Nikuberiki umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo adafatwa kandi ariwe yagerageje guhungisha Alain Guillaume Bunyoni ?
Abamaze guhagarikwa bose kubera ihigwa rya Jenerari Alain Guillaume Bunyoni n' ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye, bose bahuzwa n' uko bagize ico bafashije uwo mujenerari kugira ntafatwe ngo agirirwe nabi. Nkuko mwagiye mubikurikirana, mu gaturuturu ku wa 17 Ndamukiza 2023 niho hakozwe isakwa ku ngo za Jenerari Bunyoni. Abagiye gusaka bakaba batamubonye. Bamaze kumubura, uwo musi nyene Colonel Désiré Uwamahoro, umukuru w' igipolisi kirwanya imigumuko yaciye ahagarikwa kuko yarazwi kw' ari somambike wa Jenerari Bunyoni Kandi akaba yaranasanzwe azi ivy' umugambi wo guhagarika Bunyoni.
Amakuru radio Haguruka ifise yemeza ko Colonel Uwamahoro amaze gufatwa yagumye anana ko ataco yabwiye Jenerari Bunyoni, imisi itatu yose irahera ari mw' iperereza. Hamaze kugaragara ibimenyetso vyerekana ko Uwamahoro yagize ico abwira yongera arafasha Jenerari Bunyoni gukinjura mu nzu ziwe, Uwamahoro yarakubiswe aranoga. Amaze kunoga akuraho aremera ko yojana abakozi b' iperereza ku muntu azi aho Jenerari Bunyoni ari. Niko kubajana kwa Ir Côme Ndayisaba yubakishije inzu ya Bunyoni iri muri Kenga- Busoro. Aho Hari ku wa 20 Ndamukiza uno mwaka nyene. Ir aba arafashwe nk' igihe c' isaha zibiri n' iminota 40, akaba yafatiwe ku rugo iwe ruri mu Kajiji, n' imodoka yiwe yo mu bwoko bwa Toyota TI y' ibara ry' igicu ifise imparati IA 9553, umupolisi mubagiye kumufata yagiye ayijanye. Ivyo vyose abatari bake bakaba bagumye bibaza igituma bikozwe.
Radio Haguruka igire ibabwire inkomoko yavyo. Jenerari Bunyoni, amaze kuburirwa kw' ahava afatwa, yahavuye avuga n' umukuru w' ibiro bikuru vya gisirikare Prime Niyongabo ukuntu yova mu gice cose ahava aronderwamwo ca komine Muha. Jenerari Prime Niyongabo niko gutanga itegeko ko Jenerari Bunyoni atwarwa n' ubwato bw' abasirikare barwanira mu mazi, bakipfuza kumutwara mu gihugu kibanyi ca Congo yamara Bunyoni aravyanka ngo agiye kure yoca yibagiranwa. Niko kwiyumvira ko yoja mu ncuti ziwe ziba mu Kabezi, ku Mubone. Jenerari Prime Niyongabo ahamagara uwutwara ikambi y' abasirikare barwanira mu mazi abenshi bazi kw' izina rya camp Chinois, amubwira ati, nduguruye twa Mugina, hari akazigo ndungitse uragaha inzira. Ndugaye twa Mugina. Ako kazigo akaba yari Jenerari Bunyoni aherekejwe na Colonel Désiré Uwamahoro.
Bashitse hafi y'ikambi iri mu Gakungwe muri komine Kabezi ariyo y' abasirikare barwanira mu mazi abandi bita camp Chinois, Ir Côme Niyonsaba yari yamaze kubwirwa ko ari we bahahurira kugira atore Jenerari Bunyoni amudugane mu misozi ya zone Mubone, mu Kabezi ku ncuti ziwe. Ir Côme Niyonsaba yarabikoze akoresheje imodokari yiwe, adugana Jenerari Bunyoni gushika ahitwa Nyamuzi.
Jenerari Alain Guillaume Bunyoni araheza ashikira ku mukuru w' umutumba Mubone ariwe Melchiade abenshi bazi kw' izina rya Kibota. Colonel Uwamahoro Désiré amaze gufatisha rero Ir Côme Niyonsaba ku wa 20 Ndamukiza uno mwaka, Ir côme nawe inkoni zimurembeje, niko gusaba abakozi b' iperereza bamukubita ngo ntibamwice, bamureke abajane aho Jenerari Bunyoni ari. Mw'ijoro hagati ry' uwo musi nyene Ir côme afatwa niho imodokari z' abajejwe umutekano zagumye zinyuragirana muri zone Mubone ya Komine Kabezi bagiye gufata Bunyoni.
Bashitse kwa Melchiade abenshi bazi kw' izina rya Kibota, umukuru w' umutumba Mubone, basanze atariho Bunyoni ari. Kibota arakubitwa arashaya kuko yari yaramwungururije ahandi ku ncuti yiwe ikaba n' incuti y' umufasha wa jenerari Bunyoni kuko nawe yarakeka ko bashobora kuronderera Bunyoni iwe abamuhashize. Kibota amaze guhaga inkoni nk' isaha indwi z' ijoro, aca abatwara kwa Nzisabira Lucien aho yari yatwaye Jenerari Bunyoni ngo agumeho. Jenerari Bunyoni aba afashwe uko nk' igihe c' isaha umunani z'ijoro. Nzisabira Lucien akaba nawe yari muri batanu batowe ku Mutumba Mubone bagiye bamutwaye ata n' agahuzu yambaye hamwe n' uwo Melchiade batazira Kibota arongoye uwo mutumba nyene. Gushika ubu nta wuzi irengero ryabo. Ababazi bakaba babatabariza ngo ntibicwe bazira gutabara uwari ageramiwe ari we Bunyoni.
Bamwe n' abandi bakaba babona ko Varisito Ndayishimiye atinya guhangara Jenerari Prime Niyongabo arongoye ibiro bikuru vy' intwaramiheto z' uburundi kuko ariko afata abagize uruhara mukuburira Bunyoni ivyari kumushikira ariko we akamureka Kandi nawe yagize uruhara rukomeye.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.