Gukoresha ibirwanisho, kugira imyiyerekano no gushinga leta mfatakibanza ikorera mu Buhungiro, n’izimwe munzira ziriko zirakoreshwa mu kurondera kurandura intwaro ya CNDD-FDD
Inyuma yaho abarundi babandanya babona kw' ibiraba igihugu cabo biguma biyangara mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, reta ya CNDD-FDD nayo bikayinanira gutorera umuti, imigwi itandukanye y' abarundi iguma ifata inzira zitandukanye mukurondera gutorera umuti ivyo bibazo bihanze igihugu.
Haruhande y'abamaze kuvuga ko bagiye kuja mw' ibarabara bakiyamiriza intwaro ya CNDD-FDD, hakaba hari n’abafashe umuheto bavuga nabo nyene ko barwanya iyo reta, uyu musi habonetse uwundi mugwi uvuga ko nawo ugiye gushinga reta mfatakibanza ikorera mu buhungiro mu ntumbero yo gusenyura reta ya CNDD-FDD.
Abatari bake bakaba batanguye kubona yuko, uko reta ya CNDD-FDD iguma yica amatwi ikanka kwicarana n' abandi ngo bavugane ku bibazo bihanze abarundi n' uburundi, ngo bitebe bitebuke ngw' izo nzira zose ziriko zirafatwa n' abarundi ngo ntizizonanigwa no gusenyura iyo reta.
Mu makuru yacu yejo tuzotangura kubashikiriza bimwe mu bimaze kwiserura muri izo nzira ziriko zirafatwa n'imigwi itandukanye y'abarundi mugushaka gutorera inyishu ibibazo bihanze abarundi.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.