• Home
  • ACTUALITÉS
  • Yamakuru tumaze iminsi tubashikiriza y’amanyanga ariko arakorwa na Reta y’uburundi, ibesha ko iriko irubaka ihinguriro ry’umwavu w’ikizungu muri Komine Bugendana, Umushikiranganji Sanctus Niragira yaraye avyemeje.

Yamakuru tumaze iminsi tubashikiriza y’amanyanga ariko arakorwa na Reta y’uburundi, ibesha ko iriko irubaka ihinguriro ry’umwavu w’ikizungu muri Komine Bugendana, Umushikiranganji Sanctus Niragira yaraye avyemeje.

 

Biramaze kumenyekana kw' ikintu kiriko kirubakwa muri komine Bugendana, intara ya Gitega atari ihinguriro ry' ifumbire y' ikizungu nkuko vyashikirijwe n' umushikiranganji Sanctus Niragira ajejwe ubushikiranganji bw' ibidukikije, uburimyi n' ubworozi muri ico kiganiro yakoreye i Gitega, umurwa mukuru wa politike.

Ico kiriko kirubakwa ngo n'ububiko bw'umwavu w'ikizungu ugiye kuza urarangurirwa hanze mu gihugu ca Maroc n' abagabo babiri Kazohera Vénérand na Suguru Olivier kw' izina ry' akagwi bafadikanije harimwo umuryango w' umukuru w'igihugu nkuko amatohoza ya radio Haguruka avyerekana.

Nayo imvo nyamukuru yatumye hiyumvirwa uwo mugambi wo kurangura hanze umwavu w' ikizungu, n' ukwambura isoko ishirahamwe FOMI ryari risanzwe rihingura ifumbire kubera mweneryo Adrien Ntigacika batazira Ziranotse atashigikiye kuva mbere Evariste Ndayishimiye kuja mu kibanza c' umukuru w'igihugu nkuko amatohoza nyene ya Radiyo Haguruka yabishize ahabona.

Ihinguriro FOMI rero rikaba ryahuye n' ingorane yo kubura umwavu rihereza abanyagihugu bitewe n' uko  ryimwe amafranga y' agaciro kugira rigurire hanze ibikoresho bikenewe mugukora uwo mwavu kuva umugambi wo gusubiza hasi iryo hinguriro mweneryo atari inyuma ya Varisito NDAYISHIMIYE  utanguye kwiyumvirwako ubona ko abari muriwo bose ari abo mu ntara za Ruguru uretse Olivier SUGURU wo mu ntara kama y' imbo.

Nkuko amakuru abandanya kudushikira abivuga,  umurwizatunga Adrien Ntigacika batazira ziranotse mwene ihinguriro FOMI ariko ahorwa Kandi ko ariko ategura gushinga irindi hinguriro ry' ifumbire y' ikizungu mu gihugu ca Angola akagirizwa n' ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye kw' uwo mugambi ariko awukoresha mu mafranga mvamakungu y' igihugu aho ni mu gihe Ziranotse amafranga mvamakungu bita amarolari ariko akoresha uwo mugambi ariko ayakura mu gihugu ca Tanzaniya.

Ikindi ariko ahorwa ngo nuko afitananiye imigenderanire na Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw' igihugu muri kino gihe naho hamaze kumenyekana kw' ikoraniro kaminuza ry' umugambwe CNDD-FDD rishobora kumukura kuri ubwo burongozi rizoba ku musi w' Imana uza igenekerezo rya 22 Nzero 2023 mu ntara ya Gitega. Ziranotse Kandi ngo  niwe afasha mu buryo bw' amafranga umugwi w' umupira w' amaguru bita Aigle Noire wa Reveriyano Ndikuriyo.

Uwo mugabo Ziranotse Kandi yagirizwa n' ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye kw' ari kumwe na Bunyoni. Ni mu gihe uwo Ziranotse asanzwe yamuka mu ntara ya Rutana ahasanzwe hamuka se wa Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere Kandi bose bakaba bahoze inyuma ya Petero Nkurunziza.

Ishavu rero ry' akagwi gashigikiye Varisito NDAYISHIMIYE rivuye kuri ivyo vyose rikaba ari ryo ntandaro yo kudashaka kw' ihinguriro FOMI ribandanya ritanga ryo nyene umwavu w' ikizungu mu gihugu c' uburundi haca haba umukenyuro w' uzuyemwo ububeshi ngo nuwo gushinga ihinguriro rishasha ry' umwavu kandi ari ububiko bw'umwavu ugiye kuza uragurirwa mu gihugu ca Maroc n' akagwi twababwiye karimwo umuryango w' umukuru w'igihugu gaserukiwe na Kazohera Vénérand na Suguru Olivier.

Abanyagihugu bakaba babona k' umushikiranganji Sanctus Niragira nawe atavugishije ukuri Kandi ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwuzuyemwo ababeshi n' abambuzi. Kuribo ngw' igikwiye n' ukurandura ubwo butegetsi  bukavaho.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !