Uburundi buriko burajahe ?
Afatiye kw' ifaranga ry' uburundi riguma rita agaciro umusi ku wundi ku rugero ruteye ubwoba, umwe mu bahinga mu vy' ubutunzi amenyesha abanyamitahe bose bakorera mu Burundi gufata ingingo yo kubika amafranga yabo baziganije mu madolari canke mu mafranga y'amanyabulaya bita Euro.
Ku bw'uwo muhinga, ng' ubutunzi bw' igihugu c' uburundi bwifashe nabi cane muri kino gihe ngo kandi na kazoza keza kabwo ntikaboneka. Uwo muhinga ahanura abanyamitahe bose bakorera mu Burundi kutizigira ivyo ibanki nkuru y'igihugu BRB iriko ibabwira ngo kuko iyo banki yamaze no kunanirwa gukurikirana ivy' amafranga y' agaciro ari kw' isoko itemewe n' amategeko bita marché noir mu Kinyamazuru.
Ubu idolari rimwe ry' abanyamerika rukaba rivunjwa amafranga y' amarundi 4. 050. Nayo ifaranga rimwe ry'abanyabulaya rikaba rigeze ku mafranga y' amarundi 4.200. Iyo banki nkuru y'igihugu kandi ubu ngo ntaco ishoboye kugira iduze agaciro k'ifranga ry' uburundi. Eka ngw' Imana yonyene niyo izi urugero ibanki nkuru y'igihugu BRB iriko mukunanirwa kw' ayo, abatwara iyo banki hamwe n' abandi bategetsi bakomeye mu gihugu bakaba baguma babigira ibanga. Ngo nkuko Varisito Ndayishimiye aherutse kubivuga, umusi umwe abarundi ngo bazovyuka basanga amafranga y'amarundi yataye agaciro asigaye ameze nk' impapuro zisanzwe.
Twarondeye abo mw' ibanki nkuru y'igihugu BRB kugira tubabaze kuri ivyo bivugwa ku gaciro k' ifaranga ry' uburundi kaguma kaba gato cane, yamara twabakenye.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.