Umwanya: Akayunguruzo canke umutego?
Umwanya
Abantu benshi baramaze kumva havugwa ngo umwanya niwo mucamanza mukuru canke ngo ibihe biha ibindi, abandi ngo ntakinanira igihe. Niko kwiyumvira ko ibintu biriko biraba mu gihugu cacu c’Uburundi umwanya ndetse kuba umucamanza mukuru tuzohava dusanga ari kandi akayunguruzo kuri bamwe, canke umutego ku bandi.
Umwanya nk’akayunguruzo
Ndavye ibihe igihugu turiko turacamwo duhereye hafi mu mwaka wa 2005, dusanga umwanya warabaye akayunguruzo mu bihe bitandukanye no mu migwi y’abantu itandukanye. CNDD-FDD iza muribuka abaje bayihagarariye, hariho Simon Nyandwi, Radjabu, Jérémie, Manassé, Niyombare…reka ngeze aho, n’abandi n’abandi ariko abo bose tudondaguye n’abandi tutavuze, ntamuntu n’umwe acibuka ko bigeze babaho. Uno musi twovuga, naho atawuzi iyo bija ko na Bunyoni ari mu nzira asohoka. Ivyo bitwereka ko muri CNDD-FDD hariho akayungiro kayungurura abantu, bamwe basohoka abandi basigara. Aha ntawoja kuvuga icatumye umwe umwe wese asohoka, kubera umuntu yohava asanga yihenze, ariko murabona yuko hariho ibihangange bitananiye igihe!
Tugiye mu bantu batavuga rumwe na Leta, bo duhere 2010, muribuka ADC ikibiri, CNARED, FORUM CITOYEN n’izindi nani, ingene zavutse n’ingene zahagaze canke zataye akanovera kazo. Bamwe muri bo baragosowe, abandi barirukanwe, n’abasigaye nta nuwukibumva, aho ntituvuze n’abahisemwo kwishikana bakibagira amajambo bahora bavuga igitondo n’umugoroba. Benshi muri bo ntibananiye igihe. Umwe wese arashobora kuyungururwa n’umwanya.
Umwanya nk’umutego
Umwanya warabaye umutego ku batari bake cane cane abagosowe canke bakirukanwa bahorwa ukuri. Umutego abantu bawugwamwo mugihe baja mu bintu ari indyadya, ari bagatumwa, babaye ibihemu, ba nda ndende eka n’ibindi vyinshi bituma batumvikana nabo basangiye urugendo. Aha umuntu yoca yibuka ukuntu bahora bavuga ngo «Urashobora guhenda umuntu umwe ibihe vyose, ariko ntushobora guhenda bose ibihe vyose». Nkemeza yuko aha baba baguye mu mutego w’umwanya.
Umwanya urakomeye gose, hariho nabavuga ngo «iyo udasoneye umwanya nawo ntugusonera». Aha nizera ko abahuruduka, abatiyumvira mu gukora ivyo bifuza na cane cane bibagira inkurikizi zishoboka muri kazoza, ko bohakura icirwa n’impanuro b’ikomeye.
Umuntu wese arashobora kugwa mu mutego w’umwanya.
Umwanya woba umugenzi wawe gute ?
Aha n’ukwibaza: n’ibiki vyotuma umwanya utakuyungurura canke ngo ugutege? Iki ni ikibazo kiraba buri muntu wese, kuko nta muntu muzima yokwifuza kuyungururwa canke kugwa mu mutego w’umwanya. Iki kibazo kirahambaye! Umuntu wese akwiye kucibaza. Ngira ngerageze kwishura ingingo nke muri nyinshi zishobora kukurinda ko umwanya uguhinduka:
- Kugira umutima runtu: Uwufise umutima runtu yiyumvira abandi, nta buryarya, nta ruhendo, nta ruyeri, ntiyuhurana, ukuri niko kumuranga.
- Kubaza misi yose umutima kama: Aha bituma umuntu wese ico agiye gukora canke kuvuga yishira mu kibanza c’uwo agikoreye canke akibwiye uko yocakira canke yomererwa. Aha niho honyene ushobora kumenya ingaruka yivyo ukora canke uvuga.
Ibi ni bibiri gusa muri vyinshi vyotuma umwanya utakuyungurura canke ngo ugutege. Maze ukaguma ku rugendo nabo murikumwe imisi n’iyindi.
Twibutse za mvugo: umwanya niwo mucamanza mukuru, bihe umwanya, ntakinanira igihe, nawe ukagira Ubuntu n’umutima nama wama ujenama, umwanya uzoba umugenzi wawe imyaka yose.
Tuzirikane, tube abagenzi b’igihe !!
Vyanditswe na Nick