Shira ubwoba, rinda, ntukekeranye!
Mu bibi, nkivyo uburundi bumazemwo imyaka irenga 15, abantu benshi baba bipfuza ko ibintu bihinduka. Ariko umuntu wese azana umugambi w’ impinduka arahura n'abamurwanya kubera ubwoba buba bwaratekeye abantu. Abantu batangura kwibaza ko bidashoboka, maze bakanabituka canke bakabigaya. Uko imisi ihera, ivyiyumviro bifata inzira, abantu bagatangura kubona ko biteye ubwoba, abandi bakabigwanya ku mpamvu zitandukanye naho baba babona ko impinduka ikenewe. Ariko iyo nyene iciyumviro akibandanije, bitebe bitebuke abantu barabona ko bishoboka, maze bakabona ku mushigikira. Aho rero niho impinduka iba igire ije mu ngiro.
Shira ubwoba
Iyo ibihe ari bibi ku muryango canke ku gihugu umuntu arahaguruka akagira ibishoboka kugira ibintu bihinduke. Mu gihugu cacu turafise uturorero twinshi twerekana ko abantu bashobora guhaguruka iyo igihugu kiri mu ngorane. Akarorero ka hafi ni muri 2015 aho abantu basidukanye n’iyonka ngo barwanye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Benshi baribaza ico vyamaze. Itsinzi ya mbere yarabonetse yaba mu Burundi yaba mu makungu ni uko bazi ko ikiringo ca gatatu kitari gikurikije amategeko. Ni kimenyamenya nuko na Sentare ya Arusha mu mwaka wa 2021 yemeje ko ico kiringo ca gatatu cari kinyuranye n'ibwirizwa nshingiro ry'uburundi.
Abahagurutse ico gihe nubu bakiriko nuko bafashe umwanya wo gusoma ku maso y'abarundi agahinda kabo, nuko bobonye amarira yabo atemba aja mu nda nuko kandi bashize ubwoba baranka kwihanganira urupfu rw’abarundi ataco bazira, akarenganyo, ihonyangwa ry'amategeko n'ibindi bitagenda neza mu gihugu.
Uno musi hari icahindutse mu gihugu? Oyaa ! Ico cotuma abandi babona ko bidashoboka?
Imvugo y’ uruhendo itagira ibikorwa ntishobora gutanga icizere mu gihugu, mugihe ubusuma, ubwicanyi n’akarenganyo bikibandanya. Abasuzugura, abanegura, abaca intege abahagurutse kugira batabare uburundi, ni kubabwira ko ari ikibazo c’ umwanya. Abari ku kivi, ni kubatera intege, bashire umutima mu nda, bamenye ko ari ikibazo c’umwanya. Ico uno musi bamwe batuka, bagaya, ejo azoba ari ubutwari.
Rinda
Abarundi babwirizwa kurinda, iyo bava bakagera. Nta murundi adakeneye umutekano, ubutungane n’ umwidengemvyo. Uwucibaza ko kurwanira igihugu biteye ubwoba, yomenya ko ata giteye ubwoba kurusha nko kurindira urupfu, ubukene, akarenganyo utazi umwanya, isaha n'umunota ayo mabi azododora ku muryango wawe, w’uwawe canke w’umubanyi. Ubwoba nyamukuru nubwo sekibi yadutekeyemwo.
Ubwoba bwacu nibwo butuma badukorera ikibi kibishe. Nta ntwaro, nta muntu yigeze akomera kurusha abanyagihugu, akomera mu gihe batamuhangaye, mu gihe batagize ururani. Ng’ico ico twabuze.
Rinda, ubwoba ufise n’ ubwo baguteyemwo, ubwoba ufise n’ ubw’amaronko yawe, ubwoba ufise n ’ ubw’ ugwanko, ubwoba ufise ntaco buzogufasha atari ejo buzogutuma umaramara, uvumba ku ntango y’amahoro n’umwidengemvyo ataco wakoze. Rinda urondere abo mufatanya mutabare uburundi. Wibuke ko wewe uriko urasoma ibi, ataco uzoshikako uri wenyene, wibuke ko umuntu agirwa n’uyundi. Ubwo nibwo buntu twarazwe n’abasokuru. Ubwo bwoba ntaco buzokumarira atari agahinda buzogusigira, uri inyakamwe. Kugwanira igihugu ntibiteye ubwoba, igiteye ubwoba n’ukwibuza gukora icategerezwa, igikwiye ku neza y’igihugu cawe, bisiga igikomere kidakira.
Ntukekeranye
Muntu ukunda igihugu cawe, ntukekeranye umusegonda umwe ko ibintu bitazohinduka. Ibihe biha ibindi, uko biri siko vyamye, siko bizokwama. Ntukekeranye woba wibagiye ko uburundi atari ica mbere kigize ivyago, woba wibagiye ivyabaye mu karere turimwo, ivyabaye kw’isi. Oyaa, ntukekeranye ntuhirahire kubera woba uhemukiye uburundi n’abarundi.
Sogokuru yaratujije Rumariza. Mwezi yarihanze abadagi, gushika aho bicara bakagira ibiganiro. Rwagasore yaraharaniye intahe y’ukwikukira arayironka.
Ico tunanira uno musi n’iki ? Ntanakimwe !!!
Igikenewe n’ ukutinubana
Igikenewe n’ugufatana mu nda
Igikenewe n’ugushira imbere inyungu rusangi
Igikenewe n’ugusenyera ku mugozi umwe.
Ntukekeranye woba wihemukiye, uhemukiye abawe, abarundi n’uburundi
Inkuru yanditswe na Nick.