Umukuru w'urwaruka rw'imbonerakure za CNDD-FDD yarahunze inyuma yo kwica umwana w’umuhungu akiri muto
Uwo mukuru w'imbonerakure yitwa Nkurunziza Jean Marie, yakoze amahano avuka ku mutumba Nyakibingo zone Rushubije, Commune Ntega, Intara ya Kirundo. Nayo Ntihinduka Ezechiel akaba ariwe mwana yasezeye isi y'abazima kumusi wejo hahise igenekerezo rya 24 Mukakaro 2023. Uyo mwana Ezechiel akaba yari afise imyaka cumi n'ine y’aavuka (14) Se wiwe amuvyara akaba yitwa Rwasa Koromani, nayo Nyina wiwe akitwa Kanziza Espérance, bose bakaba basanzwe baba kur'uwo mutumba wa Nyakibingo.
Nkuko amakuru twarose abivuga, uwo mwana yapfiriye ku bitaro bikuru vy'intara ya kirundo (Hopital de Kirundo) aho yariko aravurirwa kuva ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2023. Ayo makuru nyene akaba yemeza ko uwo mwana yatwawe aho kur'ivyo bitaro inyuma yo guhuragurwa amahiri na Nkurunziza Jean Marie asanzwe ari we umukuru w'urwaruka rw'imbonerakure z'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi kur'uwo mutumba Nyakibingo wa commune Ntega.
Kubwayo makuru, itandaro ya vyose, ku musi wa gatandatu, uwo mwana Ntihinduka Ezechiel, ngo yariko yenena ku modoka ivyo benshi bita kudunyura, bungingo yururutse niho yaca afatwa na wa mukuru w'imbonerakure Nkurunziza Jean Marie, ubwo nyene aca atangura kumuhuragura amahiri. Bikavurwa ko yamukubita buyoka, inkoni zo gupfa. Murako kanya, ngo nta muntu n'umwe yari yemerewe kwegera ngo atabare uwo mwana. Nkuko bivurwa n'ababibonye bayaze n'umumenyeshamakuru wa Radio-Haguruka King Blaise Iranzi.
Amakuru dufise abandanya yemeza ko iyo mbonerakure imaze kubona wa mwana Ezechiel aremvye, ngo yaciye yigira muhira ataco yinona. Munyuma, abavyeyi b'uwo mwana ndetse n'ababanyi ngo ntako batakoze mu gutabaza mu batware guhera ku mukuru w'umutumba wa Nyakibingo, Nsabimbona Dionise, basaba ko iyo mbonerakure ihagarikwa ariko akaba atanyishu bigeze bahabwa. Abavyeyi baratabaje no kuri Musitanteri w'iyo commune ya Ntega, Mbazabugabo Pierre Claver, ariko aho hose ngo ntanyishu yo guhagarika iyo mbonerakure bigeze bahabwa. Inyishu bahabwa babwirwa ngo « Banza muvuze umwana akire, ibindi tuzobijamwo munyuma » iyo niyo nyishu Musitanteri yahaye umuryango wa Ezechiel Ntihinduka.
Ejo hahise, kw'igenekerezo rya 24 Mukakaro 2023, mu masaha y'imbere y'umutaga bimaze kumenyekana ko uwo mwana Ezechiel yitavye Imana, ya mbonerakure Jean Marie Nkurunziza yaciye iyanyaga. Amakuru twaronse aremeza ko iyo mbonerakure yaciye inyegezwa n'abategetsi harimwo umukuru w'umutumba, bakaba bagiye kumuhungisha ahantu hatarashobora kumenyekana.
Abanyagihugu b'aho mu Kirundo twashoboye kuyaga agashavu kakaba ari kenshi kuko izo mbonerakure aho mu Kirundo zidasiba guhohotera abanyagihugu ariko ntizigere zihanwa. Basaba ko abategetsi bo hejuru bofasha kugira iyo mbonerakure irengutswe imbere y'ubutungane, nayo abandi bavuga ko ibiriko bikorwa n'abategetsi ba CNDD-FDD mukuguma bakingira ikibaba inkozi z'ikibi atakabuza bizokwega akarambaraye mu gihugu c'uburundi kuko abanyagihugu bashobora gutangura kwihanira.
Bakabona ko abarundi bose bakwiye gufatana munda bakanka ko intwaro ya CNDD-FDD iguma ibarererako imbonerakure kuko amaraso adasiba guseseka mu gihugu c'Uburundi.
Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.