Abarundi ngo nibatava hasi bo nyene ngo baharanire agateka kabo baguma bamburwa n' intwaro ya CNDD-FDD, ngo ntibitege ko amanama ahuza abakuru b’ibihugu n’ama reta azoheza akavamwo urukiza rwabo
Ngo bisa no kwijandajandira ku bategetsi bahurira hamwe baserukira ibihugu 12 hamwe n' amashirahamwe yandi yitwa ko akomeye kw' isi harimwo ONU ngw' ariko bagatandukana ata kintu kiboneka bashitseko. Ni bimwe mu biriko bivugwa na bamwe mu Barundi inyuma y' inama igira 11 y' ibihugu vyasinye ku masezerano y'i Addis-Abeba yiga ku bijanye n' amahoro, umutekano w' igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo n' iterambere rya Afrika iherutse kubera i Bujumbura kuri uyu wa 06 Rusama 2023. Ngo nkuko bamye babivuga kuva kera, ngw' amakungu afasha uwifashije.
Abo barundi bakaba banegura bivuye inyuma ibiri mw' itangazo ryashizwe ahabona inyuma y' iyo nama. Kuri bo, ngo nta kintu gishasha babona iyo nama yashitseko uretse gusubiramwo ibimaze kuvugirwa mu yandi manana nk' ayo yabaye imbere. Ayo masezerano bavuga ko ariko akurikiranwa ishirwa mu ngiro, akaba yasinyiwe i Addis-Abeba ku wa 24 Ruhuhuma mu mwaka wa 2013, imyaka 10 yose irarangiye. Uretse ko igihugu kibanyi ca Congo cinjiye mu kaga gakomeye inyuma yayo masezerano avuga kw' ari ayo kugarukana amahoro muri ico gihugu hamwe no mu karere, n' uburundi nyene ngo bwinjiye mu kaga kadasanzwe kuva mu 2015, ubutegetsi bwa CNDD-FDD bufashe inzira yo gusenyura amasezerano ya Arusha yafashije abarundi ibitari bike harimwo gusabikanya ubutegetsi no kuvanga inzego z' umutekano bituma intambara ihagararara.
Nkuko abo barundi babandanya babivuga, iyo nama iherutse kuba ku wa 06 Rusama uno mwaka I Bujumbura nkuko biri no mw' itangazo ryasohotse inyuma yayo, ngo yari ifise intumbero yo kurabira hamwe intambwe akarere kagezeko mu vy' amahoro n' umutekano, ivyiza n' intambamyi zagiye ziboneka mw' ishirwa mu bikorwa vy' amasezerano ya Addis-Abeba. Ico bashima gishasha cavuzwe muri iyo nama, ngo n' ikijanye no kwemeza ko hakenewe kw' ibihugu vya Republika iharanira demokarasi ya Congo n' urwanda bibandanya biganira ku bitagenda neza hagati y'. ivyo bihugu. Ibisigaye vyose ngo kwabaye ugushimira bamwe n' abandi mu bategetsi ku kungene baranguye amabanga bashinzwe mu mashirahamwe y' akarere.
Bakanegura cane, ukuntu abari bitavye iyo nama basubiye kudondagura gusa imwe mu migwi ifise ibirindiro mu gihugu ca Congo harimwo n' iyabanyamahanga batari abakongomani. Ku biraba imigwi irwanya reta ya CNDD-FDD ikoresheje umuheto, hakaba havuzwe gusa umugwi Red-Tabara. Iyo migwi harimwo Red-Tabara ikaba yasubiye gusabwa gushira ibirwanisho hasi, abayigize baheze binjire mu mugambi wo kwemera gusubizwa mu buzima busanzwe ata kindi barinze gusaba. Ico ngo kikaba cari kimaze kuvugwa incuro nyinshi.
Abo barundi twavuganye bakaba bavuga ko nimba abo bakuru b' ibihugu hamwe n' amashirahamwe nka za ONU bahura buri mwaka kuva hasinywe amasezerano ya Addis-Abeba, imyaka 10 irarangiye, bahura kugira gusa basubiremwo ayo majambo abwira abafashe ibirwanisho kubishira hasi ataco basavye, hama bakibwira ko bariko bararondera amahoro, ayo mahoro ngo ntazopfa abonetse. Ku bw'abo ngo baba biteze kw' abahurira muri ayo manama ari ukugira bumvishanye kw' inzira nzira yo kugarukana amahoro ari ukuganira hagati y' abafise ico bapfa cane cane abambuwe uburenganzira bwabo bwo kwitorera ababarongora nko mu Burundi bakabusubizwa, ngo none n' uguhura gusa kugira babe barasesagura amafranga y' ibihugu baserukira.
Abo bantu bahurira mu nama ngo birumvikana kw' ata musonga bifitiye ngo kuko bo babayeho neza, bitemberera uko bashatse ngo Kandi ni vyiza ko babaho nk' uko ngw' ariko bari bakwiye kwishira mu kibanza c' abemeye kurara rubunda, abangajwe, abapfungiwe ubusa, abicirwa ubusa, batemererwa kwitorera ababarongora n' ayandi mabi bakorerwa n' amareta, ntibabahindure abantu bokwemera ivyo bakorerwa baheze binumire.
Ivyaraye bivuye muri iyo nama ngo bikwiye guha icigwa abarundi, ngo baheze bumve kumwe bose ko ata munyamahanga azohaguruka kurwanira agateka kabo atari bo nyene ubwabo bakarwaniye. Agateka kabo bamburwa n' intwaro ya CNDD-FDD, abarundi ngo babwirizwa kukisubiza baciye mu nzira zose zishoboka ngo kuko bamwe n' abandi bama bariko babishikiriza. Amanama nk' ayo yaraye abereye i Bujumbura, ngo nareke kubasamaza, babandanye riho biyumvira uko bokwikura mu kaga barimwo.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.