Urugo rw'umugabo w'umunyabwoba nirwo rwama ruriko ruravogerwa
Igihugu kigeze habi cane. Haba mu butunzi, mu mibano, politike, amagara, indero tutibagiye umutekano, hirya no hino mu gihugu amarira y’abarundi yabaye menshi. Benshi basigaye barara inzara mu nda, abandi bagata bakomoka barondera aho boronka uburamuko.
Hagutorera inyishu ivyo bibazo bihanze igihugu, intwaro mbi y’igikenye ya CNDD-FDD ikomeze gushinyagurira Abarundi ngo n’abanebwe, n’ibijuju canke ngo bafashwe n’amadayimoni y’ubukene, ikirengangiza ko ivyo vyose ariyo yabiteeye kandi ko ariyo ibazwa ibibazo vyose bihanze Abarundi.
Kuva igihugu cacu kibaho, ntaho vyari bwakaboneke ko indongozi zifatira mu gahanga abo zitwara, mu kubatuka, babambika ibara bongera babakindaga nk’uko Evariste Ndayishimiye na Gerase Ndabirabe bamaze imisi babikora.
Benshi baragize icizere igihe Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi muri Ruhenshi umwaka w’2020, bibaza ngo kumbure amarira n’umubabaro batewe na Petero Nkurunziza ko vyoba bigiye kurangira. Yamara ukwiyorobeka kwiwe n’amajambo asosa vyamaze igihe gito. Uwitwa ngo ni Umukuru w’igihugu atangura kurira nk’abandi barundi bose, akoresha imvugo itabereye indongozi yongera yifatira mu gahanga Abarundi mu ngorane barimwo. Abasesanguzi ntibatevye kwerekana ko Ndayishimiye akoresha za politike n’amayeri vyo gusinziriza no guhuma amaso amakungu, akiyerekana nk’umukozi w’umwete kandi ata nteguro n’umugambi n’umwe afise vyo kubogora igihugu.
Ata mwaka urarangira ashikiriye igihugu, Ndayishimiye be n’umuryango wiwe batanguye kuvugwa mu ma dosiye n’amasoko atandukanye yo kunyuruza no gukoresha nabi amatungo ya Leta. Kandundura, we co kimwe n’izindi ndongozi zimwe zimwe za CNDD-FDD baca biha umugambi wo gutuka no gusuzugura Abarundi bahanzwe n’ubukene n’inzara nta ngere, babita ibinebwe n’ibijuju.
Hariko hararengerana ko Abarundi mu butandukane bwacu duhagurukira rimwe tukarwaniriza hamwe iyo ntwaro y agahotoro idupfukamye mu nda, tukayamirira kure itaraduhitana twese. Bamwe baguma bica amatwi, abandi biteze ibitangaro canke ivyo abandi bakora. Ariko ukuri n’uko CNDD-FDD itegezwa guhagurukirwa no kwiyamirizwa n’Abarundi bose, ata numwe avuyemwo kuko ata neza nimwe bariko bararonderera igihugu n’abakibamwo.
Nk’uko twagiye tubibona mu bindi bihugu vya Afrika canke ahandi, gusenyera ku mugozi umwe niyo nzira yonyene yo gutembagaza intwaro z’umukazo. Abasirikare, Abapolisi, Urwaruka, Abakenyezi, Abakozi ba Leta, Abikorera utwabo n’abandi bose barajwe ishinga n’ineza y’igihugu, ingo duhagurukire rimwe, dufatane mu nda, twiyamirize ico kiza ca CNDD-FDD.
Kwidoga, kuvugira mu ntama tama, kwiyorobeka no kurorera ntivyigeze bikiza igihugu. Kuja inama n’ingingo, kugira ubumwe mu bikorwa hamwe no kubishira mu ngiro ni vyo vyonyene bizokiza Uburundi intwaro y’akabi kabishe yazingamitse igihugu cacu kuva muri 2005.
Barundi twese, mbega turindiriye ko hononekera ibinga gute, kugira ngo Abarundi twese duhaguruke, twikureko intwaro mbi ya CNDD-FDD?
Vyanditswe na Rugamba NKWAKUZI.