• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kubandanya hashirwa imbere politike ihurikiyemwo bose, yizewe kandi idashira imbere ingimba iha inzira abanyagihugu bose yo gushikira uburenganzira bwabo, ngo niyo nzira yonyene yotuma uburundi na Congo haboneka amahoro

Kubandanya hashirwa imbere politike ihurikiyemwo bose, yizewe kandi idashira imbere ingimba iha inzira abanyagihugu bose yo gushikira uburenganzira bwabo, ngo niyo nzira yonyene yotuma uburundi na Congo haboneka amahoro

Nkuko biri mw’itangazo  umugambwe MSD uheruka gusohora kuvyerekeye inama iherutse kubera mu Burundi, inama idasanzwe yahuje ibihugu 13 vyasinye ku masezerano y' i Addis-Abeba yaheruka kwiga ku bijanye n'amahoro, n’umutekano w' igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo n' iterambere rya Afrika, uwo mugambwe wamenyesheje ko wari wanezerejwe n’ingingo   zari zafatiwe muriyo nama yabereye i Addis-Abeba.

Uwo mugambwe ukavuga ko kubandanya hashirwa imbere politike ihurikiyemwo bose, yizewe kandi idashira imbere ingimba iha inzira abanyagihugu bose yo gushikira uburenganzira bwabo ko bishizwe mu ngiro vyotuma ibintu bija mu nzira nziza nkuko udasiba kuvuga kw' ariyo nzira yonyene  nziza yotuma uburundi buva mu kaga bwashizwemwo na CNDD-FDD kuva mu mwaka w' 2015.

Ku bwa MSD ngo nico kimwe no gutorera umuti urama ikibazo c' amahoro mu gihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Congo. Iyo ngingo yapfunditswe ku wa 24 Ruhuhuma 2022 i Kinshasa ishizwe mu ngiro, n' ibihugu vyose bihana urubibe na Congo vyoca birangwamwo amahoro.

Ku biraba uburundi, inagurwa ry' amasezerano ya Arusha yahonyanzwe, iryo honyangwa rikaba ryemezwa mbere na sentare y' umuryango w' ibihugu vya afrika y' ubuseruko, rirakwiye muri kino gihe n' abanyagihugu b' ababarundi bahanze amaso abakuru b' ibihugu vy' uwo muryango kugira barabe ko bafise ububasha butuma hashirwa mu ngiro ingingo zifashwe na sentare bo nyene bishiriyeho.

Umugambwe MSD ukaba wibutsa kandi muri iryo tangazo ko  wandikiye ikete  uwurongoye Ishirahamwe CIGRL ku wa 10 Ruhuhuma 2021 wisunze ibiri mu rwandiko rw' ishirahamwe mpuzamukungu ONU rwo ku wa 05 Kigarama 2020 rusaba  ishirahamwe ry' ubumwe bwa Afrika, irya Afrika y' ubuseruko, iry' ibihugu vy' ibiyaga binini hamwe n' abahagarariye amasezerano ya Arusha gushira inguvu hamwe kugira bafashe impande zidahuza mu Burundi gushira mu ngiro amasezerano ya Arusha. Aha ngw' abarundi baramaze gutakaza icizere ku majambo yama yashikirijwe, aho babona ko ibikorwa bigaragara ari vyo vyonyene vyogarukana ico cizere co kuva mu ngorane barimwo.

Umugambwe MSD ukaba usaba abakuru b' ibihugu buca bakoranira i Bujumbura mu nama ejo aho bukera , kuva mu vyipfuzo vy' amajambo baje mu bikorwa vyo kwumvisha Varisito Ndayishimiye arongoye uburundi yemere ibiganiro bihurikiyemwo bose vyoshiraho ingingo zitunganya amatora yizewe. Nayo umunyabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamukungu  ONU azoba ari muri iyo nama, ahamagarirwa n'umugambwe MSD kugaragaza ubushobozi bw’ishirahamwe ahagarariye mw' inagurwa ry'amasezerano ya Arusha, iryo shirahamwe risanzwe ryarahagarariye hamwe nayo n' ayo matora yipfuzwa kwatunganywa mu Burundi mugushimika cane ko igihambaye atari ugutunganya amatora gusa kw' ahubwo igihambaye ari ugutunganya amatora yemerwa na bose na cane cane ko ayo mu 2010, 2015 na 2020 atigeze yemerwa na bose.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !