Habandanya kwibonekeza ibiziga vy'abarundi b'inzirikarengane bitorwa hirya no hino mu gihugu
Ikiziga giherutse gutorwa, ni ico umuntu w’umugabo w'imyaka 67, kikaba catowe kuruyu wa mbere itariki 07 Myandagaro 2023. Kikaba kandi catowe hagati y'isaha zibiri n'isaha zitatu z'agatondo ku kabarabara kitiriwe Muramvya, muri zone Rohero, Commune Mukaza ku murwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura.
Uwo mugabo nk'uko vyabonekera kuri karangamuntu yiwe yari iryamitse iruhande y'ikiziga ciwe, yitwa Manirakiza Léonidas akaba yavutse mu mwaka wi 1956 ku mutumba Rucunda, Commune Rusaka, mu ntara ya Mwaro.
Amakuru ashikira Radio-Haguruka akongera akemezwa nababonye ikiziga ubwa mbere, avuga ko uwo mugabo Léonidas yishwe anizwe hama akubitwa ikintu mu mutwe ngo kuko hari huzuye amaraso menshi. Ikindi cagaragara nkuko vyabandanije bivurwa nabamubonye, ngo ni uko uwo mugabo yiciwe ahandi hantu, ngo hanyuma abo bagizi ba nabi bamugandaguye bagaca bazana ikiziga ciwe kugita aho kur'ako kabarabara.
Ayo makuru kandi avuga ko abajejwe intawaro ngo bahavuye bahashika, ngo hanyuma baca bafata ingingo yo kujana ico kiziga mu buruhukiro bw'ibitaro Prince Régent Charles.
Abanyagihugu twahaye micro, bariyamiriza ubwo bwicanyi budasiba kwibonekeza kur'ino ntwaro ya CNDD-FDD, ngo ntivyumvikana ingene abarundi bobandanya bapfa ku bwinshi, bakabona ko abarundi ari bo bonyene bakwiye guhagarika ubwo bwicanyi bw'inzirakarengane, mu kwikurako iyo ntwaro ya CNDD-FDD.
Hano kuri Radio-Haguruka twagerageje kurondera Rénovat Sindayihebura Musitanteri wa Komune Mukaza kugira tumubaze vyinshi kur'ico kiziga catowe muri commune arongoye, ariko tukaba twaramukenye.
Inkuru yanditswe na King Blaise IRANZI.