• Home
  • ACTUALITÉS
  • Isegenya ry’amamiliyaridi 130 z' amarundi hamwe n' imiliyoni 64 z' amadolari y'abanyamerika, riramaze guhabwa akarwi k’ibihangange vy’ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu gifuri akuwe mu kigega ca reta y’uburundi

Isegenya ry’amamiliyaridi 130 z' amarundi hamwe n' imiliyoni 64 z' amadolari y'abanyamerika, riramaze guhabwa akarwi k’ibihangange vy’ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu gifuri akuwe mu kigega ca reta y’uburundi

Mu mwaka uheze, ibanki nkuru y' igihugu BRB yahaye ibanki BANCOBU imiliyaridi 130 z' amarundi hamwe n' imiliyoni 64 z' amadolari y' abanyamerika. Ayo mafranga akaba yacishijwe mw' ibanki y’ubudandaji BANCOBU kugira ngo aze arahabwa abagabo babiri Kazohera Vénérand na Suguru Olivier kugira baze baragura ifumbire y'ikizungu inyuma y' igihugu, bayizana mu bubiko muri komine Bugendana imbere yuko ishikanwa mu minwe y' abanyagihugu.

Amakuru yizewe duhabwa n' abegereye ubutegetsi bwa CNDD-FDD hamwe n' umwe mu bahoze bakomeye muri ubwo butegetsi nyene, amenyesha yuko muri ako kayabu k'ayo mafranga,  mu ntango za Kigarama  2022, abo bagabo babiri baronkejwemwo imiliyoni 13 z' amadolari y' abanyamerika. Izindi miliyoni 10 z' amadolari y'abanyamerika bazironkejwe mu mpera za Kigarama nyene z' umwaka twaraye dusozereye. Hagati aho, muri Kigarama nyene 2022, abo bagabo babiri baserukira abandi harimwo umuryango wa Varisito Ndayishimiye arongoye uburundi, baronkejwe imiliyaridi 60 z'amafranga y'amarundi.

Nkuko amasoko yacu abandanya abitumenyesha, izo miliyaridi 60 z' amarundi, ibanki BANCOBU yayakuye kuri compte y' isosiyete itanabaho yitwa RISE UP. Iryo zina ry'iyo sosiyete rikaba ryarementanijwe na Kazohera Vénérand na mugenzi we Suguru Olivier kugira hanyegezwe kw' amafranga ariko aribwa avuye mu kigega ca Reta.

Abazi guharura muca mwumva ko mu miliyaridi 130 z' amarundi basigaje kuronka imiliyaridi 70. Nayo mu miliyoni 64 z' amadolari y'abanyamerika bakaba basigaje guhabwa imiliyoni 41. Ayo nayo bikavugwa k' umwanya n' umwanya bashobora kuyabaha.

Aha abatari bake bakaba bibaza ukuntu reta ishobora gushigikira amanyanga nkayo mu gihe idasiba kuririmba ivy' intwaro ibereye bikabasiga. Ivyo vyose bikaba biriko biba ata ngingo n' imwe iri mw' itegeko rigenga amasoko ya reta ikurikijwe ku mafranga angana atyo.

Baribaza kandi uworiha ayo mafranga mu gihe ico citwa sosiyete yabo bagabo babiri RISE UP iriko icishwako ayo mafranga yonanirwa no kuyishura nkuko vyigeze kuyishikira, naho nyene bikabasiga.

Bakibutsa kw' abo bagabo babiri bafise ingorane yo kuronsa imyambaro n' ibindi vya nkenerwa ku nzego z'umutekano no kwivuna abansi mu gihe bari barabiherewe amamiliyaridi menshi.

Nayo isosiyete yitwa Prestige  yiharije isoko ry' ibitoro mu Burundi haraheze amezi makeyi. Ni kuva umukuru w'igihugu Varisito Ndayishimiye arongoye uburundi avuze kw' ikibazo c' ikena ry'ibitoro acifatiye mu minwe.  Kuva ico gihe, Ikigega ca Reta y' uburundi gihomba amamiliyaridi 25 buri Kwezi.

Ayo akaba ariyo yahora arihwa nk' ikori buri Kwezi n' abahora badandaza ibitoro imbere ya sosiyete Prestige irongowe n' umutambukanyi w' umukuru w'igihugu Angéline Ndayishimiye. Bikavugwa kw' iyo sosiyete itariha iryo kori. Ayo mafranga akaba anyikira mu kigega c' umuryango w' umukuru w'igihugu haruhande y' izindi nyungu wunguka ku bitoro bidandajwe.

Kuri ivyo hiyongerako ibura ry' amafranga y' agaciro kubera akoreshwa n' akagwi gatoyi k' ibihangange vyo muri CNDD-FDD harimwo umuryango w' umukuru w'igihugu Varisito NDAYISHIMIYE.

Bamwe mu bakurikiranira hafi ibikorwa vy' ubutegetsi bwa CNDD-FDD, bamenyesha ko bumiwe bumvise ko Varisito Ndayishimiye nawe ari mu bariko barica igihugu mu gihe adasiba gusenga no kuvuga Imana ngw' akanavuga kwahana abitwa ko bishe igihugu.  Basaba abarundi kureka kwizera ko Varisito NDAYISHIMIYE ariko abacira inzira y' urukiza. Mu gihe bimeze bityo ngo  nibaheze bikureko ubutegetsi bwiwe.

Tubibutse bamwe mu bagize akagwi kariko karonswa ayo mamiliyaridi 130 y' amarundi hamwe n' imiliyoni 64 z'amadolari y'abanyamerika avuye mu kigega ca Reta. N'umuryango w' umukuru w'igihugu Varisito NDAYISHIMIYE, General Manirambona Christophe batazira Wakenya, Mvuyekure Lazaro, umushingamateka Ndikumana Constantin, Kazohera Vénérand na Suguru Olivier.

Inkuru yanditswe na Don de Diue MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !