Evaritse Ndayishimiye: Akayobera Bahinga? Mbe yageze gute ku butegetsi?
Aho Evaritse Ndayishimiye yagenwa nk’umukandida wa CNDD-FDD mu kibanza c’umukuru w’igihugu, abantu benshi ntibari bavyiteze. Muri CNDD-FDD bivugwa ko hoba harabaye kunyiyurana kandi bigasa n'uko umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yatsinzwe muri uko kunyinyurana kuko uwo yipfuza kw' amusubirira atari Evariste Ndayishimiye. Vyumvikana ko Evaritse Ndayishimiye asa n'umwana yavutse mu ngorane, kandi umuzo wiwe ushobora gutera ingorane mu muryango.
Ariko Evaritse Ndayishimiye nk'umukandida, abantu batari mu mugambwe akomokamwo, ntibamuvuzeko rumwe. Ivyo bigasa n'ibitangaje kubera ari n'umuntu azwi cane kuko yabaye mu nzego nyinshi kuva mu 2005.
Kugira abantu ntibamuhurizeko yoba ari umwiyorobetsi? Canke umubeshi ?
Ageze kwiyamamaza, hari ikintu coba caratangaje bamwe, abandi bati arabesha, abandi ntibavyitaho. Ico naco ni ukuvugira ku mugaragaro kwiwe ko azokwirikiza iragi rya Sekuru. Bisigura ko azohonyora mu kirenge c'uwo asubiriye. Kukaba nkako akaba yitwa samuragwa.
Umwihwezo wa bamwe n’abandi muri ico gihe, bavuga ko ari umunyabwoba, ko azokoreshwa n’abamushizeho, abandi bati kirapanze, nta wugiye, nta wuje, abandi bati tumuhe amahirwe akore maze tumurabire ku kivi. No ngaha, murabona ko abantu batamuhurizako.
Hari impinduka yabaye kuva Evaritse Ndayishimiye abaye umukuru w'igihugu?
Naha, asa nawa mwana yavutse mu ngorane kuko amatora yabaye, imirwi itandukanye y’abarundi yemeza ko yibwe. Nayo Sekuru wiwe, umukuru w’igihugu yasubiriye ari we Petero Nkurunziza, akaba yaciye yitaba imana. Muri uwo mwanya nyene arimikwa, ibintu vyatangaje abatari bake.
Ico umwana aririye arakironka. Inyuma yaho, Evaritse Ndayishimiye yarashikiriye ubutegetsi. Kuva akibushikira yaravuze arasubira kandi n’ubu aracavuga. Kuvuga si bibi, ariko iyo ariko aravuga abantu benshi baribaza nimba koko imvugo yiwe isa niyo umukuru w’igihugu canke umuntu ajajura. Bamwe bahavuye bamutorera izina ry’iritazirano rya "Kirogorogo", izina bivurwa ko yari arisanganywe kuva ari mw' ishamba rikaba ryaciye rikomera.
Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye yaraneguye ubucamanza, igiturire, ubusuma. Yarahakanye ko ata bwicanyi buhari, kandi ku buryo butangaje aho yasa n‘uwuhakana ivyegeranyo bisohorwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu. Ariko ivyo anegura, ivyo yiyamiriza, ivyo ahakana, abatari bake muri kino gihe baribaza uwuheza akabibazwa mu gihugu c’uburundi, bakibaza uwundi yofata ingingo kugira ivyo bihinduke, bakabura inyishu. Hari n'abibaza mu myaka ibiri ico yoba amaze gukora na vyo nyene bikabasiga mu gihe intwaro yiwe irangwa n'amabi menshi ataho atandukaniye n'intwaro yasubiriye. Akaba ari ngaho abarundi benshi bafatira mukuvuga ko atacahindutse bivanye n’umuzo wiwe.
Turavye mu gisata c’umutekano, ubwicanyi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu birabandanya kuba bibi. Dufatiye ku biharuro vy'amashirahamwe akorera muri ico gisata nka Ligue Iteka, navyo nyene vyerekana ko atacahindutse. Ayo mashirahamwe akaba adasiba gushira ahabona ivyegeranyo vyerekana neza ingene amabi akorwa mu Burundi.
