Igiciro c'igitoro caraye kidugijwe kumusi wejo
- Ilitiro y’igitoro co mu bwoko bwa essence igurwa 3.985 FBU, mugihe yahora igurwa 3.250, bisigura ko badugijeko amafaranga agera 735 Fbu.
- Ilitiro y’igitoro co mu bwoko bw'amazutu igiye kugurwa 3.795 FBU, mugihe yahora igurwa 3.450 FBU, aho naho hakaba hadugijweko 345 FBU.
- Ilitiro y’igitoro co mu bwoko bwa peterori nayo igiye kugurwa 3.730 FBU, ikaba ivuye ku 3.150.
Iyo ngingo ikaba yaraye isowe kandi ishirwa ahabona n’Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka.
Ngaha rero hari ibibazo abatari bake bariko baribaza, ariko bataronkera inyishu :
- Ko reta y’uburundi kuva k umukuru w’igihugu baguma basemerera kwibitoro ari rya nawe mububiko buri mu gihugu ca Tanzaniya, nigiki coba gitumye ico gitoro bakiduza, kandi reta yarisanganywe isegenya ry’ibitoro bitagira uko bingana ?
- Muvyo reta yagiye iravuga, yemeza ko ibura ry’igitoro, ririko rirava kukubura imiduga igenda kugitora, ahandi naho ikemezako habaye akagorane kibisata bijejwe gutoza amakori n’amatagisi bibihugu vy’uburundi na Tanzaniya, abantu baribaza nimba izo ngtambamyi zoba arizo zitumye igitoro gica kiduga ?
- Ikindi kibazo abantu bariko baribaza, ni uko igitoro kiduze igiciro mu Burundi, ko rero vyoba bigiye gutuma giheza kikaboneka?
Uko biri kose, biraboneka ko hari igipfungu kidasanzwe muri urwo rudandazwa rw’ibitoro, hamwe no mw’ifatwa ryiyo ngingo yo kuduza ivyo bitoro.
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.
Partager cet article !