• Home
  • ACTUALITÉS
  • Itangazo ry’umugambwe MSD kumyaka 32 iheze hasinywe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi

Itangazo ry’umugambwe MSD kumyaka 32 iheze hasinywe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi

 

Nkuko biboneka muriryo tangazo ry'umugambwe MSD, ryateweko umukono na Alexis Sinduhije umukuru wawo, batangura bavuga bati: Kuri iri genekerezo rya 05 Ruhuhuma 2023, Abarundi bibuka imyaka 32 iheze bapfunditse amasezerano y’ubumwe bwabo, amasezerano yatuma babana ata kumirwa rifatiye ku vya politique canke amoko. Muri MSD barongera bati: Uyu musi ushitse mu gihe kuva mu 2015, intwaro ya CNDD-FDD yahisemwo gusambura ico cose catumye Abarundi basubiza hamwe, cane cane bafashijwe n’ayo masezerano hamwe n’ibwirizwa shingiro ryo mu 2005 ryayavuyemwo ryari ryubakiye ku kudasubira gukumirana biturutse ku vya politique canke ku moko.

Mumugambwe MSD bavuga ko igihugu c'uburundi casubiye inyuma kubera ko hagarutse intwaro y’umugambwe umwe, ibisata vyose vy’igihugu bija mu minwe y’umugambwe CNDD-FDD wishe abanyagihugu isinzi, abandi ubashira mu busho mu gihe hari abandi wangaje ata kindi bazira atari uko barwaniye ugutsimbataza ubwo bumwe uwo mugambwe utigeze witwararika kuva uja ku butegetsi. Nayo ngo kuva aho Evariste Ndayishimiye agiriye ku butegetsi, Abarundi bararindiriye ko umugambwe wiwe ubungabunga ubwo bumwe, amaso ahera mu nzira. Imvugo yiwe ntiyigera ijana n’ingiro, ikivyemeza ni urwaruka rw’Uburundi rwihebuye gushika aho rurondera ingene rwomoka rukava muri ako gasho ngo ni igihugu.

Umugambwe MSD usozera iryo tangazo ryabo, uvuga ko n'aho Abarundi bakiri muri iyo migozi CNDD-FDD yababohesheje, uwu ni umwanya mwiza, umwanya nyawo wo gufatana mu nda, wo kuja hamwe kugira twiyamirize intwaro ya CNDD-FDD yadufashe mpiri.

Inkuru yanditswe na Jeannette KAMIKAZI

 

 

Partager cet article !