umuliyaridi umwe, imiliyoni 123 n' ibihumbi 346 vy' amadolari ya Amerika ku basirikare ibihumbi 17.783. Ivyo bikaba biri uko mu gihe akarere ka Afrika y' ubuseruko gaherutse nako gufata ingingo yo kurungikayo abasirikare kandi ako karere kakaba gafise ikibazo co kuronka amafranga akoreshwa n' abasirikare karungitseyo.
Ivyo vyose bikerekana ko amahitamwo ya Reta y' uburundi ataho azoshika. Kugira rero amahoro n'umutekano biboneke muri ico gihugu, umuhari MAP-Burundi buhire uvuga ibiganiro ari vyo bitegerezwa gushirwa imbere y' intambara na rirya inzira y' intambara imazwemwo imyaka irenga 20 ariko ikaba itarazana inyishu aho muri CONGO.
Uwo muhari kandi ukaba usaba Varisito Ndayishimiye arongoye Uburundi hamwe n' ishirahamwe rya Afrika y'ubuseruko, igihugu ca Congo gisanzwe kirimwo, kuvugana n' umukuru w'igihugu ca Angola atwara CIRGL kugira bashireho ibikenewe vyotuma habaho imibonano yoshikana akarere ku mahoro arama.
Inkuru yansitswe na Don de Dieu Mbazumutima.