Mu gisata c’ubutunzi, ifaranga riguma rita agaciro ku rugero ruteye ubwoba. Ikibazo c’igitoro umukuru w’igihugu avuga ko yifatiye mu ntoke nkuko yavyiyemereye, naco kiguma kigaruka. N'uno munsi mu karere k’ibihugu bigize umuryango w’ubuseruko EAC, Uburundi ni bwo buguma buvurwa mw'ikena ry'igitoro. Ishirahamwe ritwarwa n'umugore w’umukuru w’igihugu ryitwa "Prestige" rivurwa mu gusohora amahera y’agaciro mugabo igitoro ntikiboneke n’amakori ntatangwe. Aho ntituvuze ayibwa, ayanyuruzwa n’ibindi bihangange muri CNDD-FDD.
Mu gisata c’Ubutungane, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaravuze vyinshi kuri bwo, ariko akarorero n’ibiriko birashikira Muganga Christophe Sahabo na Floriane Irangabiye, biragaragaza ko umukuru w’igihugu ubwiwe abifisemwo uruhara. Nta n'uwobideha, biraboneka ko birimwo akarenganyo kenshi ariko mu kibanza co gufata ingingo, akaba ahitamwo kwihorera. Aha mbere twagomba kuvunira akagohe, abakunda kwibaza ko atabizi canke ataruhara yoba abifisemwo, ko bomenya ko Evaritse Ndayishimiye ariwe aramutswa urwego rw'iperereza arirwo rw'abapfunze kandi sibo bonyene, hari n'abamaze kuhapfira. None ivyo vyose ni nde azobibazwa ?
Evaritse Ndayishimiye yoba ari nde ? umuntu yovuga ko ari akayobera bahinga ?
Ngaha hari abibaza ko Evaritse Ndayishimiye abarundi bari bamuhaye umutahe w’ukumwizera, ngo yamara akaba yarawuriye akawumara ataco awukuyemwo? Bakibaza nimba umuntu yovuga ko umukuru w’igihugu ari umubeshi, yiba, yirengangiza umubabaro w’abarundi, abicwa n’abahohoterwa aravye igihugu aho kigeze n’amajambo yirirwa aravuga, bakabona ko umutahe abarundi bamuhaye umuntu yovuga ko yawumaze!
Uno musi abarundi botahura iki ?
Abarundi batari bake babonye amabi menshi baja mu mwiheburo, amaganya arabatera, barabura ayo bacira n’ayo bamira. Ivyo vyatumye abarundi bacikamwo imirwi myinshi. Ukwihebura kwatumye abarundi baba bansumire inda, ibihemu, ba sindabibazwa eka n’abaja. Arico gituma abotabaye uburundi baba bake, maze amagorwa akaguma yugarije uburundi.
Uburundi buhanga amaso nde ?
Evaritse Ndayishimiye umutahe w’icizere abarundi bamuhaye waraheze, igihugu giheze mu gaheza. Uburundi buhanze amaso abarundi, wewe, jewe. Inzira uburundi buriko burerekeza, ijana mu kinogo, kandi nta murundi n‘umwe, atakirwa mwo canke ngo akirwishemwo abiwe. Ibi rero bisaba ko umurundi uwariwe wese yirinda akaga canke akakarinda abiwe. Mu kaga niho umuntu abonera incuti. Uburundi buragowe, bukeneye uwubushayura.
Twibuke ko ibihe bibi bihera, ariko igihemu ntigihera. Igihugu caduhaye vyose, ntitugihemukire mu kucihoza kiri mu kaga.
Kw'isi abantu babahemu ni babiri :
- Uwusaba uwo yimye
- Uwima uwamuhaye
Ntawo twokwifuriza kuba umwe muri abo kandi ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka !
Evariste Ndayishimiye, ntashobora kubesha abarundi imyaka yose, nta n'umwe yabishoboye nta n'uwuzobishobora. Nico gituma umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye afatwa nk’umubeshi, agafatwa nk’igisuma kuko akorana akongera agakingira ikibaba ababikora. Nkuko bivurwa n’abanyagihugu ngo yarahemukiye abarundi bari bamuhaye umutahe wo kumwizera, kandi ngo yarahinyutse, hasigaye ko abarundi benshi bahaguruka bakisubiza iteka kandi ngo si kera !
Inkuru yanditswe na Nick