• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Angeline Ndayishimiye, yagize icavuga ku kibazo c'abakenyezi n'abigeme baguma barungikwa mu bihugu vy'abarabu

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Angeline Ndayishimiye, yagize icavuga ku kibazo c'abakenyezi n'abigeme baguma barungikwa mu bihugu vy'abarabu

Mugihe abana b'abigeme n'abakenyezi b'abarundikazi bakomeza gutabaza iyo barungikwa mu bihugu vy'abarabu, umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye asaba amashirahamwe  arungika abo bana b'uburundi mu bihugu vy'abarabu kuraba neza iyo babarungitse n'ico bagiye gukora, nayo abo bigeme n'abakenyezi ngo bakwiye kubanza gutohoza iyo bagiye ahariho, eka n'abavyeyi ngo bakwiye kurikanura.

Ivyo akaba aherutse kubishikiriza kwigenekerezo rya 20 Ndamukiza 2023 aho yari avuye mu gihugu kibanyi c'Urwanda mu nama  yo guteza imbere agateka k'abakenyezi (Women Deliver). Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu yabishikirije inyuma yaho hibonekeza abakenyezi n'abigeme baguma barungikwa mu bihugu vy'abarabu, bamara gushikayo bagahura n'ivyago bitandukanye aho bamwe baza baratanguye gutabaza.

Angeline Ndayishimiye akaba yagarutse ku mashirahamwe aherutse gushingwa ajejwe kwandika no kurungika abo bakenyezi n'abigeme, akayasaba kwitonda, akamenya neza iyo arungitse abo bana b'igihugu, Angeline akaba yabandanije atera akamo abo bigeme n'abakenyezi ubwabo kumenya iyo bagira barungikwe ahariho.

Mugihe naho bimaze kugaragara ko abategetsi bene ayo mashirahamwe baguma bahimiriza abavyeyi kwandikisha abana babo b'abigeme bakoresheje kubahendahenda ko bagiye gukorera amafranga y'umurengera, Angeline Ndayishimiye wewe siko abibona, ahanura nyabuna abavyeyi babo bana kurikanura, ntibatwarwe n'amaronko ngo bashore abana babo kuko mur'ino misi hibonekeza abana benshi bahebesha amashure yabo. Angeline abona ko ivyo bigumye uko bicinyiza agateteka k'umukenyezi mu Burundi.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, yavuze kandi ko yashimye kugaruka kur'ivyo biriko bishikira abigeme n'abakenyezi kuko aheruka kwibonera ireresi ya bamwe muri nya bakenyezi bariko batabaza ku mbuga ngurukanabumenyi iyo batwawe mu bihugu vy'abarabu.

Inyuma yo kumva ivyo vyashikirijwe na Angeline Ndayishimiye, abanyagihugu batandukaye bayaze n'abamenyeshamakuru ba Radio-Haguruka, bavuga ko bigaragaza amakenga Angeline afise mu rudandazwa abategetsi ba CNDD-FDD bariko bakora kurabo bana, urudandazwa rumaze kwiyamirizwa n'abatari bake harimwo abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi canke hanze y'igihugu.

Kubwabo banyagihugu ngo biragaragara kandi ko Angeline atinya ko leta y'umugabo wiwe izobazwa ivy'urwo rudandazwa. Ariko abandi barundi bavuga ko bakwiye kwanka urwo rudandazwa rwahevye rugatera ubwoba umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, ngo kugira babone kuva mu buja bashizwemwo niyo let aya CNDD-FDD.

Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.

Partager cet article !