N’igiki c’inyegeje inyuma y’ikena ry'ibintu vya nkenerwa, nk’igitoro, ifumbire n’amahera y’agaciro mu Burundi?
Radio-Haguruka yarasize ahabona ivyavuye mu matohoza imaze gukora, aho yasanze biterwa n’ibihangange vyo mu butegetsi bwa CNDD-FDD, kwisonga hakaba haza umuryango w' umukuru w'igihugu Varisito NDAYISHIMIYE, General Manirambona Christophe batazira Wakenya, uwitwa Mvuyekure Lazaro, umushingamateka Constantin, hakaba na Kazohera Vénérand hamwe na Suguru Olivier.
Abarimyi bo mu mihingo itandukanye bararihishwa imbere amafranga y' ifumbire y' ikizungu, ariko vyagumye vyibonekeza ko batayironswa. Bayironkejwe naho bakayironswa igihe c' irima cagiye kandi bakaronswa iyidahuye niyo barihiye amafranga. Aho ingorane ihagaze hakaba hagumye ari ikinyegezwa mu butegetsi. Yamara icegera c'uwurongoye ihinguriro FOMI rihingura umwavu w' ikizungu mu Burundi, Herménegilde Manyange akaba aherutse kumenyesha ko muri iryo hinguriro bafise ikibazo co kubura amafranga y' agaciro bita devises mu kinofunofu. Ibituma babura uko bagurira mu mahanga ivya nkenerwa bikoreshwa n' iryo hinguriro.
Amakuru yo kwizera Radio Haguruka ifise iyakuye ku begereye ubutegetsi bwa CNDD-FDD hamwe no kuri umwe mu bahoze bakomeye muri ubwo butegetsi nyene, avuga kw' ingorane yo kubura ayo mafranga y' agaciro mw' ihinguriro FOMI, ikomoka ku kutabonwa neza na Varisito Ndayishimiye arongoye uburundi k' uwashinze iryo hinguriro, umurwizatunga asanzwe ari n' umunywanyi akomeye w'umugambwe CNDD-FDD Adrien Ntigacika batazira Ziranotse.
Uko kutabonwa neza na Varisito Ndayishimiye kukaba kwaturutse kuba Ziranotse atari ashigikiye k'umukandida w'umugambwe CNDD-FDD mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora ya 2020, aba Varisito NDAYISHIMIYE. Ziranotse akaba yari ashigikiye umushingamateka Pascal Nyabenda ari nawe yaranashigikiwe n' umuhisi prezida petero Nkurunziza. Kukaba nkako, iryo hinguriro FOMI rikaba ryashinzwe ku ntwaro y' umuhisi Petero Nkurunziza. Varisito Ndayishimiye hamwe n'abamushigikiye bakaba baciye batangura kurondera uko bigiza inyuma abantu bose basangiye umugambwe ariko batamushigikiye. Nikwo gutangura kwima amafranga y' agaciro iryo hinguriro FOMI.
Aho bigeze, hariko harategurwa umugambi wo gushinga ikindi kintu kimeze nk' ihinguriro ry' umwavu w' ikizungu muri komine Bugendana, mu ntara ya Gitega. Ico kikazoba gishinzwe mu ntumbero yo kwambura isoko ry' umwavu w' ikizungu ihinguriro FOMI. Ayo makuru yo kwizera akabandanya amenyesha ko ico kintu kigiye kuzoshingwa aho i Bugendana atari ihinguriro ry'umwavu nkuko bene gutegura uwo mugambi bategekanya kucita, ngw' ahubwo azoba ari ububiko bw' umwavu w'ikizungu ugiye kuza urarangurirwa hanze.
Bamwe mu bagize uwo mugwi ugiye gushinga ubwo bubiko ariko bukitwa ihinguriro muri komine Bugendana, mu ntara ya Gitega akaba ari : umuryango w' umukuru w'igihugu Varisito NDAYISHIMIYE, General Manirambona Christophe batazira Wakenya asanzwe avuga mu ntaya Gitega muri Commune ya Gishubi, uwitwa Mvuyekure Lazaro umushingamateka akongera akaba no mu rwego rukuru rwa CNDD-FDD, amaze no gukoreshwa mu bwicanyi butari buke bumaze gukorwa mu Burundi, kandi akaba avuka no muriyo Komine ya Bugendana, umushingamateka Constantin, hakaba na Kazohera Vénérand na Suguru Olivier.
Uwo mugambi, mu buryo bunyuranye n'itangwa ry' amasoko ya Reta, ukaba uriko ushigwa mu ngiro na babiri muri abo aribo Kazohera Vénérand na Suguru Olivier. Muri uyu mwaka uheze wa 2022, ibanki nkuru y' igihugu BRB ikaba yahaye ibanki y’ubudandaji BANCOBU amamiliyaridi 130 y'amafranga y'amarundi hamwe n' imiliyoni 64 z' amadolari y' abanyamerika azokoreshwa nabo bagabo babiri muri uyo mugambi w' ivyo bihangange vyo mu mugambwe CNDD-FDD harimwo umukuru w'igihugu c' uburundi Varisito NDAYISHIMIYE.
Abanyagihugu bakaba batanguye kuvuga k'ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwuzuyemwo ababeshi kuva ku mukuru w'igihugu, ko rero bategerezwa gukora uko bashoboye, ubwo butegetsi bakabuhindura.
Mu makuru yacu azokurikira tukazobabwira ibijanye nako kayabu k' amafranga y' igihugu kariko gakoreshwa n' uwo mugwi mu buryo bunyuranye n' amategeko hamwe n' akayabu nyene k'amafranga ikigega ca reta kiguma gihomba buri kwezi biturutse kw' ifatwa mu minwe na Varisito NDAYISHIMIYE arongoye uburundi ry' ikibazo c' ikena ry' ibitoro mu Burundi.
Inkuru yanditswe na Don de Diue MBAZUMUTIMA.