• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ntakibarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, ahubwo ageze kumurwa mu kuru wa politique i Gitega, mw’ibohero rikuru ryaho.

Ntakibarizwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi, ahubwo ageze kumurwa mu kuru wa politique i Gitega, mw’ibohero rikuru ryaho.

Jeneral Alain Guillaume Bunyoni, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, kuva kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 18 Mukakaro 2023,  ntakibarizwa mw'ibohero rikuru rya Ngozi, ahubwo yimuriwe mw'ibohero rikuru ry'intara ya Gitega ku murwa mukuru wa politique. Akaba yaramaze amezi 2 arenga apfungiwe muriyo ntara ya Ngozi kuva kwitariki 8 zukwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Nkuko abatari bake bavyemeza, bavuga ko Bunyoni yashikanywe mw'ibohero rikuru rya Gitega ku musi wejo, nk'igihe c'isaha icenda n'igice. Bikavurwa kandi ko yari aherekejwe n'abapolisi benshi cane bafise n’ibirwanisho vya rutura. Akaba yatwawe muri camionnette double cabine 2 z'igipolisi zuzuye abapolisi bari bajejwe umutekano wiwe, kandi bakaba bari bamucunze bidasanzwe.

Nkuko amakuru uruganda rwa Radio Haguruka rwabandanije ruronka abivuga, muri iryo bohero rikuru rya Gitega, Jenerali Bunyoni ngo yakiriwe mucumba agiye gupfungirwamwo na Desire Uwamahoro, asanzwe afatwa n'abamwe n’abandi nkumuhungu wiwe. Bikavurwa ko iyo ntwazangabo yo  mugipolisi yaciye akurwa aho yaramaze igihe afungiwe muri iryo bohero nyene kuva kw'itariki ya 4 ukwezi kwa gatanu, araheza yimurirwa muri ico cumba kidasanzwe aho yaragiye gutegera Alain Guillaume Bunyoni. Mukamenya ko Uwamahoro, asanzwe azwi nkumuntu yamaze abantu igihe cose yarajejwe amabanga yo kurongora igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko.

Mwomenyako ko Jeneral Alain Guillaume Bunyoni, kuva agifatwa ivyaha yagirizwa biguma bihindagurwa, uno musi bavuga ibi, ejo naho bakongerako ibindi. Akarorero akaba ari ibiherutse kuvurwa n’umuvugizi w'ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika na sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge mu ndwi iheze, ko babandanya kurondera ibindi vyaha bamwagiriza. Agifatwa Bunyoni yakurikiranwa ku vyaha bitatu bikuru bikuru arivyo : guhungabanya umutekano w'igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw'igihugu no kurondera inyungu z'akazi bidaciye mumategeko. Muri kino gihe ngo bakaba bamaze kongerako ibindi vyaha vyo gutuka umukuru w'igihugu no gutunga ibirwanisho adafitiye uburenganzira.

Abatari bake bakaba babazwa no kubona ubutungane bw’uburundi bubandanya kwerekana ko butigenga mugukora iyo dosiye, na cane cane ko murivyo vyaha vyose yagirizwa, atakintu nakimwe abanyagihugu babona ko yarakwiye kubazwa. Kubwabo bakemeza ko ivyo vyaha yagirizwa arivyaha vyo gucanamwo kunyungu zabe nakarwi gapfukamye munda igihugu, ngo nacane cane ko yoba yagomvye gukora kwisahani ya Evariste Ndayishimiye nawe agahitamwo kumukubita kuntoke. Ngwiyaba vyukuri ubutungane bw’uburundi bwari bukeneye kumukwirikirana kunyungu z’igihugu n’abanyagihugu, ngo bari bakwiye kumubaza ubwicanyi bwindenga kamere bumaze gukorerwa abarundi kandi abifisemwo uruhara ngo hamwe n’isinzi ry’abarundi bamaze kunyuruzwa benebo ntibabone n’ibiziga vyababo.

Kubwabo banyagihugu bakavuga ko ibiriko birakorerwa Jeneral Alain Guillaume Bunyoni, ngo vyerekana ko umunyagihugu mutoya wewe atabutungane yokwigera arondera mu burundi, ngo kuko nimba ubutungane buriko burakora amanyanga kumuntu nkuwo, ngumuntu nyarucari wewe n’ugucisha kubuhomba.

Twobibutsa ko muri iryo bohero rikuru rya Gitega uwo yahoze avuga rikijana mu gihugu c’uburundi agiye gupfungirwamwo, ahasanze abandi ba Jenerare bahamaze igihe bagirizwa kuba barashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015 itariki 13 z’ukwezi kwagatanu nyene. Yamara abo naho bapfunzwe, abanyagihugu bakaba babafata nk’intwari zabo, ngo kuko bari bahagurutse ngo barwanire iyubahirizwa ry’amategeko na cane cane amasezerano yi Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005 ryayakomokako.

Kubwabo banyagihugu bakaba badatinya kuvuga ko muri kino gihe ngo igihugu camaze kurwa mu manga, ko rero gikwiye gusubira kuronka umucunguzi yocigura akagikura muriyo manga kimazemwo imyaka umugambwe CNDD-FDD umaze ugicurika wongera ugicurura. Muribo bakaba bavuga ko atamahitamwo basigaranye ngo kiretse kwiyahurira kubategetsi bafashe igihugu nk’itongo barazwe n'imiryango yabo ngo hagaheza hakaba icobaye.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !