Naho Abarundi bari mu kwezi ko kwibuka amahano y’ubwicanyi yagiye araba mu gihugu, umugambwe CNDD-FDD urafise umugambi wo gukora ihonyabwoko ry’Abatutsi
Amakuru Radio Haguruka ifitiye ivyemezo n' inyandiko, arerekana neza k' uwuza kw' isonga mugutegura umugambi wo kwica abatutsi bo muri zone Murago, komine Burambi, intara ya Rumonge ari umukuru w' iyo zone ariwe Hatungimana. Nkuko inzandiko zivyerekana, mu nama yagiye arakoresha, uwo mukuru wa zone Murago asaba ashimitse abanywanyi ba CNDD-FDD barwiriyemwo imbonerakure gukora neza rusansuma y' ingo zirimwo abatutsi muri zone babamwo. Bakipfuza yuko uyu mwaka wa 2023 worangira ata musore n' umwe w' umututsi abacitse.
Abajejwe gukora urwo rusansuma ku Mutumba Bisaka akaba ari uwo mukuru wa zone Murago. Agafashanya n'umukuru w'uwo mutumba hamwe n’abandi, Ntunzwenimana Augustin na Nibigira André. Nayo abajejwe urwo rusansuma ku Mutumba Gahinda akaba ari Nihorimbere Elie, Sinzinkayo François, Minani Samson, Manirambona Anselme, Minani Daniel na Niyongendo Thaddée. Ku Mutumba Gitaramuka, Nduwayezu François, Nimbona Jean Claude, Munezero Jean de Dieu, Ntakiyiruta Pascal na Harushimana Evariste nibo bajejwe ico gikorwa co gusansuma ingo z' abatutsi n' imisore iyibamwo kuri uwo mutumba. Abakijejwe ku Mutumba Rwaniro ni Ndereyabandi Albert, Ntunzwenimana Augustin, Ntahondereye Salome na Ntangere Stany. Nayo ku Mutumba Busaga akaba ari Nyabenda Jean, Nkunzimana Stany, Manirakiza Pascasie na Nduwimana Albert bashinzwe ico gikorwa.
Abo bose bakaba bamaze gutanga icegeranyo c' urwo rusansuma. Ku Mutumba Bisaka basanze hari ingo z' abatutsi 20 zirimwo imisore y' abatutsi igera kuri 30. Ku Mutumba Gahinda naho hari ingo z' abatutsi 48 zirimwo imisore ishika kw' 118. Ku Mutumba Gitaramuka naho ngo basanze hari ingo z' abatutsi 36 zirimwo abasore 96. Ku Mutumba Rwaniro naho ingo z'abatutsi ngo ni 22 zirimwo imisore 42. Nayo ku Mutumba Busaga basanze hari ingo z'abatutsi 32 zirimwo imisore 76.
Abo basore bose b' abatutsi bakaba bategekanya ko gushika mu mpera z' uno mwaka ata n' umwe azobacika batamufashe canke ngo bamwice. Amakuru radio Haguruka ifise akaba yemeza ko rusansuma nk' iyo iriko irakorwa mw' ibanga no mu yindi mihingo y' igihugu.
Abarundi batandukanye bamaze kumenya ivy' iyo runsansuma bavuga kw' ico gikorwa abagikora bagitumwe n' ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ngo hamye havugwa kuva kera k' umugambwe CNDD-FDD uriko utegura ihonyabwoko rifatiye ku bwoko no ku vyiyumviro vya politike ngo yamara bamwe naho babihakana, ibimenyetso ngo vyaho ico gikorwa kigeze ngo nivyo vy' ivyo bitanguye kuja ahabona.
Bagahanura abarundi kutaryama umukondorazosi, bave hasi nyabuna bikureko ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ngo batabikoze, ngo bazokwikangura basanga igihe kimwe babaye nka Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yaburiwe mu gukurwa mu mabanga y' umushikiranganji wa mbere ngw' akaguma yibwira ko ataco azoba ngo none ubu ariko yibonerako.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.