• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ntibikiri ibanga canke ibihuha, Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Sylvestre Nyandwi yasubirijwe

Ntibikiri ibanga canke ibihuha, Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Sylvestre Nyandwi yasubirijwe

Kuva kumusi wejo, mu ntamatama hirya no hino, haravurwa ko mu gisata c’ubutungane hagira habe impinduka. Izo mpinduka bikaba vyavurwa ko zishobora guhitana n’umushinganji w’ubwo butungane umupfasoni Domine Banyankimbona. Abatari bake bakaba bari bagumye babifata nkibihuha, ariko mu masaha yo kumugoroba, akaba ariho vyamenyekana ko inama nkeguzamateka yatumyeko abakenguzamateka kugira ngo baze kwitaba kuri uyu wakabiri, mu gikorwa co kwemeza amazina mashasha ya bamwe mu mubategetsi bakuru bakuru bo murwego rw’abacamanza bagenwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. 

Muri kano kanya rero bikaba bitakiri ibanga canke ibihuha, kuko Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Sylvestre Nyandwi yamaze gusubirizwa na Manirakiza Léonard, umuhutu avuka mu ntara ya Muramvya. Uyo nawe akaba yatowe n'inama nkenguzamateka y'Uburundi mu nama idasanzwe yariko ibera mu ntara ya Gitega, ku majwi 38/39 y'Abakenguzamateka bari bitavye, akaba kandi yari asanzwe arongoye igisata c'imanza z'ivyaha ca sentare ntahinyuzwa, mugihe Sylvestre Nyandwi, yari muri ayo mabanga kuva mu mwaka 2016.

Muyandi mazina yemejwe n’inama Nkenguzamateka y’uburundi, harimwo mazina 8 y'abacamanza bagiye gukora muri sentare ntahinyuzwa, abo n’abo akaba ari Baragengana Modeste, umututsi wo mu ntara ya Bujumbura, Bizimana Clotilde umuhutukazi wo mu ntara ya Gitega, Kaneza Clarisse umuhutukazi wo muri Bubanza, Havyarimana Laurent umuhutu w'i Bururi, Habonimana Josiane umuhutukazi wo muntara ya Rumonge, Ntukamazina Thomas umuhutu wo mu ntara ya Mwaro, Nkundwanimana Alexis umuhutu wo mu Kirundo, hamwe na Nshimirimana Déo umututsi wo mu ntara ya Muyinga.

Ntawuzi ko ivyo guhindura Umushiranganji w'Ubutungane Domine Banyankimbona, bishobora gukorwa munyuma mw’ihindurwa rya leta bivurwa ko ritegekanijwe, canke ko ababivuga boba bavuga ibihuha, ariko ico bikoze, Domine Banyankimbona, niwe yari yishikiye mu nama Nkenguzamateka aserukiye Leta y'Uburundi mu gikorwa co gushikiriza ayo mazina Abakenguzamateka.

Mwomenyako haruhande yamakuru ariko aravurwa ko Manirakiza Léonard, atakintu nakimwe aje guhindura gisumba icuwo yasubiriye Sylvestre Nyandwi, ngo kubera nawenyene asanzwe ari mubantu bakoreye amabi abarundi bishimikije igihagararo basanzwe bafise mu Butungane, hari nabariko baratangazwa no kubona inama Nkenguzamateka ishobora kwemeza amazina mashasha ya bamwe mu bategetsi bakuru bakuru bo murwego rw’abacamanza bagenwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu, hanyuma mu mazina 9 yabantu yemeza, hagashirwamwo abarundi batarenga  babiri gusa (2) bo mubwoko bwabatutsi nayo abandi bagera kurindwi (7) bose bakaba abahutu gusa. Bakabona ko rero igihugu gukira ngo atari ivyavuba mugihe hakirimwo ivyo gukumira bamwe n’abandi mu mabanga y’igihugu. 

Inkuru yanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

 

Partager cet article !