• Home
  • ACTUALITÉS
  • Amagorwa y'abigeme n'abakenyezi barungikwa mu bihugu vy'abarabu, n’uruhara rwa leta y'Uburundi mukudandaza abo bigeme n'abakenyezi murivyo bihugu

Amagorwa y'abigeme n'abakenyezi barungikwa mu bihugu vy'abarabu, n’uruhara rwa leta y'Uburundi mukudandaza abo bigeme n'abakenyezi murivyo bihugu

Abo bakenyezi n'abigeme batanguye kurungikwa na leta y'Uburundi mur'ivyo bihugu vy'abarabu kw'igenekerezo rya 18 Rusama uwu mwaka wa 2023. Igihe abo bana b'uburundi bagenda, leta ibicishije kuri Bapfinda Epimene umuyobozi muvyo ajejwe harimwo gukurikirana abarundi bakorera hanze mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu, yari yamenyesheje ko igihugu c'uburundi cahanye amasezerano yo guhanahana abakozi nivyo bihugu vy'abarabu. Ivyo akaba yari yabivugiye kukibuga c'indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye imbere y'uko abo bigeme burira indege bagana muri Arabia Saoudite.

Uwo musi nyene Bizuru Jean Bosco umunyamabanga w'ishirahamwe Société de Formation Professionnelle  et de placement de la main d'œuvre yari yasiguye ko abo bigeme bagiye bafise aho bazoshikira bafise nama numero ya téléphone y'abakoresha babo bazobakira.

Inyuma y'iryo rungikwa rero ryabo bigeme n'abakenyezi bamaze gushikayo basanze uko babiziga atariko biri, ahubwo basanga basa n'abadandajwe. Amakuru ashikira Radio-Haguruka akaba yemeza ko abo bana b'uburundi bashikijwe mu kigo (office) babwirwa ko borindira akazi. Ubu baratabaza kuko ubuzima barimwo buteye ubwoba. Aho bugaraniwe bakaba bafungurirwa udufungurwa duke cane, bavuga ko bari mukwicwa n'inzara ikigeretseko ntibemerewe gukoresha internet, bakaba bacungwa bikomeye kugira ntibashire ahabona ubwo buzima barimwo.

Twibutse ko amashirahamwe yose arungika abo bigeme aho mu bihugu vy'abarabu ari amashirahamwe yegukira abategetsi b'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Akarorero akaba ari nk'ishirahamwe «Eagle Agency for Youth Employment» rifise icicaro mu ntara ya Makamba, ryegukira Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD kurwego rw'igihugu.

Murudandazwa rw'abo bigeme abo bategetsi bakora, umwigeme wese arungitswe gukorera mu bihugu vy'abarabu yinjiriza abamugurisha hagati y'igihumbi n'ibihumbi bibiri vy'amahera y'abanyaburaya (1000 à 2000 Euros). Ni ukuvuga ko Reveriyano Ndikuriyo yinjiza imiliyoni hafi indwi z'amarundi (7.000.000 Fbu) akuye kuri umwe wese muri bano bigeme.

Abanyagihugu bashoboye kuyaga na Radio-Haguruka barababazwa n'ubwo buzima abo bana b'igihugu barimwo aho mu bihugu vy'abarabu, bakabona ko abategetsi ba CNDD-FDD bakomeza gukorera amahano abarundi kuko ivyo barimwo ari urudandazwa kubana b'uburundi. Aha bakaguma bagaruka ku mukuru w'umugambwe CNDD-FDD Reverien NDIKURIYO aguma akinda agaramye mukwigisha abo bakenyezi n'abigeme ngo ariko abategura kubarungika hanze kubera inyungu z'umurengera abizigamwo.

Murabo banyagihugu twaganiriye, harimwo abavuga ko aho ibintu bigeze, reta ya CNDD-FDD ngo batazobona ikintu kiyibakurako, ngo kuko yabahindukiye nk’umuzigo canke urusyo bikoreye kwizosi. Kubwabo, bakavuga ko abarundi bakwiye gufatana munda bakiyamiriza iyo reta bakoresheje inzira zose barekurirwa n’amategeko. Nayo amakungu ngo ntiyari akwiye kubandanya asamazwa n’amajambo yirirwa irabeshwa nabo bategetsi, ngo kuko bimaze kugaragara ko ivyo bavuga atakintu nakimwe bihindura kubuzima bubi abanyagihugu babayemwo.

 

Inkuru yanditswe n'umumenyeshamakuru King Blaise IRANZI.

Partager cet article !